{"id":6815,"date":"2022-01-04T18:25:27","date_gmt":"2022-01-04T17:25:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6815"},"modified":"2024-04-15T00:22:36","modified_gmt":"2024-04-14T22:22:36","slug":"intumbero-yambere-umugambi-paeej-ukuvyaza-umusaruro-imiriyaridi-48-desire-manirakiza-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/intumbero-yambere-umugambi-paeej-ukuvyaza-umusaruro-imiriyaridi-48-desire-manirakiza-burundi\/","title":{"rendered":"Pr D\u00e9sir\u00e9 Manirakiza: \u00ab Intumbero ya mbere y\u2019umugambi PAEEJ ni ukuvyaza umusaruro zirya miriyaridi 48 z\u2019amarundi \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amezi atatu ararangiye umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi ashizeho umugambi PAEEJ, umugambi ufise ihangiro ryo gushigikira urwaruka ruheza amashure yarwo kugira ngo rushobore kwibeshaho mu vy\u2019ubutunzi. Uwo mugambi nyene ukaba wagenewe imiriyaridi zishika 48 z\u2019amarundi ngo zizamure ibikorwa vy\u2019ukwiteza imbere vy\u2019urwo rwaruka, gutyo haboneke n\u2019ubuzi ku bariko barakubagurwa n\u2019agashomeri.\u00a0Mu gihe rero abatari bake bari bamaze iminsi bafise utubazo ku bijanye n\u2019intumbero y\u2019umugambi PAEEJ, abandi bakagira amakenga ku bijanye n\u2019ubushobozi bwo kurangura ivyo yishinze, ko vy\u2019ukuri bikunda ko urwaruka rwofatwa ukuboko rugashobora kwibeshaho, Ikinyamakuru Jimbere Magazine caregereye umwigisha muri za Kaminuza D\u00e9sir\u00e9 Manirakiza, atwara uwo mugambi ku rwego rw\u2019ighugu kugira ngo atange umuco. Ng\u2019ibi bimwe mu vyavuye muri ico kiganiro.\u00a0<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Pr-Desire-Manirakiza-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8287\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Pr-Desire-Manirakiza-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Pr-Desire-Manirakiza-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Pr-Desire-Manirakiza-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/Pr-Desire-Manirakiza.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Mu vy\u2019ukuri, PAEEJ ni iki ?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>PAEEJ ni umugambi washizweho na Reta y\u2019Uburundi mu ntumbero y\u2019ukurondera gutorera umuti ikibazo c\u2019ubushomeri mu rwaruka, ubona ko igitigiri c\u2019abatagira akazi kiri hejuru cane. Imbere y\u2019ukuganira ibigize uwu mugambi, nkundire ngaruke ku biharuro vyerekana umurindi w\u2019igwirirana ry\u2019abarundi, kumbure muraca mwibonera ubwanyu akamaro k\u2019uno mugambi : ibice 70% vy\u2019abarundi bigizwe n\u2019urwaruka rudashikana imyaka 35. Abafise hagati y\u2019imyaka 14 na 35 bagera ku bice 50%. Ni mu gihe amahirwe y\u2019urwaruka mu vyo kuronswa ubuzi atari ikirenga. Urwaruka ruheza amashure rungana ibice 93% rubanza kumara imyaka irenga 5 rushomereye, imbere y\u2019ukuronka akazi ka mbere. Rusasuma ya nyuma yakozwe yerekanye ko urwaruka rushika 400.000 rutagira akazi, mu gihe duteranije abakozi ba Reta n\u2019abakorera abigenga dusanga bangana 120.000. Biboneka ko urwaruka rutagira akazi rungana n\u2019abafise akazi muri rusangi ugwije incuro zitatu zirenga. Igihugu cararengewe mu bijanye n\u2019ubushobozi bwo kuronsa akazi abakarondera.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Birakwiye ko n\u2019ibi bimenywa: ko ivyigwa vyakozwe vyerekanye ko gushika mu mwaka wa 2050, abarundi bazoba bashika imiriyoni 26. Aba banyagihugu rero bagizwe ahanini n\u2019imiyabaga, ni abo gukurikiranwa, ari na co gituma habaye ukwiyumvira ingene urwaruka rworonswa ubuzi ariko cane cane hisunzwe ico umwe wese ashoboye kugira ngo ukwiteza imbere gushoboke.