{"id":6813,"date":"2022-01-04T18:17:21","date_gmt":"2022-01-04T17:17:21","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6813"},"modified":"2022-01-04T18:23:56","modified_gmt":"2022-01-04T17:23:56","slug":"nina-kugwanya-ubukene-afasha-abandi-guhindura-ivyiyumviro-nuku-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/nina-kugwanya-ubukene-afasha-abandi-guhindura-ivyiyumviro-nuku-burundi\/","title":{"rendered":"Nina mu kugwanya ubukene afasha abandi guhindura ivyiyumviro"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe bari barembejwe n\u2019imiryango, incuti n\u2019abagenzi batukagurwa ngo barutwa n\u2019abatigeze baca ku ntebe y\u2019ishuri kubera bize bakabura akazi ka Reta, Nina Ininahazwe umwigeme w\u2019imyaka 32 yarabagobotse gutyo abigisha kwiga kwibeshaho. Ubu bamwe mu rwaruka rw\u2019i Karusi bariko baribagira ko ari abashomeri.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nina ahejeje ivyigwa mu gisata cigisha ibijanye n\u2019inyifato kuri Kaminuza y\u2019Uburundi mu 2018, yaciye asubira ku gatumba. Aragerageza kurondera akazi, mu vyo yize, nk\u2019abandi bose, arabura. Mugabo ntiyaciye arera amaboko ngo yicare. Yaciye aja gukora igikorwa c\u2019ubwitange mu kigo c\u2019amahoro n\u2019iciteramabere c\u2019i Karusi (Centre pour la Paix et le D\u00e9veloppement de Karusi), aho yumviriza agafasha abitura ico kigo (\u201cPrise en charge psychosocial\u201d).&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko arakira abantu, ni ho vyashika haza abigeme bahejeje kwiga badafise akazi baba baraganira. Bamubwira ukuntu ubukene bugire bubomore, mbere ko no mu miryango yabo birirwa baratukwa ngo amashure bize ntaco abamariye. Ni ho Nina yaca yigira inama yo kubegeranya maze atangura kuza arabahuza rimwe mu ndwi bakayaga ariko bariko barakora n\u2019utundi dukorwa nko kujisha ibiseke, inkoko, n\u2019ibindi. Ivyo rero yabigize kugira abanze abakuremwo ivyiyumviro vy\u2019uko ari abashomeri, mbere aca atanguza ishirahamwe aryita \u00ab Ijefichame \u00bb (Initiative des Jeunes Filles pour le Changement de mentalit\u00e9), rikaba ryaranditswe muri komine, ubu ariko ararondera kuryandikisha mu kigo kijejwe guteza imbere no guha intumbero amakoperative \u201cANACOOP\u201d ?&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Barikenura biciye mu dukorwa bakora\u2026&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iryo shirahamwe ry\u2019urwaruka rw\u2019abigeme ruharanira guhindura ivyiyumviro ryatanguye rigizwe n\u2019abigeme 15, kandi riranditswe mu mategeko. Ariko n\u2019abahungu 6 ngo bahavuye barijamwo kugira na bo bagire ico baterereye mw\u2019ihinduka ry\u2019ivyiyumviro. Ubu ishirahamwe rigizwe n\u2019urwaruka 21.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Umwe wese yatanze 5.000Fbu maze batangura kuza barajisha n\u2019inkoko, kandi bakabigurisha bakaronka amahera yo kwikenura mu tuntu dutoduto. Mu bikorwa, bose ngo bakorera hamwe. Kandi ngo akarusho ni kanini kuko barigiriye icizere c\u2019uko bashobora kwikorera bakoreshejeje umutahe muto hanyuma bakikenura.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Hampande y\u2019ivyo, ngo muri iryo shirahamwe barigishanya impano n\u2019ubuhinga bari basanganywe ariko batari bazi ko bazikoresheje zobageza kure. Nina agira ati: \u00ab <em>Nk\u2019akarorero, uwufise impano canke ubumenyi mu vyo gukora ibikwembe, arigisha abandi, eka n\u2019abafise iyindi myuga idasa n\u2019iyo bize mu mashure bose barayizana tukayigishanya.<\/em> \u00bb\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p>Mu migambi yihutirwa, Nina Ininahazwe avuga ko bariko bakorana inguvu nyinshi, barondera amahera kugira bikorere ibikwemu \u00ab Kamanyola \u00bb bibitirirwa, mbere baka baranatanguye kubikora. Bagashaka ko ishirahamwe ryabo ritera imbere gushika rishitse ku kwikorera ibikwemu ku buryo bugezweho kandi bihurumbirwa bakabikorera i Karusi n\u2019i Bujumbura. Mbere ngo bazoguma bateza imbere n\u2019iyindi myuga n\u2019izindi mpano bafise gutyo bihe akazi bateko bagahe n\u2019abandi.&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe bari barembejwe n\u2019imiryango, incuti n\u2019abagenzi batukagurwa ngo barutwa n\u2019abatigeze baca ku ntebe y\u2019ishuri kubera bize bakabura akazi ka Reta, Nina Ininahazwe umwigeme w\u2019imyaka 32 yarabagobotse gutyo abigisha kwiga kwibeshaho. Ubu bamwe mu rwaruka rw\u2019i Karusi bariko baribagira ko ari abashomeri. Nina ahejeje ivyigwa mu gisata cigisha ibijanye n\u2019inyifato kuri Kaminuza y\u2019Uburundi mu 2018, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6825,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[550],"coauthors":[34],"class_list":["post-6813","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-nuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6813","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6813"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6813\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6828,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6813\/revisions\/6828"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6825"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6813"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6813"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6813"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6813"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}