{"id":6920,"date":"2022-01-26T19:38:01","date_gmt":"2022-01-26T18:38:01","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6920"},"modified":"2022-01-26T19:39:09","modified_gmt":"2022-01-26T18:39:09","slug":"therence-sindayigaya-umwuga-aharura-amamiriyoni-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/therence-sindayigaya-umwuga-aharura-amamiriyoni-burundi\/","title":{"rendered":"Th\u00e9rence Sindayigaya, kubera umwuga, aharura amamiriyoni"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amahera ngo uyirukanze inyuma aragusiga. Ariko witunganije neza ukiga umwuga canke ukitunganiriza umugambi, ni yo asigara akurondera. Iryo ni ibanga rya Th\u00e9rence Sindayigaya w\u2019imyaka 29 akora umwuga wo gushona i Bugarama, muri komine n\u2019intara ya Muramvya. Inkuru yiwe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Yarize ariko ntiyaminuje. Afise urupapuro rw\u2019umutsindo rw\u2019amashure yisumbuye \u00ab Humanit\u00e9s g\u00e9n\u00e9rales. \u00bb Th\u00e9rence Sindayigaya, ntabarizwa muri bamwe bavuga ko bazobeshwaho n\u2019akazi ka Reta. Oya. Kira noneho, ngo kuva mu buto bwiwe, kwicara ata co ariko arakora kimwinjiriza yabigize umugani. Kubwa ivyo ku kwanka kurera amaboko, hampande y\u2019amashure yari ahejeje gusoma, yariyumviriye no kwiga umwuga wo gushona kugira arondeze umugambi womwinjiriza amahera.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico gihe avyiyumvira nta buryo yari afise bwo kwiyigisha uwo mwuga. Avuga ko yahakuwe na muvyarawe yari asanzwe azi gushona, maze aca aramwigisha. Muri ico gihe ariko abavyeyi bari bamuhaye aho arima imboga mu nyuma arazishora agura ingurube 2 n\u2019impene 2, arazorora ziragwira. Yagiye gukuramwo izo agurisha aca akuramwo amafaranga 600.000 Fbu. Gutyo aba araronse intango. Kubera ko yari amaze kumenya gushona, ayo mafaranga yose yaciye ayakoresha nk\u2019umutahe kugira atangure uwo mwuga. Aho hari mu mwaka wa 2016.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019imashine zibiri, umwana w\u2019abahungu aba aratanguye umwuga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntango rero Th\u00e9rence Sindayigaya yaguze imashini zibiri zo gushona, yongera apanga inzu y\u2019ibihumbi 50 ku kwezi, araheza atangura ibikorwa. Kuva ico gihe yagiye arongereza ibikorwa n\u2019uburyo bwo kubikora. Umutahe agezeko ubu uharurirwa mu mamiriyoni. Abantu baramuhurumbira. Bitayeko avuga ko umwuga yawugize uwiwe ku buryo abamwitura bamugomwa ubuhinga n\u2019ubumenyi mu vyo akora. Agira ati : \u00ab <em>Nta muntu aza kunyitura ashaka gushaza ntatunganiriza. Kuko imideri ishoboka yose ndayigerageza. Haba ku mpuzu z\u2019abagore, iz\u2019abagabo, iz\u2019imisore n\u2019iz\u2019inkumi, ndetse n\u2019abakiri bato, zose ndazigira wararaye. Eka no kwubahiriza ikiringo nabigize ivyanje kuko na vyo biri mu bituma abakiriya bampurumbira. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Akunguko mu vyo akora<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku kwezi akuyemwo ivyo yakoresheje vyose agahemba n\u2019abo akoresha arasigarana n\u2019imiburiburi amafaranga y\u2019amarundi angana 150. 000. Gushika ubu arashima ko amaze kwiyubakira inzu. Th\u00e9rence aramaze kandi kwigisha umwuga urwaruka rutari ruke : ubu akaba ariko arakoresha urwaruka bagera kuri 2, hamwe n\u2019abandi 3 ariko arigisha.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwiwe, ntaragera aho ashaka. Sindayigaya avuga ko agifise ikibazo co kuronka imashini zihanitse, zikoresha umuyagankuba zigafasha mu gushariza neza impuzu. Ariko ngo nubwo izo mashini zizimvye, kuzironka Th\u00e9rence yabigize ihangiro ryiwe. Uretse n\u2019ivyo, mu migambi yiwe ashaka kwiga yongereze ubumenyi afise ku buryo ata muderi n\u2019umwe uzoza umukanga maze abakiriya biwe ashobore kubaha ico bazoba bipfuza cose.Uwo mufundi w\u2019impuzu mu gushona atera akamo urundi rwaruka ko rwokwijukira kwiga umwuga hama rukawushira mu ngiro, ibindi vy\u2019amafaranga ngo biraheza bigakurikira.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amahera ngo uyirukanze inyuma aragusiga. Ariko witunganije neza ukiga umwuga canke ukitunganiriza umugambi, ni yo asigara akurondera. Iryo ni ibanga rya Th\u00e9rence Sindayigaya w\u2019imyaka 29 akora umwuga wo gushona i Bugarama, muri komine n\u2019intara ya Muramvya. Inkuru yiwe. Yarize ariko ntiyaminuje. Afise urupapuro rw\u2019umutsindo rw\u2019amashure yisumbuye \u00ab Humanit\u00e9s g\u00e9n\u00e9rales. \u00bb Th\u00e9rence Sindayigaya, ntabarizwa muri bamwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6921,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[131,550],"coauthors":[34],"class_list":["post-6920","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-muramvya","tag-nuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6920","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6920"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6920\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6922,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6920\/revisions\/6922"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6921"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6920"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6920"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6920"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6920"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}