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Uwu mugambi \u201cPAEEJ\u201d ufise ihangiro ryo gushigikira urwaruka biciye mu kuruhamagarira guhindura ivyiyumviro: akazi ko mu biro ni ko kazi uwize wese yahanga amaso. Igikorwa c\u2019uno munsi rero ni ukubereka ko ibintu vyahindutse, uwiga wese yige arondera ubumenyi buzomufasha kwishingira ubuzi kuko mw\u2019iki gihe bitakiri ngombwa ngo aheze aca aronswa akazi na Reta. Umugambi \u201cPAEEJ\u201d uzokora mumice3 : uwa mbere uzoba ugizwe n\u2019ibikorwa vy\u2019ihimiriza Uwundi muce ujanye n\u2019ibikorwa vy\u2019ukwiteza imbere. Aha, kuzoba ari ugushigikira imigambi y\u2019urwaruka irashe mu kuyironsa uburyo kugira ngo itere imbere.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Umuce ugira gatatu ni uwo kuronsa ubuzi urwaruka biciye muri ubu buryo bukurikira : \u201cNta muntu n\u2019umwe tutokwemeranya iki, ko urwaruka rwose rutoshobora guherera mu bikorwa vyo kwirangurira imigambi iruteza imbere\u201d. Hamwe n\u2019ivyo, abazoba bashaka kuja gukora mu mahinguriro kanaka canke mu mashirahamwe aya n\u2019ariya, tuzosinyiranira amasezerano n\u2019ayo mashirahamwe yose akeneye abakozi. Nk\u2019akarorero, nk\u2019ubu tugiranye amasezerano na Jimbere tukayironsa nk\u2019urwaruka rushika 100 ruzokora mu kiringo c\u2019umwaka rwimenyereza umwuga, mw\u2019ico kiringo ruzoba ruriko rurahembwa na \u201cPAEEJ\u201d. Ariko rero, mu masezerano tuzoba twabanje kwemeranya na Jimbere ko ishoboye kuronsa akazi n\u2019imiburiburi igice c\u2019urwaruka rwahakoreye muri ico kiringo c\u2019umwaka. Ng\u2019iyo imice itandukanye igize umugambi \u201cPAEEJ\u201d&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari ubucuti bwoba hagiti y\u2019umugambi PAEEJ, FiGA na BIJE?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikigega \u201cFIGA\u201d (Fonds d\u2019Impulsion, de Garantie et d\u2019Accompagnement) ntikigenewe urwaruka rwonyene. Ni ikigega giharanira guteza imbere canke gushigikira imigambi y\u2019umurundi uwo ari we wese akeneye gufatwa mu mugongo. Isano twovuga riri hagati ya \u201cPAEEJ\u201d na \u201cFIGA\u201d nuko bisangiye intumbero ariko ibizokorwa muri iyo migambi biratandukanye. \u201cPAEEJ\u201d irigenga nk\u2019uko na \u201cFIGA\u201d yigenga. Ikibazo conyene tubona ni uko \u201cFIGA\u201d, bibaye ngombwa ko dukorana hoca hakenerwa uburyo bwinshi kugira ngo haboneke ingwati, haboneke n\u2019amafaranga yo guteza imbere abakeneye gushigikirwa bose. Nuko rero, ninaba naratahuye neza, intumbero nyamukuru ya \u201cFIGA\u201d ni ugushigikira mu ntumbero yo gukuza abafise imigambi bashaka kurangura muri rusangi. Ni ikigega cashiriweho gufata mu mugongo urwaruka rwikorera ivyarwo. Ngerageje kubisigura mu buryo bugaragara neza, ufise nka 100.000 ariko ukaba ufise umugambi ugomba gukora wa 500.000, \u201cFIGA\u201d ico ica ikora, ni ukukuronsa ayo wabura.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Muti none umugambi PAEEJ woba ukorana na \u201cBIJE\u201d? \u201cBIJE\u201d ni ibanki y\u2019Urwaruka ariko kandi ni n\u2019ibanki y\u2019ubudandaji. Ni ukuvuga ko \u201cBIJE\u201d ikora nk\u2019ibanki nyene. Ibanki na yo ikaba ikora irondera inyungu. Nivyo, \u201cBIJE\u201d tuzokorana kuko hazoba hariho urwaruka ruzoba ruronswa ingurane na \u201cPAEEJ\u201d ariko iyo ngurane bakayironkerezwa muri iyo banki.