{"id":6854,"date":"2022-01-16T17:19:12","date_gmt":"2022-01-16T16:19:12","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6854"},"modified":"2022-01-16T17:19:40","modified_gmt":"2022-01-16T16:19:40","slug":"aime-mugisha-intwari-ubuhinga-bwanone-kirundo-nuku-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/aime-mugisha-intwari-ubuhinga-bwanone-kirundo-nuku-burundi\/","title":{"rendered":"Aim\u00e9 Mugisha Intwari mu vy\u2019ubuhinga bwa none mu Kirundo"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Aim\u00e9 Mugisha ni umusore w\u2019imyaka 30. Aba mu ntara na komine Kirundo, ku mutumba Runanira ya 2. Yize amashure yisumbuye mu vy\u2019ubuhinga bujanye n\u2019inyabwonko (informatique) ubu akaba akora ama \u00ab logiciels \u00bb ubuhinga bushirwa mu nyabwonko kugira bufashe mw\u2019itunganywa ry\u2019ibikorwa kanaka. Arabikamisha kandi aravyishimira.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Si ivya bose kumenya ibijanye n\u2019ama \u00ab logiciels \u00bb. Aim\u00e9 Mugisha ati : \u00ab <em>Maze kubona ko aho mperereye hari intambamyi zo kubura abantu basanzwe bazi ubwo buhinga canke abazi gukora amamashini muri rusangi (<strong>\u00ab<\/strong><\/em> <em>maintenance des ordinateurs \u00bb), aho abo zapfanye bagenda kuzikoresha i Ngozi, vyatumye niga ingene notora inyishu y\u2019ivyo bibazo vyose. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Mu bikorwa vyo gukora amamashini nyabwonko, Mugisha Aim\u00e9 na ho ati : \u00ab <em>Natanguje umutahe wa 350.000 Fbu negeranije mu biraka nagenda ndakora hirya no hino, bakampemba. Ayo ni yo naguze inyabwonko ya mbere kugira ntangure aka kazi.<\/em> \u00bb\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bukebuke araheza aratera imbere \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo abahurumbira ivyo vy\u2019ama <strong>\u00ab<\/strong> logiciels \u00bb bataravyijukira ku rugero ruhagije, abaza gukoresha bisanzwe inyabwonko zifise utubazo dutandukanye baraboneka. Kubera ko Mugisha akorana n\u2019uwundi mugenzi wiwe, ku kwezi ngo bashobora kwinjiza 700.000 Fbu bivanye n\u2019ingene biba vyagenze. Eka no kuma <strong>\u00ab<\/strong> logiciels \u00bb, baramaze kuronka izigurwa. Akarorero atanga ngo n\u2019iyijanye no gutunganya ivya <strong>\u00ab<\/strong> pharmacie \u00bb babaguriye kuri 400.000 Fbu, iyifasha gutunganya koperative baguriwe kuri 2.000.000 Fbu, hamwe n\u2019iyindi ifasha gukurikirana ibikorwa vy\u2019ubunywero kuri 3.000.000 Fbu. Mugisha aremeza kandi ko ako kazi ariko kabatunze kuko ata kindi bakabangikanya.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko ngo nubwo biri uko, umutahe uguma ari ikibazo gikomeye. Kandi hejuru y\u2019ivyo, ubwo buhinga ngo burasaba ko umuntu aguma yiga kuko ivyo mw\u2019ishure vyonyene bitaba bikwiye. Haba kwigira ku buhinga ngurukanabumenyi (internet) canke kwegera abandi bahinga, ariko ngo na vyo nyene biraheza bigatwara uburyo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Baguma bategura imigambi \u2026&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mugisha na mugenziwe, bompi bafise umugambi umaze kwandikwa neza wo kwugurura ishirahamwe (<strong>\u00ab<\/strong> entreprise \u00bb) rinini rifise agaciro k\u2019imiriyoni zirenga 17 z\u2019amarundi. Iryo na ryo nk\u2019uko avyigana rikazofasha mu gutunganiriza abashaka gukoresha canke kugura imashini canke ivyuma (ibihimba) bimwebimwe vyo gusubiriza ivyapfuye. Kubw\u2019iryo shirahamwe, n\u2019izindi ntara ngo bazozishikamwo bagure akarere irya n\u2019ino, biruke n\u2019ifaranga \u2026 Eka Mugisha arategura no kwigisha urundi rwaruka rushaka ubumenyi kugira bibagirire akamaro. Agira ati : <strong>\u00ab<\/strong> <em>Urwaruka ni rukanure, rukerebuke. Rwerekane ico rushoboye. Rushire mu ngiro ivyo rwize kw\u2019ishuri, kuri interineti, canke ahandi. Kuko n\u2019lmana igira aho imaniye.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Uruganda rwa Jimbere<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Aim\u00e9 Mugisha ni umusore w\u2019imyaka 30. Aba mu ntara na komine Kirundo, ku mutumba Runanira ya 2. Yize amashure yisumbuye mu vy\u2019ubuhinga bujanye n\u2019inyabwonko (informatique) ubu akaba akora ama \u00ab logiciels \u00bb ubuhinga bushirwa mu nyabwonko kugira bufashe mw\u2019itunganywa ry\u2019ibikorwa kanaka. Arabikamisha kandi aravyishimira. Si ivya bose kumenya ibijanye n\u2019ama \u00ab logiciels \u00bb. Aim\u00e9 Mugisha [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6855,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[549],"tags":[550,552,438],"coauthors":[34],"class_list":["post-6854","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-nuku","tag-nuku","tag-ubuhinga","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6854","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6854"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6854\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6856,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6854\/revisions\/6856"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6855"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6854"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6854"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6854"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6854"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}