{"id":6867,"date":"2022-01-17T15:58:07","date_gmt":"2022-01-17T14:58:07","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6867"},"modified":"2023-10-08T10:50:02","modified_gmt":"2023-10-08T08:50:02","slug":"kurera-neza-si-gurutubika-imiryango-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kurera-neza-si-gurutubika-imiryango-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Wa gipfu we, je sinavyaye naherekeje abandi&#8230; \u00bb Burya none kurera neza ni ugurutubika ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uza wumva ngo kora iki, ja aha, nzanira iki, umwana ntatevye gukora ivyo nyina amubwiye kumbure kubera ko yarushe, ukumva ngo wa gipfu we, nta co uzimarira, nta mwana urimwo, jewe sinavyaye nk\u2019uko abandi bavyeyi bavyara naherekeje abandi&#8230; Canke ukumva nyina w\u2019umwana arinamuye ngo inda yavuyemwo wewe yarigupfuma ivamwo. Uriyumvisha ayo majambo aba ariko arabwirwa umwana kabisa ? Njebas arahanura aba \u2018\u2019mama\u2019\u2019&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Bavyeyi, oya ni ukuri namwe murarenza. Erega naho indero y\u2019umwana itukwa nyina wiwe, singombwa ngo kumurera neza urinde kubigira mu kumurya umutima. Uko umwana umurera gisoda ni ko akura yarashishwe kuburyo ata kintu na kimwe mu bimubakiye ku mutima yokwipfuza kukuyagira. Si ikinyegezwa abagore benshi mu kibano bararya umutima abana babo bibwira muri bo ngo bariko barabacisha ubwenge. Babona ko umwana atama ariko arakora ngo burinde bwirira aba ariko ararerwa nabi. Bamwita \u2018\u2019ikirekere.\u2019\u2019 Ikinebwe. Ngo yarezwe \u2018\u2019tambuka uza ino\u2019\u2019.<\/p>\n\n\n\n<p>Ishire mu kibanza c\u2019umwana wumve ingene womererwa ari wewe uriko urabwirwa mwene ayo majambo atuntuza. Utumagizwa, uzembagizwa, uvumagurwa amate mu maso, utorwa amakosa y\u2019urutavanako, utukwa canke ukubitwa. Wokwiyumva gute ? Uwo muntu womukunda canke wo muhunga ?<\/p>\n\n\n\n<p>Burya bagenzi mwibuke ko umwana umureze umuturubika akura agutinya. Akishiramwo ko afise umuvyeyi akaze, atinyitse atoyagira akamubakiye. Rero uko umwana azogenda arakura ni ko azogenda aratinya nyina kuburyo adashobora kumwisanzurako ngo amubwire ibimuri ku mutima.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uti none nyina w\u2019umwana yotanga indero gute ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni ukuri kw\u2019Imana, bavyeyi mwiyegereze abana nabo bazobegera. Ariko nimwabakarira bazobatinya bongere babahunge. Bavyeyi burya umwana urashobora kumwiyegereza mugakorana utuntu two mu rugo, umuganiriza, ukamushimira ku two ariko arakora utamurya umutima. Uko mumenyerana ni ko akwisanzurako mbere ukanisanga ariko arakubwira amabanga yiwe. Ugasanga arakubwiye nk\u2019amahindagurika y\u2019umubiri agenda aragira, gutyo ukamenya n\u2019uburyo uca umuyagisha ukagirako umwereka uburyo yokwifata ufatiye ku bigero arimwo. Muri ico gihe, ikiyago gica coroha, n\u2019impanuro uca uzitanga neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Ego ni vyo, igiti kigororwa kikiri gito, ariko muvyeyi kumenya uburyo ushobora kwegera umwana ukamuyagisha neza biramwubaka umutima. Nk\u2019akarorero ukamusohokana, mukajana nko mw\u2019isoko ukamuha uburenganzira bwo kwicagurira nk\u2019impuzu, ubonye acaguye agahuzu kagufi cane ukamubwira ko ari keza ariko ari gato, ko mu gihe yokambara yoboneka nk\u2019uwuhenye. Kandi guhena mw\u2019ibarabara atari vyiza, ko hari n\u2019abomugirira nabi, mbere ko n\u2019imico y\u2019igihugu c\u2019Uburundi ihanura abantu kwambara bakikwiza.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni ukuri kwose, muvyeyi, uko umarana umwanya n\u2019umwana wawe ntube umwanya wo kumurya umutima, kumutuka no kumutora amakosa ya buri mwanya, ahubwo kumuganiriza neza no kumwereka uturorero twiza twibonekeza mu kibano ni vyo bizotuma murushiriza kuba abagenzi, gutyo n\u2019impanuro uzomuha azozakirana umutima ukunze.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uza wumva ngo kora iki, ja aha, nzanira iki, umwana ntatevye gukora ivyo nyina amubwiye kumbure kubera ko yarushe, ukumva ngo wa gipfu we, nta co uzimarira, nta mwana urimwo, jewe sinavyaye nk\u2019uko abandi bavyeyi bavyara naherekeje abandi&#8230; Canke ukumva nyina w\u2019umwana arinamuye ngo inda yavuyemwo wewe yarigupfuma ivamwo. Uriyumvisha ayo majambo aba ariko arabwirwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6868,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[247],"coauthors":[189],"class_list":["post-6867","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6867","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6867"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6867\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6869,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6867\/revisions\/6869"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6868"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6867"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6867"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6867"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6867"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}