{"id":6812,"date":"2022-01-04T18:17:17","date_gmt":"2022-01-04T17:17:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6812"},"modified":"2022-01-04T18:23:20","modified_gmt":"2022-01-04T17:23:20","slug":"come-cankuzo-yatanguye-kwiyungunganya-yiga-mumwaka-windwi-nuku-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/come-cankuzo-yatanguye-kwiyungunganya-yiga-mumwaka-windwi-nuku-burundi\/","title":{"rendered":"C\u00f4me wo mu Cankuzo : Yatanguye kwiyungunganya yiga mu mwaka w\u2019indwi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>C\u00f4me Nahimana, ni umwe mu rwaruka rwitahuye. Kwicara ata co ariko arakora yabigize umuziro. Uyu, yahisemwo kuba umurimyi-mworozi, ku buryo n\u2019urundi rwaruka rwomufatirako akarorero.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>C\u00f4me Nahimana, aracari umusore, afise imyaka 27. Aba mu ntara ya Cankuzo, komine na zone Cankuzo, ku musozi Mugozi. Ahejeje amashure yisumbuye, ntiyihutiye kurongora canke ngo aje mu gisagara, nk\u2019uko urundi rwaruka rubihurumbira. Oya. Nyabuna yaciye yiga uburyo yokwiteza imbere, ubonako kwiga kaminuza y\u2019abigenga, avuga ko bitari kumworohera kubera uburyo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Uyu musore yikorera ivyiwe mu kurima no kworora, ngo ico ciyumviro camujemwo aciga mu mwaka w\u2019indwi, hari muri 2011. Ni mu gihe yari atanguye kwiga icigwa kijanye no kurima (Cours d\u2019Agriculture).&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Amahirwe y\u2019umuntu ntamenya iyo aturuka. C\u00f4me Nahimana yararonse akaraka mw\u2019ishirahamwe ryo mu kibano bamuhemba 80.000Fbu. Nta kindi yakoze atari ukwihutira kugura impene 3. Ngo yahejeje kwiga ayisumbuye mu 2018 afise impene 9.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Kurera amaboko arabizira. Agira ati : \u00ab <em>Mu mwaka wa 2018 naciye ngurisha impene 3 mu zo nari mfise, ndonka 150.000Fbu. Nca nja kugura imbuto, n\u2019ifumbire. Natanguye kurima ibigori n\u2019imyumbati. Mu gihe c\u2019iyimbura, mparuye ayo nakoresheje n\u2019ayo mba nsigaranye, ndunguka amahera arenga 200.000Fbu.<\/em> \u00bb\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Naho bitoroshe yagumyeko \u2026&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Burya umuntu agitangura ngo usanga bitoroshe. Kanatsinda kurima bisaba uburyo butari buke. C\u00f4me Nahimana agira ati: \u00ab <em>Bisaba ko uba ufise aho kurima hakwiye, ufise amahera yo kugura imbuto, guhemba abakozi, umwavu, kandi rero uburimyi ntibushoboka utoroye kugira uze uraronka umwavu w\u2019ikirundi.<\/em> \u00bb Aho rero ni ho C\u00f4me yashize inguvu.\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ko ivyo C\u00f4me yakora yisunga ivyo yize mw\u2019ishure, yabonye bidakwiye yikora ku bafundi b\u2019indimo ku mitumba, baza baramukurikirana, banamupompera imiti ku bigori mu gihe biba bitewe n\u2019impongwa. Kubera atari afise uwumufata mu mugongo, yarimye, hato, agenda arakura. Ivyo rero akabikora ku gatwe kiwe. Kuva abitanguye gushika ubu, aho arima hamaze kwigwiza incuro zitandatu, kuko ubu ageze ku mahegitari 3, yatanguriye kuri 0,5.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>C\u00f4me Nahimana, ubu afise impene 13 kandi yipfuza kugura inka mu minsi. Mu migambi ya kazoza, avuga ko, kubera acikora ku mirima y\u2019umuryango, n\u2019aho akota, ngo ariko ararwana no kwigurira amatongo yiwe bwite, arime, abe umurimyi-mworozi azwi mu karere, akorane n\u2019amahinguriro, mbere atsindire n\u2019amasoko yo kwigisha abandi kurima no kworora kijambere. Agahamagarira urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora rwiteza imbere.&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>C\u00f4me Nahimana, ni umwe mu rwaruka rwitahuye. Kwicara ata co ariko arakora yabigize umuziro. Uyu, yahisemwo kuba umurimyi-mworozi, ku buryo n\u2019urundi rwaruka rwomufatirako akarorero. C\u00f4me Nahimana, aracari umusore, afise imyaka 27. Aba mu ntara ya Cankuzo, komine na zone Cankuzo, ku musozi Mugozi. Ahejeje amashure yisumbuye, ntiyihutiye kurongora canke ngo aje mu gisagara, nk\u2019uko urundi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6824,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[550],"coauthors":[34],"class_list":["post-6812","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-nuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6812","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6812"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6812\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6827,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6812\/revisions\/6827"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6824"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6812"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6812"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6812"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6812"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}