{"id":6850,"date":"2022-01-16T17:12:38","date_gmt":"2022-01-16T16:12:38","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6850"},"modified":"2022-01-16T17:13:09","modified_gmt":"2022-01-16T16:13:09","slug":"yatanguye-yorora-inkoko-7-ubu-atanga-imiswi-200-ku-kwezi-nuku-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/yatanguye-yorora-inkoko-7-ubu-atanga-imiswi-200-ku-kwezi-nuku-burundi\/","title":{"rendered":"Yatanguye yorora inkoko 7, none ubu atanga imiswi 200 ku kwezi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Arcade Arakaza, ni umwe muri benshi bashoboye ubworozi bw\u2019inkoko. Uyu yavuye ku nkoko 7 gusa, muri ruheshi 2020, ubu ashitse aho ashobora gutanga imiswi 200 ku kwezi. Mu vy\u2019ukuri uyu ari mu bategereye ingene ubworozi bw\u2019inkoko ari ikindi. Reka tubayagire ivyiwe. Yatanguye yorora inkoko 7, none ubu atanga imiswi 200 ku kwezi 8<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Afise imyaka 33. Arakaza Arcade agwiriza imiswi y\u2019inkoko ku mutumba Kobero, muri komine Butihinda, intara ya Muyinga. Uyu mworozi w\u2019inkoko avuga ko yatanguye mu kwezi kwa gatandatu 2020. Yahereye ku kworora inkoko 7.<\/p>\n\n\n\n<p>Izo nkoko zaragwiriye, zirata amagi menshi. Ngo ni zo zamuhaye n\u2019ingoga zo gutangura umugambi wo kurwiza imiswi aho yahavuye aja hamwe n\u2019uwundi baregeranya uburyo buvuye mu vyo bakoze (mu kazi kabo ka minsi yose) batangura kurangura amagi.Mu kwezi kwa 11 mu 2020, ku 3.200.000 Fbu, baraguze icuma kibundikira amagi. Kubw\u2019ico cuma gishobora kubundikira amagi 352 icarimwe, abo borozi barashobora kuronka imiswi 200 icarimwe.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Arcade-Muyinga-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6852\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Arcade-Muyinga-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Arcade-Muyinga-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Arcade-Muyinga-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Arcade-Muyinga-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Arcade-Muyinga-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Uti none bigenda gute ?<\/strong>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Arcade Arakaza avuga ko arangura amagi ku basanzwe borora inkoko. Bakayashira muri ico cuma kibundikira hakoreshejwe umuyagankuba, inyuma y\u2019iminsi 21 imiswi ikaba irabonetse. Iyo miswi baca bayishira mu kibanza kimurikiwe n\u2019itara riguma ryaka gushika igeze igihe co kwororerwa ahasanzwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kibano amaze gutanga imiswi 600. Iyindi yaguzwe n\u2019abava mu mihingo itandukanye. Imiswi isigaye akayororera ku mutumba wa Kamaramagambo aho asanzwe aba. Umuswi umwe bawugurisha 6.000 Fbu. Bakuyemwo uburyo baba bakoresheje, Arcade avuga ko amafaranga y\u2019inyungu angana na 400.000 Fbu kuduga yinjira mu bubiko bwabo buri kwezi. Bitayeko ngo gushika ubu nta n\u2019ideni barasaba mw\u2019ibanki kandi igikorwa cabo kigenda neza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingorane ntizibura mw\u2019irangurwa ry\u2019uwo mugambi \u2026&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Arcade Arakaza avuga ko izo nkoko zikunda kurwara hakabura abahinga bo kuzivura. Mbere ngo baranakeneye guhabwa inyigisho z\u2019uko bokworora izo nkoko ku buryo nyabwo. Kuba barangura amagi ku bandi bantu na yo ni ingorane ikomeye kuko bigorana kumenya amagi meza yovamwo imiswi y\u2019inkoko myiza na mibi. Nk\u2019uko bavyigana, amagi amenyekana inyuma y\u2019iminsi 7. Uwo mugwizamiswi akaba rero afise umigambi yo kuzokwigwiriza amagi meza kugira ngo ashobore kugwiza imiswi yizeye kandi myiza. Ubwo buhinga akaba ashaka kuzobukwiza henshi ateze imbere urundi rwaruka biciye mu bworozi bw\u2019inkoko n\u2019ibizikomokako. Kwihangira imirimo n\u2019ubwenge bwose, ni ko kamo Arcade Arakaza atera urwaruka<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Arcade Arakaza, ni umwe muri benshi bashoboye ubworozi bw\u2019inkoko. Uyu yavuye ku nkoko 7 gusa, muri ruheshi 2020, ubu ashitse aho ashobora gutanga imiswi 200 ku kwezi. Mu vy\u2019ukuri uyu ari mu bategereye ingene ubworozi bw\u2019inkoko ari ikindi. Reka tubayagire ivyiwe. Yatanguye yorora inkoko 7, none ubu atanga imiswi 200 ku kwezi 8 Afise imyaka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6851,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[549],"tags":[551,550,440],"coauthors":[34],"class_list":["post-6850","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-nuku","tag-inkoko","tag-nuku","tag-ubworozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6850","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6850"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6850\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6853,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6850\/revisions\/6853"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6851"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6850"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6850"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6850"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6850"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}