{"id":6880,"date":"2022-01-19T08:41:05","date_gmt":"2022-01-19T07:41:05","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6880"},"modified":"2022-01-19T08:47:12","modified_gmt":"2022-01-19T07:47:12","slug":"ibanki-bije-ibikorwa-bigezehe-urwaruka-iterambere-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibanki-bije-ibikorwa-bigezehe-urwaruka-iterambere-burundi\/","title":{"rendered":"Ibanki BIJE, ibikorwa bigeze he?"},"content":{"rendered":"\n
Yashinzwe canecane kugira ishigikire imigambi y\u2019urwaruka, hambavu yuko ari ibanki y\u2019ubudandaji. Ibanki yo gushigikira imigambi y\u2019iterambere mu rwaruka BIJE, ubu iri ku kivi kuva muri Nzero 2021. Amadosiye 825 y\u2019abashaka gushigikirwa yaremewe, nayo urwaruka 166 rumaze kuronswa ingurane gushika mu ntango z\u2019ukwezi kwa Myandagaro 2021 \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n
\u00ab Iyo banki isa n\u2019iyatanguye ibikorwa iteba gato, ariko igihambaye nuko ubu iri ku kivi.<\/em> \u00bb Ivyo vyavuzwe n\u2019umwe mu rwaruka rwitunganiriza imigambi y\u2019iterambere wo mu Kayanza, igihe twari mw\u2019isekeza ry\u2019umugambi \u00ab NUKU \u00bb wo kumenyekanisha urwaruka ruriko rurarangura imigambi yo kwiteza imbere hirya no hino mu gihugu. Sixte Niyuhire umuyobozi mukuru wa \u00ab BIJE\u201d yemeza ko amadosiye 825 y\u2019abashaka kwitunganiriza imigambi yari amaze kwemerwa kugira azoronswe ingurane gushika kw\u2019igenekerezo rya 6 Myandagaro 2021.<\/p>\n\n\n\n
Gutyo nyene, gushika kuri iryo genekerezo, urwaruka 166 rwitunganiriza imigambi ruva mu makomine 19 ari mu ntara 12 rwari rumaze kuronswa ingurane nkuko abandanya abimenyesha. Ariko rero urwo rwaruka ni urwishize hamwe mu makoperative canke mu mashirahamwe nk\u2019uko vyashikirijwe na Niyuhire ku wa 6 Myandagaro aho umushikiranganji ajejwe urwaruka yagendera iyo banki.<\/p>\n\n\n\n
Ingurane itangwa hakurikijwe ibisabwa\u2026 <\/strong><\/p>\n\n\n\n
Urwaruka rutari ruke ntiruzi ibisabwa n\u2019iyo ruca kugira ruronke ingurane muri \u00ab BIJE \u00bb. Iyo ngurane itangwa ari uko ikigega kijejwe guteza imbere imigambi y\u2019urwaruka \u00ab FIGA \u00bb kikwishingiye. Ivyo rero kugira bikunde hari ivyo urwaruka rusabwa kugira rwuguruze ikonti. Ivyo na vyo ni nkuko rutegerezwa kuba ruhurikiye muri koperative canke rufise ishirahamwe, kuba iryo shirahamwe canke ihinguriro rifise amategeko arigena kandi rikaba ryemewe n\u2019ikigo \u00ab API \u00bb canke \u00ab ANACOOP \u00bb b\u2019ibindi
Ibisabwa mu kwuguruza konti mw\u2019ibanki BIJE<\/strong>
> Kuba ari ikoperative, ishirahamwe canke ihinguriro
> Kuba ishirahamwe rifise amategeko agena ishirahamwe ariko n\u2019icemezo ca ANACOOP canke ca API
> Kuba ishirahamwe rifise icegeranyo c\u2019inama ya bose gishinga ishiramwe
> Kuba ishirahamwe rifise icegeranyo c\u2019inama ya bose gishiraho abazokurikirana ubutunzi bw\u2019ishirahamwe kuri konte igihe batavuzwe mu cegeranyo gishinga ishirahamwe
> Ikete ryo gusaba kwugurura konti ryerekana abafise uburenganzira bwo gukura amahera kuri konti nuko bashobora kubikora (babiri muri batatu canke ko batatu bose bategerezwa kuvyemeza)
> Kuba mufise urupapuro ndangakoperative rutangwa na ANACOOP
> Inomero ndangamudandaza hamwe n\u2019igitabu c\u2019ubudandaji
> Kuzana ifoto ngufi (photo passeport) imwe ku muntu kuri bamwe batorwa ngo bazohore bakurikirana ubutunzi bw\u2019ishirahamwe
> Kuzana ifotokopi z\u2019amakarata karangamuntu zabamwe batorerwa igikorwa co gukurikirana ubutunzi bw\u2019ishirahamwe
> Urutonde rw\u2019abanywanyi bose b\u2019ishiramwe ruriko inomero za karangamuntu zabo, amanimero y\u2019amaterefone yabo hamwe n\u2019imikono yabo hamwe
> Kwibangikanya imbitso z\u2019ibanze zingana n\u2019ibihumbi mirongo ibiri vy\u2019amarundi (20.000fbu).