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Nibaza ko ndabisiguye mu majambo asa n\u2019ayagoye gutahura. Reka ngerageze kubivuga nkoresheje igicapo: Dufate ko umwe mu rwaruka kanaka akeneye ingurane, umugambi w\u2019ivyo ayikenereye akawushikana muri \u201cPAEEJ\u201d. Mu gihe uno mugambi tuwizeko neza tugasanga urarashe kandi ukaba ujanye n\u2019intumbero ya \u201cPAEEJ\u201d, tuzoheza tumuronse urwandiko rwerekana ko tumwemereye kuronswa ingurane. Muri ico gihe, uno yahawe uru rupapuro azoheza arujane muri \u201cBIJE\u201d hanyuma tumwishingire ku bijanye n\u2019ingwati abone kuronswa ya ngurane asaba. Muri uwu mugambi, tuzokorana na \u201cBIJE\u201d nk\u2019uko tuzokorana n\u2019ayandi mabanki. Ibanki BIJE irigenga nk\u2019uko na \u201cPAEEJ\u201d yigenga. Yamara, mu migambi \u201cPAEEJ\u201d izorangura, ikazotegerezwa guca kuri \u201cBIJE\u201d nk\u2019ibanki y\u2019Urwaruka nk\u2019uko ishobora kuzoca no ku yandi mabanki.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Hanyuma ngerageje gusubira inyuma gato, ndabamenyeshe ko mu nyandiko zose zerekana intunganyo ya \u201cPAEEJ\u201d, nta na hamwe handitse \u201cFIGA\u201d n\u2019ubwo mwumva umenga imigambi igomba gusa. \u201cPAEEJ\u201d yotangura gukorana na \u201cFIGA\u201d igihe conyene twobona ko dukoranye twogwiza umwimbu kurusha gukora bamwe bose bigenga. Muri iki gihe, turacari ku ntambwe y\u2019intunganyo. Intumbero iza imbere y\u2019izindi zose ni ukuvyaza umusaruro izi miriyaridi 48.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amezi 3 ararangiye hashinzwe umugwi uzokurikirana umugambi \u201cPAEEJ\u201d, gushika ubu biri gute, ibikorwa bitunganije gute ?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko mubizi, uwu mugambi ni mushasha, bisigura ko n\u2019itunganywa ryawo kuva mu mushinge kuduga ari inyubako vyasabwa ko ibanza gushirwaho. N\u2019aho biri uko, kuva muri Ndamukiza gushika uno munsi hariho ibimaze kurangurwa. Mu bimaze gushikwako hariho ugutunganya inyandiko zijanye n\u2019ukuntu uwo mugambi worangurwa, ingene hoba ibikorwa vyo gusuzuma uko ibikorwa biriko birarangurwa, ukwerekana ibizokwishungwa mu gucagura abo tuzokorana muri uwu mugambi n\u2019urwaruka rudasigaye inyuma. Twarishikiye ku rubuga incuro zitari nke aho twashoboye kubona urwaruka rutari ruke ruri ku kivi kandi ruhurikiye mu migwi yo kwiteza imbere.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Hambavu y\u2019izo ntunganyo z\u2019inyandiko zimaze gukorwa, hariko harandikwa kandi amategeko ngenderwako azogenga uwo mugambi. Nibaza ko bamwe n\u2019abandi bahava babona ko umenga umwanya tumaze gukoresha muri ibi bikorwa ni munini ugereranije n\u2019igishika urwaruka rurindiranye itanguzwa ry\u2019ibikorwa vyawo nyezina, ariko nkibaza kandi ko mutahura ko gutegura inyandiko z\u2019uwo mugambi kuva hasi gushika hejuru atari ikintu coroshe, tubone gutangura gutanga amafaranga.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Murazi kandi ko ikibazo c\u2019amafaranga ari ikibazo gikaze cane mu gihugu bisabwa ko cigwako neza. Ni ukugitwara buhorobuhoro. Mu minsi itarambiranye rero tuzotanguza ku mugaragaro ibikor wa vya PAEEJ hanyuma tuzosohora itangazo rihamagarira urwaruka kuzana amadosiye yarwo kugira yihwezwe, ayatomoye aronswe uburyo. Si na kera, iyugururwa ku mugaragaro ry\u2019uwu mugambi ritegekanijwe muri uku kwezi kwa Mukakaro nyene turimwo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\">Mu mpera z\u2019ukwezi kwa Nyakanga, inyuma y\u2019ukubohnana n\u2019urwaruka rwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere, n\u2019inyuma y\u2019ugutunganya ibipapuro bikenewe bigenga uwo mugambi, ni ho ibikorwa nyezina vyaciye bitangura. Ibikorwa vyo kwugurura uyo munsi vyatanguriye ku nama yabaye ku wa 22 Nyakanga, aho hapfunditswe, mu Giheta, hagati y\u2019umugambi PAEEJ n\u2019ikigo \u00ab Maison du fermier \u00bb, ca wilbert Dusabe, ko PAEEJ icemereye uburyo bungana n\u2019imiriyoni 100 mu gushigikira umugambi w\u2019ukworora. Uwo na wo ukaba ujejwe gushigikira ubworozi bw\u2019inkoko mu kuronsa imiswi 300 koperative imwe imwe uko ari 31 zihurikiwemwo n\u2019urwaruka 620 rwo muri komine Giheta. Uwo mugambi ukaba urimwo ukwigisha urwo rwaruka ubuhinga bugezweho bwo kurima no kworora.