{"id":6754,"date":"2021-12-29T06:19:28","date_gmt":"2021-12-29T05:19:28","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6754"},"modified":"2021-12-29T06:29:17","modified_gmt":"2021-12-29T05:29:17","slug":"amakoperative-akarusho-intambamyi-kurima-umuceri-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakoperative-akarusho-intambamyi-kurima-umuceri-burundi\/","title":{"rendered":"Amakoperative : akarusho n\u2019intambamyi biri mu kurima umuceri"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Umuceri n\u2019igiterwa gikomeye mu Burundi, ntasubirizwa mu vyo abantu bafungura buri munsi. Ico gifungurwa kikaba kiza ku mwanya wa kabiri nyuma y\u2019ibiharage mu bifungur-wa Abarundi bakunze gufungura. Ivyo rero bituma umuceri ufatwa nk\u2019igiterwa gishobora kugirira akamaro kadasanzwe amakoperative n\u2019ubutunzi bw\u2019igihugu bukisununura mu gihe coshirwamwo inguvu. Twarabahotohoreje<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab <em>Mu myaka iheze umuceri wafatwa nk\u2019igifungurwa c\u2019akataraboneka cafungurwa n\u2019abanyamuji canke ku minsi mikuru (Pasika, Noheri, n\u2019iyindi), ariko ubu sikwo biri, umuceri wahindutse imfungurwa abantu benshi bafungura na cane cane abahurira hamwe ari benshi aho ni nko mu mashure, amakambi ya gisirikare, ibitaro \u2026 Eka no mu miryango yo hagati mu gihugu, umuceri ugenda uba kirumara <\/em>\u00bb, Ukwo nikwo vyandikwa na Jean Elys\u00e9e Mbonankira, umuhinga yakoze ubushakashatsi ku giterwa c\u2019umuceri mu Burundi.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubwo biri ukwo iterambere ry\u2019igiterwa c\u2019umuceri mu Burundi rigenda rizingamikwa n\u2019intambamyi zitari zike. Nk\u2019akarorero ninko kubona igihugu kibandanya kurangura mu mahanga umuceri ufungurwa mu Burundi, aho ni mu gihe Uburundi bwimbura itoni zirenga 80.000 z\u2019umuceri ku mwaka ariko bugakoresha itoni 72.000 gusa. Ivyo bikaba bishikirizwa n\u2019ishirahamwe ADISCO. Bisigura ko umuceri wimburwa mu Burundi ushobora guhaza abarundi bitabaye ngombwa ko harangurwa uwundi uvuye mu mahanga.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikibazo kirihe none ? Twaregereye abarimyi b\u2019umuceri baratuyagira. Salvator Karahamye ni umurimyi w\u2019umuceri wo mur koperative Umuco w\u2019abarimyi ku musozi wa Gatura muri komine ya Bubanza, agira ati: \u00ab <em>Kurima umuceri bisaba vyinshi kandi biraruhisha cane, duhura n\u2019ibibazo bitandukanye, ica mbere, ni ingwara zikarira umuceri. Ica kabiri, turabura amazi yo kwuhira imirima yacu hagaca hiyongerako ikibazo c\u2019uguteba gutanga ifumbire, mu gihe twebwe tuba twarishe imber y\u2019igihe. Akenshi iyo fumbire izogera kudushikira mu gihe imirima yacu bitagishoboka ko tuyifumbira. Sinokwibagira ingorane zo kubona ingurane ya banki. Akenshi duca twiyambaza abo ng\u2019aha mu kibano bashoboye kutugurana na make make ariko n\u2019abo baraduca intege: ku ngurane ya 200.000 Fbu, usanga bakwishuza 60.000 Fbu vy\u2019inyungu mu gihe kitarenze n\u2019ukwezi.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Karahamye yongera ati: \u00ab <em>Reta ikwiye kubuza imiceri mvamahanga kugira habe gukingira umwimbu wo ng\u2019aha mu Burundi<\/em>. \u00bb. Umukenyezi St\u00e9phaniya, asanzwe acuruza umuceri muri koperative IASCO y\u2019i Mitakataka muri komine ya Bubanza, nawe agira ati: \u00ab <em>Umuceri wacu ni mwiza cyane kandi dufise ubwoko buhagije, Kazosi, Nabusegenya, nibindi<\/em>. \u00bb Ali Amos, umuyobozi wa CNARI (\u00ab Conf\u00e9d\u00e9ration Nationale des Riziculteurs \u00bb), ihuza amashirahamwe 17 y\u2019abarimyi b\u2019umuceri bo mu ntara 17 z\u2019igihugu, we mu ncamake amenyesha ko impamvu zibuza iterambere ry\u2019igiterwa c\u2019umuceri ari nka zine ku bwiwe ari: \u00ab <em>Ihinduka ry\u2019ikirere, kubura imbuto zirobanuye, ifumbire ikoreshwa idahagije ndetse n\u2019ubukene mu barimyi b\u2019ico gikorwa<\/em>. