{"id":6907,"date":"2022-01-26T15:18:17","date_gmt":"2022-01-26T14:18:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6907"},"modified":"2022-01-26T15:21:11","modified_gmt":"2022-01-26T14:21:11","slug":"pamphile-bayubahe-inkwavu-zaramukuye-bukene-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/pamphile-bayubahe-inkwavu-zaramukuye-bukene-burundi\/","title":{"rendered":"Pamphile Bayubahe Inkwavu zaramukuye mu bukene"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Bayubahe yatanguriye ku kworora inkoko, ariko yaje kuzigurisha zose yiyororera inkwavu. Ku nkwavu 10 gusa yatanguje ubu afise uruhongore rw\u2019inkwavu 95 kandi izindi aguma ashora. Arazivuga kandi ngo ntazozitera akagere kuko ziramutunze. Reka turabe aho yaciye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Afise imyaka 32. Bayubahe Pamphile aba ku mutumba Bubezi muri zone, komine n\u2019intara ya Kayanza. Ariko asanzwe avuka i Ngozi. Yarize ariko ntiyayamaze. Amashure yiwe yayahagaritse ageze mu w\u2019icumi bimwankiye ku mvo z\u2019amikoro make inyuma yo kubura umuvyeyi. Hari mu 2014. Kubandanya amashure bimaze kutamukundira, yaciye atangura kurondera ubuzima. Ntaho ataburondereye, haba i Tanzaniya, canke mu zindi ntara zo mu Burundi.<\/p>\n\n\n\n<p>I Tanzaniya Bayubahe yamaze umwaka wose. Yagarutse mu Burundi abandanya mu Cibitoke ca Rugombo naho nyene gutigita ubuzima. Yahavuye aja no mu Kayanza ari naho ari gushika ubu kandi yipfuza kuzoguma abandaniriza imigambi yiwe. Ashitse mu Kayanza yararonse uwo akorera ariko yongera ashima gukora ivyiwe ku ruhande. Imbere yo kworora inkwavu rero yatanguriye ku nkoko. Imiswi 10 gusa yatanguriyeko ivyo kworora yamushikanye ku bworozi bw\u2019inkwavu. Pamphile Bayubahe Inkwavu zaramukuye mu bukene<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Ubuzima bwarafashe intumbero<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Akoresheje amafaranga arenga gato 50.000 Fbu yarishikiye ku Mutoyi i Gitega agura imiswi y\u2019inkoko 10 arayizana. Yarayoroye gushika aho inyuma y\u2019umwaka n\u2019igice yari ageze ku nkoko 80. Ariko kubera yahura n\u2019ikibazo c\u2019imiti yo kuzivura kandi zikamutwara uburyo bwinshi, harimwo n\u2019ubwo kuzigaburira, yarazihevye aja mu vyo kworora inkwavu.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kwezi kwa Myandagaro mu 2020, Bayubahe yaragurishije inkoko zose, amahera yose akuyemwo aca ayubakisha inzu y\u2019inkwavu ya kijambere igeretse ayishiramwo inkwavu 10 zikuze. Gutyo aba aratanguye ubworozi bw\u2019inkwavu we nyene yemeza ko bumworohera gukurikirana. Umutahe yatanguje wose hamwe nkuko avyivugira ukaba ungana na 870.000 Fbu harimwo n\u2019ayo yakoreheje mu kuzubakira.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye no kuzikurikirana, uwo mworozi w\u2019inkwavu agira ati : \u00ab <em>Biciye ku buhinga ndahura ku mugenzi wanje yiga ivy\u2019ubuvuzi bw\u2019ibitungwa muri kaminuza, ibijanye no kuzivura ari nko kuzitera inshinge n\u2019ibindi ndashobora kuvyikorera. Eka burya no muri Tanzaniya nararahuyeyo ubumenyi bw\u2019ukugene zororwa.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ivy\u2019akanoti n\u2019indoto za kazoza \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bayubahe ati : \u00ab <em>Sindagera kugurisha nyezina ariko mu kiringo gito maze ndazorora, inyungu ata nkeka iragaragara. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ku myaka ibiri itarenga, uruhongore rwa Bayubahe ubu rurimwo inkwavu 95. Aho mu Kayanza, na ho, avuga ko urukwavu rumwe rugurwa hagati ya 8.000 Fbu na 12.000 Fbu. Ico arindiriye ngo ni uko zobanza zikagwira kugira ngo abamutumbera ntibaze babure. Akanezerezwa nuko aho mu Kayanza hari amahoteri, amazu y\u2019uburiro ndetse n\u2019abandi bashaka kworora basanzwe bazihurumbira. Bitayeko ngo n\u2019abanyabujumbura baramaze kumwemerera isoko. Bayubahe ubu avuga ko ubuzima yaburonse mbere bwafashe intumbero irashe kuva aho avumburiye ivyo kworora inkwavu.<\/p>\n\n\n\n<p>Hejuru yo kuzigurisha, Bayubahe avuga ko n\u2019amaganga y\u2019inkwavu avamwo imiti yo gukingira ibiterwa. Mu ndoto ziwe rero hakaba harimwo kuzogera aho ahingura iyo miti. Iruhande y\u2019ivyo, Bayubahe akaba ashaka kugira ubworozi bw\u2019inkwavu umwuga udasanzwe, yorore nk\u2019inkwavu ibihumbi mirongo hamwe ahantu hose umuntu avuze urukwavu, baca bamurangira kwa Bayubahe. Akamo atera urwaruka ngo nuko rwo kwihitiramwo umwuga rukora kukabankako ngo nta mwuga udakiza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bayubahe yatanguriye ku kworora inkoko, ariko yaje kuzigurisha zose yiyororera inkwavu. Ku nkwavu 10 gusa yatanguje ubu afise uruhongore rw\u2019inkwavu 95 kandi izindi aguma ashora. Arazivuga kandi ngo ntazozitera akagere kuko ziramutunze. Reka turabe aho yaciye. Afise imyaka 32. Bayubahe Pamphile aba ku mutumba Bubezi muri zone, komine n\u2019intara ya Kayanza. Ariko asanzwe avuka i [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6909,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[216],"tags":[555,550],"coauthors":[34],"class_list":["post-6907","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubworozi","tag-inkwavu","tag-nuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6907","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6907"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6907\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6915,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6907\/revisions\/6915"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6909"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6907"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6907"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6907"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6907"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}