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mbega none izo miriyaridi 48 ziriho? Ziri he? Mu majambo atahuritse, mwiteguriye kuzitanga gute?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Izo miriyaridi 48 ziriho mbere ziza zarashikanwe no kuri konti ya PAEEJ mw\u2019ibanki nkuru y\u2019igihugu. Hanyuma kukijanye n\u2019ingene ayo mafaranga azotangwa, si ukuyagabanganya mu rwaruka bamwe ngo akira uno mupfungo abandi uko nyene nk\u2019uko bamwe boba bavyiyumvira. Oya, si uko bizogenda. Si n\u2019ukuyabagaburira mu mituri, ni ukubaherekeza, ni ugufata mu mugongo imigambi yabo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hanyuma ako kabahasha, mwoba muzogakoresha mu kiringo c\u2019imyaa ine uwu mugwi uzomara?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni vyo, izo miriyaridi uko ari 48 zizokoreshwa mu kiringo c\u2019imyaka ine kandi nk\u2019uko mubizi, zitanzwe na Reta. Ariko rero, mu migambi yacu, duhamagariwe kubandanya turondera ubundi buryo aho bwova nko mu mashirahamwe, amabanki canke mu bihugu dusanzwe dufitaniye ubucuti mu bikorwa vy\u2019iterambere. Twipfuza ko umugambi wose woza ugana gushigikira urwaruka wocishwa muri PAEEJ. Vyumvikana ko bishoboka ko turonka ubundi buryo buza gufasha muri uwu mugambi butanzwe n\u2019aba na bariya. Vyose bizovana n\u2019ukuntu uno mugambi uzoba uriko uraranguka, ivyo na vyo bikazobonekera mu vyamwa vyawo ku rubuga.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\">Mu nyigisho zo gukebura urwaruka rwitunganiriza imigambi mu gisagara ca Bujumbura, ku wa 31 Myandagaro 2021, Umukuru w\u2019igihugu yaremeye akandi kabahasha ko gushigikira urwo rwaruka mu ntunganyo y\u2019amahera Reta itegekanya kuzokoresha mu mwaka wa 2022-2023. Ahamagarira abakorana na Reta mu migambi ishimikiye ku gushigikira ukwitunganiriza imigambi ku rwaruka mu Burundi guca kuri PAEEJ : \u00ab Reta majoro jenerari, umugambi kizigenza mw\u2019iterambere ry\u2019urwaruka \u00bb nk\u2019uko yawutaziriye&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mw\u2019iteguye gukora gute mu ntumbero yo gucungera neza ikoreshwa ry\u2019uburyo buzoba bwasabwe n\u2019ugukurikiranira hafi umwimbu w\u2019ibikorwa ?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ica mbere nshimye kubanza kugarukako nuko umuntu wese yoshira ku muzirikanyi ko amafaranga atazogaburirwa urwaruka nk\u2019uko nyene. Abantu bazohabwa amafaranga bazoyaronswa biciye mu mabanki kandi ni na bo ubwabo bazokwiyemeza kuyishura. Turazi neza ko tutahabereye maso, ubwo buryo bwose bwohomba bugaherengetera. Mu ntumbero rero yo gukinga ivyo vyose, hariho ivyo turiko turatunganya. Aha novuga nka \u2018Logiciel\u2019 izofasha mu gukurikirana ku mwanya, umunsi ku munsi uko ibikorwa biriko biragenda.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ni ukuvuga ko nk\u2019ubu duhaye ingurane umwe mu rwaruka ruba i Cendajuru nk\u2019akarorero, dutegerezwa kwama tumenya ivyo uwu ariko ararangura ku munsi kandi ico nta bwoba tugifiseko. Tuzoshira urwaruka mu migwi itandukanye. Hari barya basanzwe bafise ubumenyi mu vyo kwikorera utwabo: aba ni rwa rwaruka rwigeze kwirangurira imigambi ariko hakagera igihe ruhura n\u2019intambamyi hamwe n\u2019abandi bipfuza kurangura imigambi ariko bakaba batagira ubumenyi muri ico gisata. Kuri iyo migwi yose, tuzogira intunganyo izotuma tumenya neza ko uburyo bazohabwa butazosesagurwa. N\u2019aha ndatanga akarorero: dufate ko hari urwaruka rwipfuza guhingura ibivamwo ibitaako bifasha mu vy\u2019ugushaza. Turazi ko uru rwaruka ariho rugiheza amashure ruba rufise