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0843-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6767\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0843-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0843-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0843-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0843-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0843-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption><em>Ali Amos aserukira CNARI ku rwego rw&rsquo;igihugu. (Bubanza)\/Jimbere<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>None hokorwe iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ngo ntakindi kibaraza ishinga uretse iterambere ry\u2019igiterwa c\u2019umuceri eka n\u2019abarimyi bawo, aha ni muri rwa runani rw\u2019abarimyi b\u2019umuceri ku rwego rw\u2019igihugu (CNARI) rwashinzwe mu 2019, rusanzwe runahurikiye mu mpuzamashirahamwe y\u2019abarimyi b\u2019Abarundi FOPABU. CNARI Ikaba ifise abanywanyi barenga 22.000 (harimwo abakenyezi bagera ku 10.000). Ikibaraje ishinga, ubwa mbere na mbere, akaba ari ugushiraho uburyo butuma abarimyi b\u2019umuceri baronka ingurane vyoroshe. Ali Amos ati: \u00ab <em>Tugomba mbere na mbere gukemura ikibazo c\u2019ukuronka ingurane mu gushiraho ibanki ntoya kandi ibegereye (\u00ab <\/em>microfinance <em>\u00bb), ikazoba ihurikiyemwo abarimyi b\u2019umuceri. Nyuma y\u2019ivyo, tukozoshiraho n\u2019ishirahamwe ry\u2019ukuvuzanya ry\u2019abarimyi.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Kugeza ubu rero Ibikorwa vya CNARI bikaba vyibanda cane ku buvugizi bw\u2019abarimyi b\u2019umuceri, aho ngo ni nko mu kugena igiciro cumuceri: \u00ab <em>Kugeza ubu, tukaba tuguma dusaba ko hoba igabanywa ry\u2019umuceri urangurwa hanze y\u2019igihugu kuko ari igihombo gikomeye ku barimyi b\u2019umuceri, kuko umwimbu wabo baca bawuburira amasoko.<\/em>\u00bb Bitayeko kandi, kubwa Ali Amos, umwimbu w\u2019umuceri ugomba kwongerwa biciye mu buryo bwo gushishikariza abarimyi gushinga amashirahamwe, aho bashoyoboye kurimira hamwe ariko kandi n\u2019uguhagararira inyungu zabo bihereye aho basanzwe barimira.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko umushakashatsi Mbonankira abitangaza, umuceri n\u2019ingirakamaro cane hamwe wotezwa imbere, wokwinjiriza ingo cane. Akaba yandikako nko mu kiyaya c\u2019Imbo, arico giterwa cinjiza amafaranga gusumba ibindi. Ibi bikagirira akamaro b\u2019aba abagabo n\u2019abakenyezi (abakenyezi barima umuceri barigenga kurusha bagenzi babo mu giterwa c\u2019ikawa canke icayi, aho usanga imirima ikunze kwegukira abagabo gusa). Uwo muhinga agashikiriza kandi ko umuceri uza ku mwanya wa kabiri mu biterwa vy\u2019intete ng\u2019aha mu Burundi inyuma y\u2019ibigori. N\u2019ayo amatongo urimwamwo akaba agenda yiyongera ku mwaka ku mwaka, ivyo navyo ngo bikaba arivyo gushima.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umuceri n\u2019igiterwa gikomeye mu Burundi, ntasubirizwa mu vyo abantu bafungura buri munsi. Ico gifungurwa kikaba kiza ku mwanya wa kabiri nyuma y\u2019ibiharage mu bifungur-wa Abarundi bakunze gufungura. Ivyo rero bituma umuceri ufatwa nk\u2019igiterwa gishobora kugirira akamaro kadasanzwe amakoperative n\u2019ubutunzi bw\u2019igihugu bukisununura mu gihe coshirwamwo inguvu. Twarabahotohoreje \u00ab Mu myaka iheze umuceri wafatwa nk\u2019igifungurwa c\u2019akataraboneka cafungurwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":35,"featured_media":6765,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[527,259],"coauthors":[441],"class_list":["post-6754","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-amakoperative","tag-umuceri"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6754","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/35"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6754"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6754\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6783,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6754\/revisions\/6783"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6765"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6754"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6754"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6754"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6754"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}