{"id":6755,"date":"2021-12-29T06:23:26","date_gmt":"2021-12-29T05:23:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6755"},"modified":"2021-12-29T06:29:24","modified_gmt":"2021-12-29T05:29:24","slug":"umugambi-amakoperative-abakora-akazi-taxivelo-ntibasigaye-inyuma-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugambi-amakoperative-abakora-akazi-taxivelo-ntibasigaye-inyuma-burundi\/","title":{"rendered":"Mu mugambi w\u2019amakoperative, n\u2019abakora akazi ka \u00abtaxi-v\u00e9lo\u00bb ntibasigaye inyuma"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abakora akazi ko kwunguruza abantu n\u2019ibintu bakoresheje amakinga mu gisagara ca Bujumbura ubuzima ntibuboro-hera. Mu gihe baba bavuye ruguru bazi ko baje kubukura mu cibo ndetse n\u2019imiryango yabo igashikirwa akenshi siko bigenda. Amafaranga binjiza ni make kandi ivyo bakenera buri musi navyo bikaba bikenera uburyo butari buke. Mu Nyakabiga, abakora uwo mwuga basa naho batoreye inyishu ico kibazo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kwinjiza amafaranga yotunga umuryango na \u00ab taxi-v\u00e9lo \u00bb bisa naho bidashoboka. Marcel akora ako kazi arasigura ahahagaze ingorane : \u00ab <em>Akazi kacu ubwa mbere kadusaba inguvu nyinshi. Dutegerezwa gufungura n\u2019imiburiburi gatatu ku munsi kandi neza. Gutyo kw\u2019isahani y\u2019ivyo kurya itagurwa musi y\u2019igihumbi (1.000 Fbu), buri munsi amafaranga arenga ibihumbi bitatu (3.000 Fbu) arasohoka umufuko kubwo gufungura gusa. Aho rero ntihavuzwe ko ikinga ishobora gupfa igakoreshwa ku buryo buri hagati ya 500 Fbu gushika kuri 700 Fbu n\u2019ayarenga, ivyo kuriha inzu, kwivuza, n\u2019ibindi biza giturumbuka bikenera amahera.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Marcel yakomeje abitwiganira, ako kazi ko kwunguruza abantu n\u2019ibintu hakoreshejwe ikinga, karashobora kwinjiza amafaranga ari hagati ya 5.000 Fbu na 6.000 Fbu. Ku baba bakoresha amakinga atari ayabo, baratanga 1.200Fbu kuri nyene ikinga buri munsi. Dufatiye rero ku bikenera amafaranga tumaze kwumva aho hejuru, ntibitangaje kwumva ko uwukoresha ikinga ashobora kudashika kuri rya hangiro ryo kwiteza imbere no gufasha imiryango biciye muri ako kazi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuja muri koperative, inyishu kuri izo ngorane<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Akamo ka reta ko guhamagarira abantu bose kuja hamwe mu makoperative ntikaciye inyuma y\u2019amatwi ku bakora akazi ko kwunguruza abantu n\u2019ibintu bakoresheje ikinga muri karitiye Nyakabiga, mu gisagara aca Bujumbura. Babitoreyemwo akaryo nyabuna ko guhangana n\u2019ikibazo co kwiteza imbere.<\/p>\n\n\n\n<p>Igenekerezo rya 11 Munyonyo 2020, koperative y\u2019aba \u00abtaxi-v\u00e9los\u00bb bo muri Mukaza ihurikiwemwo n\u2019abakora akora ako kazi yarabonye izuba. Mu ntango zayo iyo koperative yari igizwe n\u2019abanywanyi 37 ihava irahurumbirwa cane aho ubu igeze kubashika 65, harimwo n\u2019abakenyezi batanu bakora urudandazwa ruto muri ako karere ka Nyakabiga.<\/p>\n\n\n\n<p>Kugira baronke uburyo bakoresha nka koperative, abo banywanyi barashira hamwe uburyo bwabo. Mu ntango batanguye umwe wese atanga amafaranga ijana (100 Fbu) ku musi, mu nyuma barayongereza batanga 1.500 Fbu ku ndwi, nayo nyene barayaduza kandi ku gushaka kwabo bayashitsa kuri 2.000 Fbu ku kiringo c\u2019indwi imwe nyene. Ubu bakaba baharura ubutunzi bwabo mu miriyoni zitatu zose (3.000.000 Fbu) ku mezi 6 yonyene bamaze batanguye.Ibikorwa vy\u2019iyo koperative bikaba bishingiye ku guhana ingurane ntonto (zigarukira kuri 150.000 Fbu) hagati yabo zisubizanywa inyungu yumvikanyweko na bose y\u2019ibice 10 kw\u2019ijana (10%) ku kwezi.<\/p>\n\n\n\n<p>Iruhande y\u2019ivyo barashira amahera no mu migambi yinjiza amafaranga aho ubu bamaze kwugurura akabare k\u2019inzoga z\u2019ikirundi n\u2019izo mu mahinguriro aho nyene mu Nyakabiga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Nubwo intambamyi zitabuze, ivyo birata n\u2019imigambi ya kazoza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019ingurane bahanahana, ivyo birata mu gihe gito bamaze batanguye si bike. Igihe twabagendera, twasanze ari akanyamuneza kadasanzwe kuri Pascal yari avuye ruguru kwimbura itoni n\u2019igice y\u2019ibiraya yari yarimye akoresheje umutahe umutahe yongereje n\u2019ingurane ya 130.000 Fbu aronse muri koperative. Eka n\u2019abandi banywanyi b\u2019iyo koperative muri rusangi barashima ku kugene basigaye boroherwa kubw\u2019iyo ngurane bagashobora gukoresha vyoroshe amakinga yabo igihe yahuye n\u2019utubazo, kuronka ayo kuriha inzu babamwo, kugura ibikoresho vy\u2019ishure vy\u2019abana babo, kwivuza n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu migambi ya kazoza, bategekanya gutanguza inzu y\u2019uburiro (\u00ab restaurant \u00bb), gushinga urusyo rw\u2019ikizungu hamwe no kwugurura inzu y\u2019idandarizo ry\u2019ibikoresho vy\u2019amakinga basanzwe bagura ku bandi. Baranategekanya gutanguza umugambi wo kuvuzanya hagati yabo n\u2019imiryango yabo (\u00ab mutuelle \u00bb) nk\u2019uko twabiyagiwe na Nestor ajejwe ikigega c\u2019iyo koperative. Nayo Evariste ayirongoye amenyesha ko bazitangira uko bishoboka kwose uwo mugambi batanguye mbere agasaba na Reta ko nabo nyene yobaraba ryiza ikabashigikira mu kubaronsa uburyo bwo gushika kw\u2019ihangiro ryo kugwanya ubukene no gutegura kazoza keza bihaye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abakora akazi ko kwunguruza abantu n\u2019ibintu bakoresheje amakinga mu gisagara ca Bujumbura ubuzima ntibuboro-hera. Mu gihe baba bavuye ruguru bazi ko baje kubukura mu cibo ndetse n\u2019imiryango yabo igashikirwa akenshi siko bigenda. Amafaranga binjiza ni make kandi ivyo bakenera buri musi navyo bikaba bikenera uburyo butari buke. Mu Nyakabiga, abakora uwo mwuga basa naho batoreye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":6773,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[545,527,546,394],"coauthors":[505],"class_list":["post-6755","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-akazi","tag-amakoperative","tag-nyakabiga","tag-taxi-velo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6755","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6755"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6755\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6777,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6755\/revisions\/6777"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6773"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6755"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6755"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6755"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6755"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}