ivyiyumviro bishushe bijanye n\u2019ivyo ubudandaji. Ariko rero ugaca usanga nta bumenyi bukwiye muri ico gisata. Tumaze kubona ko ivyiyumviro vyabo bishobora gushika kure, muri PAEEJ tuzofadikanya na bo mw\u2019ikurikiranwa ry\u2019uwo mugambi wabo. Aho nshatse kuvuga ko tuzoshira umutahe muri uwo mugwi wabo, tuzofashanye ibikorwa, hanyuma haheze igihe kanaka, bamaze gufata umurongo neza tuzoheze dusokoremwo udufaranga twacu tuzoba twashizemwo nka PAEEJ hanyuma uno mugwi w\u2019urwaruka tuwubarerekere, ugume mu bikorwa vyabo. Ubu ni bumwe mu buryo bushobora gutuma urwaruka rutarwa mu gahombo n\u2019amafaranga ya PAEEJ ngo agiremwo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bandi rero basanzwe bafise ubumenyi muri iki gisata, bobo ntibazohita baronswa ingurane na PAEEJ buno nyene. Tuzogiriranira amasezerano n\u2019amabanki gutyo urwo rwaruka ruzohabwe ingurane maze ano mabanki azorwishingire, abe ariyo azoriha. Hamwe n\u2019ivyo, nibaza ko ivyo vyose mpejeje gusigura vyaba ivy\u2019iyo Logiciel izofasha mu gukurikirana ku munsi ku munsi ibiriko birarangurwa, ugukurikirana amashirahamwe azoba ariko aravuka, n\u2019ugusinyiranira amasezerano y\u2019ugukorana n\u2019amabanki bizotuma ducungera neza ayo mafaranga yagenewe urwaruka.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Muvuze ko muzokorana n\u2019amabanki, mwoba mufise n\u2019iciyumviro c\u2019ukuzokorana n\u2019ibisata vy\u2019abigenga ?&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Nibaza ko nari nakivuzeko. Nk\u2019uko nabimenyesheje, hariho umuce w\u2019ibikorwa vya \u201cPAEEJ\u201d wo kuronderera akazi runo rwaruka rudashaka canke rudashoboye kwihangira imirimo ariko rukaba rukunda kuja gukorera mu mashirahamwe aya canke ariya. Tuzorondera amashirahamwe canke ibigo vy\u2019abigenga tugiriranira amasezerano kugira tubabaze ko boshobora kuronsa runo rwaruka \u2018stage\u2019, muri ico kiringo PAEEJ ibe ariyo ibahemba ariko inyuma y\u2019ico gihe hazogire abaca bahabwa ubuzi hisunzwe ibizoba biri mu masezerano.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Muri Gitugutu 2020, harabaye ihuriro ry\u2019urwaruka rwize n\u2019urwashoboye kwikorera ibiruteza imbere birashimwa mbere ruba akarorero k\u2019abandi aho hari hatowe iyo imigwi ibiri itandukanye kandi ikomeye. PAEEJ yiteguriye gukorana gute n\u2019iyo migwi ?&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Womenga mushatse kuvuga ko iyo migwi uko ari ibiri yoba itandukanye ariko ku bwanje irafitaniye ubucuti budasanzwe. Jewe nibaza ko umugwi w\u2019abikorera utwabo n\u2019abantu bize, iyo migwi ibiri ntitandukanye. Muri rirya huriro urwaruka rwize rwari rwafashwe nk\u2019abantu bakomeye cane kuko mu rugamba rwo guharanira iterambere abize bafatwa nk\u2019akarorero k\u2019abandi, nk\u2019indongozi. Mu cirwa kijanye n\u2019iterambere mu kibano, abantu bize bagereranywa n\u2019imoteri zitegerezwa gukwega abandi. Ni ukuvuga ko abize bazoba mu bambere begwa cane n\u2019uwu mugambi biciye mu nyigisho kugira ngo bongererezwe ubumenyi n\u2019ubushobozi mu nyuma babe ari bo baja kuzironsa rwa rwaruka ruriko ruritunganiriza imigambi yarwo rufashwe mu mugongo na \u201cPAEEJ\u201d. Turashobora kandi gushigikira imigambi yabo mitomito canke ivyiyumviro tuzobona ko birashe. Vyumvikana ko duciye kuri bo bizotuma tubona neza ko turiko turakorana n\u2019abantu batahura uko ibintu bikorwa ku rutonde.