{"id":6908,"date":"2022-01-26T15:45:12","date_gmt":"2022-01-26T14:45:12","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6908"},"modified":"2022-01-26T15:46:52","modified_gmt":"2022-01-26T14:46:52","slug":"egide-mpabwanayo-bitumwako-bworozi-ingurube-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/egide-mpabwanayo-bitumwako-bworozi-ingurube-burundi\/","title":{"rendered":"\u00c9gide Mpabwanayo, bitumwako mu bworozi bw\u2019ingurube"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Wa wundi ngo ishure ryiza rigutegurira kazoza keza, ntiyabeshe. Yarangije kaminuza y\u2019i Ngozi mu gisata cigisha uburimyi no kwitunganiriza imigambi mu 2018. Egide Mpabwanayo yorora ingurube akongera akanahingura ivyo azigaburira. Inyuma y\u2019umwaka umwe n\u2019igice gusa, ubworozi bwiwe bwungutse incuro zirenga cumi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aba ku mutumba Kirambi, komine Rusaka yo mu ntara ya Mwaro. Egide Mpabwanayo afise imyaka 32. Afadikanije n\u2019umuryango, baregeranije umutahe ugera ku miriyoni 4 z\u2019amarundi, hama abaja imbere arabarongora batangura ubworozi bw\u2019ingurube. Uwo mutahe wakoze mu kwubaka inyubako za kijambere no kugura ibibuguru 6. Aho hari mu mpera z\u2019ukwezi kwa mbere mu 2020.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu bibazo uwo mugambi wo kworora ingurube ugamije kwishura, harimwo gushigikira uburimyi, biciye mu guhangana n\u2019ikibazo c\u2019ikena ry\u2019amase rituma umwimbu utaba uwushimishije mu karere Egide abamwo, kandi no kurondera ikija mu mufuko bidasigaye inyuma.<\/p>\n\n\n\n<p>Wa wundi ngo ishure ryiza rigutegurira kazoza keza, ntiyabeshe. Yarangije kaminuza y\u2019i Ngozi mu gisata cigisha uburimyi no kwitunganiriza imigambi mu 2018. Egide Mpabwanayo yorora ingurube akongera akanahingura ivyo azigaburira. Inyuma y\u2019umwaka umwe n\u2019igice gusa, ubworozi bwiwe bwungutse incuro zirenga cumi. \u00c9gide Mpabwanayo, bitumwako mu bworozi bw\u2019ingurube<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Arihingurira ingaburo z\u2019ingurube yoroye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe ingaburo z\u2019ingurube nk\u2019i turuto (\u201ctourteau\u201d) zizimvye ngaho mu Rusaka, Egide we yarivumburiye ubuhinga bumufasha kuronka ingaburo z\u2019ubusho bwiwe zimeze neza kandi atazimbwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Uti none abikora gute? Agira ati: \u00ab <em>Burya akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze. Nifashishije ubumenyi narahuye mu gihugu c\u2019Ubugande hamwe n\u2019ubushakashatsi ngira ku buhinga ngurukanabumenyi, ndorora inyo (\u201clarves\u201d) nkura mu magi y\u2019isazi akaba ari na zo nsubiriza ya turuto ikorwa mu mise y\u2019ibigazi isanzwe ikoreshwa cane mu kugaburira ingurube. <\/em>\u00bb Yongera kandi ati: \u00ab <em>Uretse ko izo nyo<\/em> (larves)<em> norora zirimwo ivya nkenerwa vyinshi cane, kuzorora bituma amafaranga noshize mu ngaburo y\u2019ingurube agabanuka. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ubuhinga bwa Egide ntibugarukira mu guhingura ingaburo honyene. Izo ngurube yoroye yarazubakiye ku buhinga budasanzwe butuma amaganga yazo atembera mu kibanza cubakiye aho yegeranira maze bagaheza bakayakoresha mw\u2019irima, iruhande y\u2019amase asanzwe, mu gufumbira amatongo. Mbere arikugura ko umurima umijwemwo ayo maganga ibiterwa bitewemwo bikura vyiruka.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igitigiri c\u2019ingurube atunze kimaze kwikuba incuro 10<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Yatanguje ibibuguru 6 gusa. Uyu munsi ageze ku ngurube 61 mu kiringo kidashika n\u2019imyaka 2. Aravye agaciro izo ngurube zifise narirya ari iza kijambere, avuga ko ziciye imiriyoni z\u2019amarundi 8. Egide ntaratangura kuzigurisha uretse ibibuguru 9 yagurishije ku makoperative ashaka na yo kugwiza ico gitungwa. Ku mezi 4 gusa zari zimaze, ikibuguru kimwe akaba yakigurishije amafaranga ari hagati ya 90.000 na 100.000 y\u2019amafaranga y\u2019amarundi. Kubw\u2019ibikorwa akora benshi baramuhurumbira kandi aranabigisha ibijanye n\u2019ingene bokworora kijambere.<\/p>\n\n\n\n<p>Ihangiro rya Egide \u201cni ukugira ikigo kinini cane c\u2019ubworozi bw\u2019ingurube ku buryo batangura kudandaza bashikanye n\u2019imiburiburi ingurube 200\u201d. Aracafise intambamyi yo kubura imashini yomufasha gutegurira icarimwe ingaburo nyinshi zo kuzigaburira ariko ngo arizera ko bukebuke azoyironka.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Wa wundi ngo ishure ryiza rigutegurira kazoza keza, ntiyabeshe. Yarangije kaminuza y\u2019i Ngozi mu gisata cigisha uburimyi no kwitunganiriza imigambi mu 2018. Egide Mpabwanayo yorora ingurube akongera akanahingura ivyo azigaburira. Inyuma y\u2019umwaka umwe n\u2019igice gusa, ubworozi bwiwe bwungutse incuro zirenga cumi Aba ku mutumba Kirambi, komine Rusaka yo mu ntara ya Mwaro. Egide Mpabwanayo afise [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6916,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[216],"tags":[467,550],"coauthors":[34],"class_list":["post-6908","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubworozi","tag-imigambi","tag-nuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6908","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6908"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6908\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6917,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6908\/revisions\/6917"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6916"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6908"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6908"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6908"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6908"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}