{"id":6846,"date":"2022-01-16T17:09:14","date_gmt":"2022-01-16T16:09:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6846"},"modified":"2022-02-16T10:07:04","modified_gmt":"2022-02-16T09:07:04","slug":"ukwigisha-ibijanye-ibisabwa-kwisoko-akazi-igice-kabiri-nuku-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ukwigisha-ibijanye-ibisabwa-kwisoko-akazi-igice-kabiri-nuku-burundi\/","title":{"rendered":"Ukwigisha ibijanye n\u2019ibisabwa kw\u2019isoko y\u2019akazi, igice ca kabiri"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uburundi buramaze imyaka atari mike buhura n\u2019ikibazo c\u2019ibura ry\u2019akazi rirenze ku rwaruka. Ivyo rero ngo biva ku kuntu inyigisho abarondera akazi bahabwa bakiri ku ntebe y\u2019ishure zidahuye n\u2019ibiba bikenewe kw\u2019isoko ry\u2019akazi. Kugira batorere inyishu ico kibazo, Reta y\u2019Uburundi yagiye irashiraho izindi ndingazo nshaha ukohaca igihe ariko ntanyishu irama iraboneka&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Indero ni yo nkingi y\u2019iterambere. Nk\u2019uko bivugwa muri \u00ab l\u2019\u00e9quation de Mincer \u00bb, agaciro k\u2019indero, ni ico ihinduye canecane mw\u2019iterambere ry\u2019ubutunzi bw\u2019igihugu. Nkako, ivyigwa vy\u2019ubutunzi vyakozwe vyarerekanye ko ata gihugu gishobora gutera imbere ata bakozi bafise ubumenyi bukwiye gifise.<\/p>\n\n\n\n<p>Haraheze igihe ikibazo kigaruka mu Burundi ari ico kumenya nimba mu vyukuri hari urwaruka rwigishwa neza rukaronka ubumenyi bukwiye canke ko hoba hariho ahantu urwo rwaruka rushobora kuronderera akazi<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko icibonekeza ni uko inyishu y\u2019ivyo bibazo vyompi uko ari bibiri atari nziza, kuko ibura ry\u2019akazi mu Burundi umenga rifatwa ibisanzwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Akamaramaza rero, icigwa cakozwe mu 2016 gikozwe na \u00ab ADISCO \u00bb na \u00ab REJA \u00bb bifashwe mu mugongo na \u00ab CORDAID\u201d cerekanye ko abenshi mu rwaruka baronka akazi inyuma yo kuva ku mwaka umwe gushika kuri itanu bahejeje amashure. Ico cigwa nyene n\u2019ibindi vyakozwe vyerekana yuko ingorane urwaruka rugira kugira ruronke akazi biterwa n\u2019ibintu bitatu nyamukuru: ukuba inyigisho baronkejwe kw\u2019ishure zidahuye n\u2019ibiri kw\u2019isoko ry\u2019akazi maze ivyo bikaba bituma abize na za kaminuza babura akazi, ukutamenya isoko ry\u2019akazi bivuye ku kutamenya inkuru zerekeye iyo ubuzi buriko buratangirwa no kutitaho ibijanye n\u2019inyigisho zo kwitunganiriza imigambi y\u2019iterambere. Kugira bagabanye izo ngorane, Reta y\u2019Uburundi ntihengeshanya gukora ibikorwa vyotuma urwaruka ruronswa inyigisho n\u2019akazi keza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Harabaye indinganizo nshasha, none zashitse kuki ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ndinganizo nshasha, ingingo nyamukuru yashimikiweko, ni iyo kuronsa inyigisho n\u2019akazi urwaruka biciye mu gutanguza ibigo vy\u2019igisha imyuga nka \u00ab CFP: Centres de Formations Professionnels \u00bb, \u00ab CEM: Centres d\u2019Enseignements des M\u00e9tiers) \u00bb hamwe na \u00ab CEA : Centres de Formation Artisanale \u00bb. Ivyo na vyo bikaba bishobora gufasha mw\u2019iterambere ry\u2019ubutunzi mu gihe vyokwitabwaho. Igikorwa cazo nk\u2019uko ingingo yashizeho amashure shingiro ibivuga, ni ukuvuga indinganizo y\u2019amashure ahera mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka w\u2019icenda kugira ifashe urwaruka rwiga kumenya kwironderera ivyo rukora.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko rero, icibonekeza ni uko hambavu y\u2019iryo shaka ryakozwe umengo haracabura ibijanye no kwitwararika kubanza kubitegura neza. Ivyo bigo nka vyose birahura n\u2019ingorane yo kubura abigisha bavyigiye bakwiye, ivyo bigatuma ibisata bimwebimwe biba birabangiriwe canke bigahebwa burundu.<\/p>\n\n\n\n<p>Aho rero ntihavuzwe ibijanye n\u2019ibirasi bidakwiye kugira abana bige banashira mu ngiro ivyo bize (pratique) hamwe n\u2019ubukene bw\u2019ibikoresho.<\/p>\n\n\n\n<p>Reta irakwiye kwigora igaha ivyo bigo uburyo bukwiye, hagatangwa ubuzi ku bigisha babinonosoye kugira aba nabo bace batanga ubumenyi bufise akanovera bushobora gufasha abavyize kwitunganiriza imigambi y\u2019iterambere izobafasha bo ubwabo ikongera igafasha no kubaho kw\u2019imiryango yabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Icigwa giheruka gukorwa n\u2019ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu bufadikanije na MediaBox mu kwezi kwa Munyonyo k\u2019umwaka uheze, cerekanye ko hariho urwaruka rungana na 309.000 rutagira akazi mu Burundi. Impinga iracari ndende.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu mugambi w\u2019iterambere ry\u2019igihugu PND 2018-2027, ibiharuro vyo mu gisata c\u2019indero vyerekana yuko mu vyipfuzwa inyigisho zo mu mashure mato n\u2019ayisumbuye zoba zitunganijwe neza kandi zijanye n\u2019imyuga hamwe no kuronka akazi ku rugero rugera ku bice 70%. Umugambi mwiza ariko kugira ushikweko hasabwa inguvu n\u2019ihangiro biboneka.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uburundi buramaze imyaka atari mike buhura n\u2019ikibazo c\u2019ibura ry\u2019akazi rirenze ku rwaruka. Ivyo rero ngo biva ku kuntu inyigisho abarondera akazi bahabwa bakiri ku ntebe y\u2019ishure zidahuye n\u2019ibiba bikenewe kw\u2019isoko ry\u2019akazi. Kugira batorere inyishu ico kibazo, Reta y\u2019Uburundi yagiye irashiraho izindi ndingazo nshaha ukohaca igihe ariko ntanyishu irama iraboneka&#8230; Indero ni yo nkingi y\u2019iterambere. Nk\u2019uko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":42,"featured_media":6847,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[549],"tags":[545,550],"coauthors":[535],"class_list":["post-6846","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-nuku","tag-akazi","tag-nuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6846","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/42"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6846"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6846\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6848,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6846\/revisions\/6848"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6847"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6846"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6846"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6846"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6846"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}