{"id":6804,"date":"2021-12-30T11:53:00","date_gmt":"2021-12-30T10:53:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6804"},"modified":"2022-01-04T12:01:37","modified_gmt":"2022-01-04T11:01:37","slug":"haracariho-ibibazo-vyinshi-bizingamitse-iterambere-amakoperative-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/haracariho-ibibazo-vyinshi-bizingamitse-iterambere-amakoperative-burundi\/","title":{"rendered":"Haracariho ibibazo vyinshi bizingamitse iterambere ry\u2019amakoperative"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu ntumbero ya Reta y\u2019Uburundi amakoperative afatwa nk\u2019inzira y\u2019ugushika kw\u2019iterambere rirama. Ariko kugira ngo ivyo bikunde bisaba inguvu n\u2019ivyiyumviro vya benshi kugira ngo hatorerwe umuti w\u2019ibibazo bikiri vyinshi mw\u2019ico gisata.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ugushaka kwa Reta kwo kwongera inguvu mu makoperative kugaragaza intumbero yayo yo kugira amakoperative igikoresho co gushika kw\u2019iterambere rirama mu gutsinda ubukene na cane cane hagati mu gihugu. Ikigaragara mu Burundi co kimwe no mu bindi bihugu vya Afurika, ni uko ikibazo c\u2019ubukene cibonekeza gusumba hagati mu gihugu. Nk\u2019uko ISTEEBU (2014) ibigaragaza, ingo zo mu bisagara zifashe neza kurusha iza ruguru, aho ubukene buri ku rugero rwa 23,6% gusa ugereranije na 62% hagati mu gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Tubanze twibukanye: ku wa 28 Ruheshi 2017, niho hemezwa ku mugaragaro itegeko rigenga amakoperative mu Burundi. Ku wa 12 ntwarante 2019, hashizweho ikigo ANACOOP gishinzwe gukurikirana no gusuzuma amakoperative mu Burundi, hakurikira gutanguza amakoperative yo ku mutumba yiswe Sangwe, izo nazo zikaba zahawe ingurane y\u2019imiliyoni 10 z\u2019amarundi, zishurwa mugihe cyimyaka 2. Ibintu vyiza vyo kwishimira \u2026<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko impungenge ntizibuze kuko kuva amakoperative atanguye gukora mu Burundi kuva mu myaka ya 1950, kugeza n\u2019ubu inyuma y\u2019imyaka 70, ibintu ntibishimishije muri ico gisata. Kuri iyi ncuro, itanguzwa ry\u2019amakoperative ya SANGWE imbere gato y\u2019amatora yo mu 2020 vyatumye bamwe bafatako iki gikorwa ari ico kurondera amajwi maze amafaranga bayasimbirako barayagandagura nk\u2019ukwo twagiye turavyibonera kandi tubibiyagirwa na benshi ku mitumba aho twagiye turaca.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibibazo bica bivuka ni nk\u2019ibi: n\u2019iyihe mpamvu ituma amakoperative adater\u2019imbere mu Burundi kugeza ubu? Vyoba biva ku kuntu abantu basanzwe babayeho? K\u2019umuco w\u2019abarundi? N\u2019iyihe nteguro yashizweho kugira ngo kuri iyi ncuro umuzo wa koperative ushobore kuvyazwa umusaruro? Twaregereye abakorera bamwe muri ico gisata baraheza baradusigurira uko ibintu bimeze.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibibazo bihari n\u2019ibihe?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugirango iterambere rirama rigerweho, reta igomba gukemura ibibazo bikomeye vy\u2019uburongozi bubi biri muri koperative. Uwo n\u2019umwihwezo wa Lib\u00e8re Bukobero, umunyamabanga mukuru wa ADISCO. \u00ab <em>Bivuye ku burongozi bubi, dusanga mu makoperative, uzosanga amakoperative agenda asubira inyuma aho gutera imbere. Uwurongoye koperative yishiramwo ko ari akaryo keza kuri we yo kurya. Ngo Impene irisha aho iziritse. Abagize inzego zirongoye Koperative n\u2019abo aho kwamirira kure kenshi bafatanya nawe canke kubera gutinya ko bashirwa ku ruhande baramutse barwanije ubwo bunyonyezi bagaca bihorera. Iki nikibazo gikomeye cane kw\u2019iterambere ry\u2019amakoperative.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa D\u00e9ogratias Niyonkuru, Umuhanuzi muri ADISCO, iyindi ntambamyi ihari ni iyo kwandika n\u2019ugutunganya neza imigambi ya koperative ku buryo abanywanyi bose bayumva kumwe kandi bakayigira rwabo: \u00ab <em>Imigambi iyo itizweko neza bituma n\u2019amabanki canke amshirahamwe y\u2019ukuguranana adashobora kuyiha agaciro ngo ayironse ingurane. Vyongeye kandi, bitewe n\u2019uko amakoperative menshi ari mu bworozi n\u2019uburimyi, iterambere ryayo ritegerezwa guca mw\u2019iterambere ry\u2019ico gisata gisanzwe kiri no mu bihambaye mu buzima bw\u2019igihugu kuko gikoresha abarundi barenga ibice 80%.<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi kibazo ni uko mu gihugu c\u2019Uburundi ibice 10% bonyene ari bo bafise uburyo bwo gusaba ingurane muri banki, bigaca bigora amabanki gushira ingurane mu gisata c\u2019uburimyi gisanzwe kidateye imbere: \u00ab <em>Imirima y\u2019imiryango, ni mitoya cane mu bunini ( munsi ya hegitari imwe), kur\u2019ubwo itanga n\u2019umusaruro muke. Muri ico gihe abashira imitahe muri ico gisata c\u2019uburimyi baca baba bake. Na bake bayishirayo akenshi baca bashira mu biterwa njabukamazi gusumba ibiterwa mbumbarugo.