Ibikenewe mu gusaba ingurane<\/strong>
> Umugwi ishirahamwe ririmwo ikoperative (Ishirahamwe (Entreprise), Ihinguriro)
> Umwidondoro (Inomero ndangamudandaza (NIF), Igitabu c\u2019ubudandaji (RC))
> Impapuro zitangwa n\u2019intwaro kandi zica kwa noteri (Amategeko agena ishirahamwe, Amategeko ngenderwako y\u2019ishirahamwe, Icegeranyo c\u2019inama nkuru ya bose gishiraho abajejwe gukurikirana ubutunzi kuri konte, Icegeranyo c\u2019inama nkuru ya bose yo gusaba ingurana muri BIJE)
> Abajejwe gukurikirana ubuzima bw\u2019ishirahamwe (Umwidondoro w\u2019abajejwe gukurikirana ubutunzi kuri konte, abagize urwego nshingwantwaro hamwe n\u2019abagize urwego nkenguzabikorwa, Inomero za terefone z\u2019abajejwe gukurikirana ubuzima bw\u2019ishirahamwe, Ikopi z\u2019amakarata karangamuntu z\u2019abajejwe gukurikirana ubutunzi bw\u2019ishirahamwe kuri konte, Ikopi z\u2019amakarata karangamuntu z\u2019abanywanyi bose b\u2019ishirahamwe
> Gusaba ingurane (Ikete ryo gusaba ingurane ririko icemezo ca musitanteri wa komine)
> Ibisata bishigikirwa na BIJE (Uburimyi, Ubworozi, Guhingura ibivuye mu burimyi, Guhingura ibivuye mu bworozi, Igisata c\u2019ingenzi n\u2019amahoteri, Igisata kijanye n\u2019ubuhinga bwo guhanahana amakuru no gutumatumanako, Ubuhinga n\u2019akaranga, Ibidukikije)
> Ibindi bisabwa (Ibiharuro vyitezwe inyuma yirangurwa ry\u2019umugambi, Integuro y\u2019umugambi mugiye gukora , Ibiharuro vyerekana ubutunzi bw\u2019ishirahamwe
> Urutonde rw\u2019abaheranye (Gusuzuma ko atamunywanyi numwe ari kurutonde rw\u2019abanywanyi b\u2019amabanki baheranye)<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
Yashinzwe canecane kugira ishigikire imigambi y\u2019urwaruka, hambavu yuko ari ibanki y\u2019ubudandaji. Ibanki yo gushigikira imigambi y\u2019iterambere mu rwaruka BIJE, ubu iri ku kivi kuva muri Nzero 2021. Amadosiye 825 y\u2019abashaka gushigikirwa yaremewe, nayo urwaruka 166 rumaze kuronswa ingurane gushika mu ntango z\u2019ukwezi kwa Myandagaro 2021 \u2026 \u00ab Iyo banki isa n\u2019iyatanguye ibikorwa iteba gato, ariko […]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":6881,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[534,550],"coauthors":[505],"class_list":["post-6880","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-bije","tag-nuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6880","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6880"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6880\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6884,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6880\/revisions\/6884"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6881"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6880"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6880"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6880"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6880"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}