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Uno munsi abashoboye kwirangurira imigambi barashobora gufasha muri wa muce wa mbere w\u2019umugambi \u201cPAEEJ\u201d: gutanga inyigisho n\u2019ugukarihiriza ubwenge urwaruka. Bisigura ko kugira ngo urwaruka rwumve rwongere rwiyumvishe ko rushobora kwirangurira imigambi ikaruteza imbere rutarinze guhanga amaso ubuzi bwo mu biro, rwumve ko rushobora kwiteza imbere biciye mu zindi nzira, birakenewe cane ko abakoze bakabishobora bashingira intahe bagenzi babo kugira babone ko inzira ari nyabagendwa ndetse bikunda bagere ikirenge mu cabo. Izo nyigisho rero zikazoba zitandukanye n\u2019izizotangwa na rwa rwaruka rwahejeje amashure ariko zikazokwuzuzanya.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hoba hariho ibisata biza imbere y\u2019ibindi mu vyo PAEEJ itegekanya gushiramwo imitahe ?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibisata indwi ni vyo \u201cPAEEJ\u201d itegekanya gushiramwo imitahe. Ubwa mbere bwo haza igisata c\u2019uburimyi gisomekeranye n\u2019ubudandaji bw\u2019ivyimburwa, amahinguriro matomato n\u2019ayagereranye. Haraza kandi igisata c\u2019ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, igisata c\u2019ingenzi, amazi n\u2019isukura hamwe rero n\u2019ic\u2019ukwiyunguruza. Ivyo bisata rero bikaba vyashinzwe hisunzwe imigambi ya Reta ihararanira iterambere rirama \u201cPND\u201d (Programme National de D\u00e9veloppement) hamwe na \u201cODD\u201d (Objectifs de D\u00e9veloppement Durables). Ariko kandi muri ivyo bisata indwi, birashobora gushika hakabamwo ivyo dushiramwo uburyo cane gusumba ibindi nk\u2019ico c\u2019uburimyi bujanye n\u2019amahinguriro, ic\u2019ingenzi, n\u2019ico ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru. Vyose bikazovana n\u2019ukuntu imigambi urwaruka ruzoba rwashikirije izoba itunganije.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi nokwemeza ko nisunze icivugo ca Reta y\u2019Uburundi kigira giti : \u00ab Umunwa wose uronke ico urya n\u2019umufuko wose uronke amafaranga \u00bb, igisata c\u2019uburimyi bujanye n\u2019amahinguriro y\u2019umwimbu n\u2019ubudandaji kigomba kuba mu bizoshirwa imbere. Iruhande y\u2019ico civugo kandi twokwibuka ko Uburundi ari igihugu kibeshejweho ahanini n\u2019uburimyi. Ni na co gituma rero ico gisata gikwiye gushigikirwa. Si ivyo gusa, igitigiri kinini c\u2019urwaruka kiba mu gihugu hagati aho imigambi myinshi irangurirwayo usanga ishingiye ku burimyi. Kugira rero dutere intege urwaruka rwipfuza gukorera muri ico gisata, bisabwa ko tubanza kukiryohora biboneke koko ko gitanga amafaranga avuye mu mwimbu.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu mugambi ukomeye nk\u2019uwu, vyoshika abajejwe intwaro bakagomba kubinjirira bamwe bati muzoze kuwurangurira muri ino komine, muri ino ntara, canke ahandi. Muriteguriye guhangana n\u2019ibibazo nk\u2019ivyo ?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ndabizi cane. Kandi aho ubona jewe simpfa kwemera ico mbwiwe cose. Mwibuke ko nashizweho na nyene icubahiro Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi kandi nibaza ko uwoshoboye kunyinjirira bigakunda yobaye we nyene, we yanshizeho. Nzokora uko nshobora kwose kugira ngo mbashe kurengera ibibazo bijanye n\u2019ukwinjirirwa muri uwu mugambi. Burya akenshi umuntu agushirako inguvu iyo azi ko hari ico yagufatishije. Jewe nta muntu n\u2019umwe amfashe. Ariko nk\u2019uko namaze kubishikiriza, itegeko ryonyene nshobora kwemera gukorerako, canke se umuntu wenyene yonshirako inguvu, mu bijanye n\u2019uguhindura intumbero y\u2019uwu mugambi canke mu bindi vyiyumviro, ni uwangenye muri iki kibanza, nawe akaba atogira ishaka ryo kurangura iki gikorwa hanyuma ngo ace ahindukira abe ariwe akora ivyo kugisambura.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari amakenga y\u2019ingene abazofashwa mu mugambi PAEEJ bazocagurwa, mwotanga umuco ?