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Kuri iki kibazo cerekeye amakoperative yo mu burimyi n\u2019ubworozi, iyindi ntambamyi ikomeye ni ukubura uburyo bwo gushiraho abafundi b\u2019indimo n\u2019abavuzi b\u2019ibitungwa bashobora gukurikirana imirima n\u2019ibitungwa vy\u2019abarimyi mu ngo zabo canke ku rwego rw\u2019amakoperative ku munsi ku munsi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi gikenewe muri rusangi, n\u2019abahinga, bigisha abanywanyi bahurikiye mu ma koperative uburyo bw\u2019ugutegura imigambi myiza n\u2019amabanki ashobora gushima.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Inyishu none zoba izihe?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Dufatiye ukwo ibintu bimeze ubu, icizere kirahari ko dushobora kubona iterambere riciye ku ma koperative. Icihutirwa ni ukwo mbere na mbere, abanyagihugu bobanza bagasigurirwa bikwiye ivyiza vy\u2019amakoperative. Bishikirizwa na Evrard Ndayikeje umuyobozi mukuru wa ANACOOP. Avuga kandi ko ANACOOP iri ku kivi kugira ngo amakoperative yose ashobore gushiraho inzego z\u2019ubuyobozi nk\u2019uko amategeko abiteganya: \u00ab <em>Twariyemeje gukuraho inzitizi z\u2019ubuyobozi zigira ingaruka ku bikorwa vyo gushinga, guteza imbere, no kwagura amakoperative<\/em>.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Vyongeye kandi, mu rwego rwo gutera intege amakoperative, cane cane ku bijanye no kubura amasoko, imwe mu ntambamyi zugarije amakoperative, ku wa 18 Nzero 2021, Reta y\u2019Uburundi yashyizeho ANAGESSA (Ikigo c\u2019igihugu gishinzwe gucunga no kubika umwimbu wo mu burimyi , ubworozi n\u2019uburovyi ku isoko. Iki kigo nico kigena igiciro n\u2019ubwoko bw\u2019ibicuruzwa bigomba kugurishwa, hamwe n\u2019ukurondera amasoko.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubwo biri ukwo dufatiye ku ntege nke n\u2019ukudashika ku ntumbero vyashiriweho ibigo vya Reta mubihe vyaheze, benshi baribaza niba ANAGESSA izoshika ku ntumbero yayo. Kur\u2019ubwo ANAGESSA izohangana n\u2019ibibazo vyinshi bikomeye. \u00ab <em>Ica mbere, gukorana n\u2019abandi vyega mu kuzamura umwimbu, ntidushobora kubungabunga umwimbu tudafise. Ica kabiri ni gushiraho uburyo bwiza bwo kubika umwimbu kugira ngo ntuborere mu bubiko. Ikindi kibazo gikomeye ni ukugurisha ibicuruzwa vyiza bikwije ibisabwa n\u2019amategeko mu gihe kenshi usanga kenshi ibicuruzwa mu Burundi bidakwije ibisabwa ugereranije n\u2019ibicuruzwa mu mahanga, ivyo bikaba biri mu vyotuma ivyimburwa vy\u2019abarundi bitagurishwa neza mu makungu<\/em> \u00bb, nk\u2019uko bisobanurwa na Mathias Siniremera, umucuruza.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi c\u2019ugukomeza n\u2019ubivugizi bw\u2019amakoperative. Muri iyo ntumbero yo gukomeza amakoperative, Inades-Formation niyo yabaye iyambere mu gushiraho inani z\u2019amakoperative ku rwego rw\u2019igihugu ( f\u00e9d\u00e9rations ). \u00ab <em>Abarimyi bashiraho amakoperative ku rwego rwimisozi, ayo nayo agashiraho ihuriro ku rwego rw\u2019amakomine, gushika ku rwego rw\u2019igihugu mu gushiraho FOPABU (Forum des Producteurs Agricoles du Burundi) ihuza amashirahamwe y\u2019abarimyi-borozi b\u2019ibiterwa bitandukanye kikaba gifise intumbero yo gushimangira ubuvugizi bw\u2019abarimyi imbere ya Reta<\/em> \u00bb, ibi bigashikirizwa na Sylvain Nimubona, umuyobozi ajejwe imigambi muri Inades-Formation.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ncamake, umunywanyi wa koperative wese ategerezwa kwumva n\u2019ugutahura ibikorwa n\u2019imigambi ya koperative. Kugira ivyo navyo bishikweko hakaba hagikenewe inyigisho nyinshi kugira binyengetere mu banyagihugu mu gihe benshi muri bo batizera amakoperative nk\u2019umushinge w\u2019iterambere rirama \u2026<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu ntumbero ya Reta y\u2019Uburundi amakoperative afatwa nk\u2019inzira y\u2019ugushika kw\u2019iterambere rirama. Ariko kugira ngo ivyo bikunde bisaba inguvu n\u2019ivyiyumviro vya benshi kugira ngo hatorerwe umuti w\u2019ibibazo bikiri vyinshi mw\u2019ico gisata. Ugushaka kwa Reta kwo kwongera inguvu mu makoperative kugaragaza intumbero yayo yo kugira amakoperative igikoresho co gushika kw\u2019iterambere rirama mu gutsinda ubukene na cane cane [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":35,"featured_media":6805,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[527],"coauthors":[441],"class_list":["post-6804","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-amakoperative"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6804","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/35"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6804"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6804\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6806,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6804\/revisions\/6806"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6805"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6804"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6804"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6804"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6804"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}