{"id":6784,"date":"2021-12-30T11:21:53","date_gmt":"2021-12-30T10:21:53","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6784"},"modified":"2023-10-08T10:49:46","modified_gmt":"2023-10-08T08:49:46","slug":"intahe-pascal-amaze-imyaka-31-agendana-umugera-wa-sida-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/intahe-pascal-amaze-imyaka-31-agendana-umugera-wa-sida-burundi\/","title":{"rendered":"Intahe ya Pascal, amaze imyaka 31 agendana umugera wa SIDA"},"content":{"rendered":"\n<p>Pascal Minani yamenye ko yanduye umugera wa Sida mu 1990, yubatse kandi afise abana 2, umukenyezi wiwe nawe yibungenze. Uwo mukenyezi yahavuye ahitanwa n\u2019ico kiza, asiga umwana ku ngoyi. \u00ab<em>\u00a0Maze kumenya ko twe n\u2019umupfasoni wanje twanduye, nari mfise ubwoba ko n\u2019abana banduye, ko umuryango wose tugiye guhona. Ariko mu nyuma naravyakiriye, ndabifata nk\u2019ibisanzwe, ndemanga ko ngendana umugera wa Sida, kandi ndatanguza urugamba rwo kurwanya umugera wa Sida mu ntara ya Makamba. Hanyuma naragiye ku muti, ndawufata ntihisha nk\u2019uko bamwe babigira, kandi iyo nyifato yaramfashije cane ituma mara iyi myaka 31 maranye umugera wa Sida<\/em>\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Yahavuye asubira kwubaka<\/strong> &#8230;<\/p>\n\n\n\n<p><em>Napfakaye mu 1995 mfise abana 3 kandi baradutunga urutoke, bakavuga ngo Pascal yaranduye, n\u2019abana biwe bashobora kuba bawufise. Abana baravyumva, bamaze gukura, barafashe ingingo yo kuja kwipimisha ntabizi kandi ntahari mu 2008. Umunsi natahutse, abana bati turagufitiye inkuru nziza kandi utadusohokanye ntayo tukubwira\u00a0\u00bb<\/em>. Pascal Minani yahavuye abasohokana barafata akaboga n\u2019agafanta. Basubiye muhira niko kumubwira ko bagiye kwipimisha basanga barakomeye. \u00ab\u00a0<em>Uwo munsi sinzopfa ndawibagiye, narakoroye amosozi y\u2019umunezero<\/em>\u00a0\u00bb. Ariko Pascal Minani ntiyashizwe, yaragiye kubapimisha ahandi habiri, kugira ahinyuze ko koko bakomeye kandi yasanze batamubeshe. \u00ab\u00a0<em>Maze kumva ntekanye mu mutima, imiti y\u2019umugera wa sida itanguye kuboneka, abantu bakayironka badatamye, naciye mfata ingingo yo kurondera uwundi mufasha tukaba dufitaniye abana 3, bose barakomeye co kimwe na nyina wabo<\/em>\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong><strong>Ibanga ryo kurambana umugera wa Sida ni irihe?<\/strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Pascal agira ati: \u00ab\u00a0<em>Ica mbere ni ukwakira ibibazo urimwo, ko wanduye kandi ukavyemanga. Bituma atawusubira kugutunga urutoke. Gufungura, mfungura nk\u2019abandi, ndakora akazi nk\u2019abandi. Ico nahevye ni inzoga. Ariko igikomeye, ni ugufata neza umuti, utinyegeza. Gerageza unezerwe, ubone ko ijuru ritagukorokeyeko. Ikiba gisigaye ni ukugendera neza impanuro z&rsquo;abaganga no gufata umuti neza<\/em>\u00ab\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p>Pascal arangize yibutsa ko ari ko ari bibi ko uwanduye yama yijiriwe, yihebuye, ahubwo yoja mubandi akarema.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Pascal Minani yamenye ko yanduye umugera wa Sida mu 1990, yubatse kandi afise abana 2, umukenyezi wiwe nawe yibungenze. Uwo mukenyezi yahavuye ahitanwa n\u2019ico kiza, asiga umwana ku ngoyi. \u00ab\u00a0Maze kumenya ko twe n\u2019umupfasoni wanje twanduye, nari mfise ubwoba ko n\u2019abana banduye, ko umuryango wose tugiye guhona. Ariko mu nyuma naravyakiriye, ndabifata nk\u2019ibisanzwe, ndemanga ko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6785,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[548,547],"coauthors":[34],"class_list":["post-6784","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-anss","tag-vih"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6784","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6784"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6784\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6788,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6784\/revisions\/6788"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6785"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6784"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6784"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6784"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6784"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}