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwe wese yiyumve. Uburundi bugizwe n\u2019imitumba irenga 3000. Nta mutumba n\u2019umwe n\u2019imiburiburi utazoserukirwa ngo hagire umugambi w\u2019umugwi w\u2019urwaruka ushigikirwa. Ariko kandi muratahura ko bitokunda ko urwaruka rwose rushigikirwa muri uwu mugambi. Mbere mboneyeho n\u2019akaryo ko guhamagarira urwaruka rwose kuja mu makoperative kugirango rukorere hamwe n\u2019abandi. Ibizokwisungwa mw\u2019icagurwa rya koperative izoba igira ishigikirwe bizomanikwa ahabona, eka mbere n\u2019uburyo buzokora mu gutanga amanota buzoba ari uburyo butarimwo igipfungu. Nta vy\u2019ibanga bizobamwo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Muri make urwaruka rwibaza ko ruzoshobora kuzofashwa na \u201cPAEEJ\u201d rutagira imigambi irashe rwoba rurasubije amero mw\u2019isaho. Ni cokimwe n\u2019aba bantu bibwira ko, kubera imiriyaridi 48 ari amafaranga menshi hazobaho abagomba gukuramwo nk\u2019umuriyaridi umwe canke zibiri bacishe ku ruhande: Ntibizopfa bibaye, si uko bizogenda. \u00ab Muzotumenyera ku vyo twama \u00bb, iryo ni iry\u2019umukurambere. Nzokora ukwo nshoboye kwose, mbe maso ku buryo ata kizokwononekara ndorera.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mbega nyene ukwigisha muri Kaminuza n\u2019igikorwa c\u2019ubushakashatsi mu vy\u2019imibano, uciye uba urabihagaritse ?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni ivy\u2019ukuri umwuga wanje w\u2019ukwigisha no gukora ubushakashatsi, canecane uwo kwigisha uzomera nk\u2019uwutakarizwa inguvu gato kuko burya ni umwuga usaba inguvu nyinshi n\u2019umwanya. N\u2019aho biri uko ku kijanye n\u2019ubushakashatsi co aho gucumbagira kabaye akaryo keza ko kubikora.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ndi umuhinga yanonosoye ibijanye n\u2019ikibano, abanyagihugu n\u2019iterambere. Hariho ibibazo nyamukuru umuntu yibaza mu vyigwa vy\u2019imibano y\u2019abantu n\u2019iterambere : \u201cKuki aha hari iterambere ariko harya atarihari ? Coba ari igiki catumye harya haba iterambere ribayabaye ariko hariya hakaba iriri musi y\u2019iri ? Kubera iki ahandi ho hari iterambere rikomeye?\u201d Twarakoze ivyigwa bijanye n\u2019ukugereranya kugira ngo tubashe gutahura ubucuti buri hagati y\u2019abanyagihugu n\u2019iterambere. Ico dukwiye kumenya kandi ni uko kuba ahantu kanaka ata terambere rihari bidasigura ko bitokunda ko rihaba kandi kuri ako gataka nyene.<\/p>\n\n\n\n<p>Iterambere ni ukwiyunga kw\u2019ikibano kandi biyunze vyose bigira umumaro kuko baraheza bakaja hamwe bakaduza ikivi.Ni vyo, gushika uno munsi ibitabu maze gusohora ni ibitabu bivuga ivy\u2019ikibano na poritique ariko kuva ubu ngiye kugira ubushakashatsi mu gisata canje, ikibano c\u2019abantu mw\u2019iterambere. Nzobikora kuko mbere nza naramaze kubona imigwi nzokorerako ivyigwa, narihweje inyifato zabo ndagerageza n\u2019ukuzijanisha n\u2019imigambi ya Reta, narihweje ingene bifata imbere y\u2019ibibazo bijanye n\u2019iterambere.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni akaryo kadasanzwe rero kuri jewe kuko nzoshobora kuvuga ku bijanye n\u2019iterambere. Ari nka hamwe vyoshika rero nk\u2019inyuma y\u2019imyaka 5 canke 6, kuva ku 7 gushika kw\u2019 10 tugasanga ingendo y\u2019urwaruka ntirahinduka, mw\u2019ico gihe hazoba hageze ko umuntu yibaza nimba uwo mugambi utoba ariwo wagenze nabi canke atari ikibazo kindi urwo rwaruka rufise. Umwuga wanje w\u2019ukwigisha rero uzomera nk\u2019uwucumbagira gato bivanye n\u2019uko ntazoba ngifise umwanya ukwiye wo gutanga ivyigwa vyose narinsanzwe nigisha. Nzohava nigisha ivyigwa nka 2 canke 3 ariko nzoheza nce mbandanya nkora ubushakashatsi mu gisata kijanye n\u2019umubano mw\u2019iterambere.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/president-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6831\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/president-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/president-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/president-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/president-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2022\/01\/president-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Umwidondoro w\u2019abagize ubuyobozi bw\u2019umugambi PAEEJ (uva ibubamfu uja iburyo):&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\">\n<li>Dr Hassan Kibeya (yize ibijanye n\u2019umuyagankuba muri kaminuza SFax yo muri Tunisie): Ni umuyobozi muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata&#8230;&#8230;. akaba n\u2019umushakashatsi. Ajejwe ibijanye n\u2019imigambi y\u2019urwaruka mu mugambi \u201cPAEEJ\u201d<\/li>\n\n\n\n<li>Clarisse Nsabimana (yize igice ca kabiri c\u2019inyigisho za kaminuza mu bijanye n\u2019abakoze n\u2019akazi i Dakar): Ari mu bagize umugwi wo gufasha urwaruka rwitunganiriza imigambi muri \u201cISCO\u201d, umwigisha-mwunganizimuri kaminuza y\u2019Uburundi, ni n\u2019umuyobozi ajejwe intwaro n\u2019ubutunzi mu mugambi \u201cPAEEJ\u201d&nbsp;<\/li>\n\n\n\n<li>Pr D\u00e9sir\u00e9 Manirakiza (umuhinga mu bijanye n\u2019ibibazo vy\u2019abantu n\u2019iterambere, yize kuri kaminuza Franche-Comt\u00e9 no kuri kaminuza Neuch\u00e2tel): Ni umwigisha mu ma kaminuza yo mu Burundi no muri Cam\u00e9roun. Ni we muhuzabikorwa ku rwego rw\u2019igihugu mu mugambi \u201cPAEEJ\u201d&nbsp;<\/li>\n\n\n\n<li>Alida Niyongabo (yize igice c\u2019akabiri c\u2019inyigisho za kaminuza mu bijanye n\u2019ubuhinga bwo gutanga amakuru): Ni umwigisha muri kaminuza yitiriwe Umuco y\u2019i Bujumbura, akaba n\u2019umuyobozi ajejwe igisata kiraba ibijanye no gukarihiriza ubwenge urwaruka mu mugambi \u201cPAEEJ\u201d<\/li>\n<\/ul>\n\n\n\n<p>Legend&nbsp;: Umugwi w\u2019abajejwe umugambi PAEEJ, bariko baramenyesha aho bagejeje ibikorwa mu kiyago umukuru w\u2019igihugu yagiranye n\u2019urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ku kibuga citiriwe Intwari ku wa 31 myandagaro.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amezi atatu ararangiye umukuru w\u2019igihugu c\u2019Uburundi ashizeho umugambi PAEEJ, umugambi ufise ihangiro ryo gushigikira urwaruka ruheza amashure yarwo kugira ngo rushobore kwibeshaho mu vy\u2019ubutunzi. Uwo mugambi nyene ukaba wagenewe imiriyaridi zishika 48 z\u2019amarundi ngo zizamure ibikorwa vy\u2019ukwiteza imbere vy\u2019urwo rwaruka, gutyo haboneke n\u2019ubuzi ku bariko barakubagurwa n\u2019agashomeri.\u00a0Mu gihe rero abatari bake bari bamaze iminsi bafise [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":35,"featured_media":8287,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[549],"tags":[467,550,532,438],"coauthors":[441],"class_list":["post-6815","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-nuku","tag-imigambi","tag-nuku","tag-paeej","tag-urwaruka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6815","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/35"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6815"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6815\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8288,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6815\/revisions\/8288"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8287"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6815"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6815"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6815"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6815"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}