{"id":6753,"date":"2021-12-29T06:17:48","date_gmt":"2021-12-29T05:17:48","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6753"},"modified":"2021-12-29T06:29:12","modified_gmt":"2021-12-29T05:29:12","slug":"kumitumba-amakoperative-sangwe-yifashe-gute-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kumitumba-amakoperative-sangwe-yifashe-gute-burundi\/","title":{"rendered":"Ku mitumba, amakoperative Sangwe yifashe gute?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Reta y\u2019Uburundi, mu mugambi wo kwiteza imbere, ya-hamagariye abanyagihugu kuja hamwe kugira batorere in-yishu ku bibazo bafise, na cane cane baronke ivyo bafungu-ra bikwiye. Yaciye ibashigikiza ingurane y\u2019imiriyoni 10 kuri buri Sangwe yo ku mutumba. None ico ciyumviro ca Reta carashobotse canke kiracakeneye gushigikirwa ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umugambi w\u2019amakoperative ya Sangwe watanguye mu mwaka wa 2019. Reta y\u2019Uburundi yaciye itegekanya ingurane y\u2019imiriyoni 10 kuri buri Sangwe yo ku mutumba. Amahimirizwa aca aratangura mu makomine no ku mitumba ahamagarira abato n\u2019abakuze kuja hamwe mu makoperative yo ku mitumba, ubona ko nyamwigendako atarimira impeshi.<br>Ngayo rero ayo makoperative aravutse. Baratanze amafaranga y\u2019umutahe w\u2019ibanze baba bumvikanye, ngiyo na ya ngurane ya Reta no ku makonti yabo ngo ba. Hasigaye iki none? Gutangura imigambi nta kindi. None ubwo iyo migambi barayize neza kuburyo itazohomba? Hoho, bari bafise uko bitunganije? Bariteguriye kuriha iyo ngurane ? Canke hakenewe ayandi kugira binagure ?<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru Jimbere, giherekejwe n\u2019ikigo ca Reta kijejwe guha intumbero no guteza imbere amakoperative \u00ab ANACOOP \u00bb, kirabayagira uko casanze amwe mu makoperative ya Sangwe cagendeye mu gihugu yifashe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakoperative ya Sangwe ku mitumba yahawe ingurane atariga ico azoyikoza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu barongoye amakoperatve ya Sangwe ku mitumba, bavuga ko bakimara kwumva akamo ka Reta y\u2019Uburundi kabahamagarira kuja hamwe mu makoperative baciye bihutira kubikora. Abaja muri ayo makoperative babwirizwa kubanza kuriha amahera y\u2019umutahe w\u2019ibanze kugira koperative igire izina, bayandikishe baronke n\u2019amakonte bashirako amafaranga.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntango, bari bazi ko ari amahera abanywanyi bakoperative bazogabangana, hanyuma umwe wese akaja gukora ivyiwe akazosubiza ayo yahawe muri koperative. Ariko amahera amaze gushika si ko vyagenze, koperative yabwirizwa guca yifatira mu minwe ayo mafaranga, bakigira hamwe umugambi bakora kw\u2019izina rya koperative, atari kw\u2019izina ry\u2019umunywanyi. Ivyo bikaba vyaciye bituma amakoperative amwe amwe abanza kwicarika amahera y\u2019ingurane yari yaronse yiyumvira umugambi yotanguza, ayandi makoperative aca atanguza umugambi atizeko neza agaca ahomba, bakiyumvira uwundi mugambi munyuma bamaze guhomba.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019akarorero ni aka koperative ya sangwe Nkonyovu iri muri komine Rutegama mu ntara ya Muramvya. Iyi, ikironka za miriyoni cumi, zitanu muri zo zahomvye zose kuko baciye bazishira mu bworozi bw\u2019ingurube zica zifatwa n\u2019akaranda zihonera rimwe. Ast\u00e8re Nzigirabarya, icegera c\u2019uwurongoye iyo koperative ati: \u00ab <em>Ntitwari twize umugambi neza tugitangura. Mu nyuma twaciye twungururiza mu burimyi bw\u2019ibirayi n\u2019ubworozi bw\u2019inka<\/em>. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingurane yahawe ama Sangwe yoba izishurwa ku gihe ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abari muri ayo makoperative yo ku mitumba bazi ko iyo ngurane izosubizwa Reta haheze imyaka 2 bayikoresha. Ariko mu makoperative nka yose ikinyamakuru Jimbere cashoboye gucako nta koperative yoshobora kuriha iyo ngurane yaronse ngo ibandanye ikora mu buryo bushemeye. Jimmy Kwizera arongoye koperative Yoba iri i Gitega ikaba isanzwe yorora inkoko, ifise na \u00ab salon de coiffure \u00bb avuga ko ingurane bahawe boyiriha babanje kugurisha ivyo bafise vyose, agasaba ko Reta isanzwe ari n\u2019umuvyeyi, yobaha ikonti bazoza bararihirako bukebuke mu biringo kuko vyogorana ko bayarihira rimwe ngo koperative ibandanye ikora.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi hari abanywanyi b\u2019ayo makoperative ya Sangwe yo ku mitumba, basaba ko Reta yobongera ingurane kandi mu kuyitanga Reta ikaraba n\u2019igitigiri c\u2019abanywanyi. Ikoperative ifise abanywanyi bake ikaronka ingurane nto, na yo iyifise benshi ikaronka nini. Eka hari n\u2019abandi bavuga ko Reta yohimiriza amashirahamwe y\u2019abantu banganya imyaka. J\u00e9r\u00e9mie Nsengiyumva arongoye Sangwe Gahongore, iri muri komine Bubanza yo mu ntara ya Bubanza ati: \u00ab <em>Mu mugambi wo gushigikira amakoperative, Reta yoraba uko baza barashira hamwe abanganya imyaka, kuko gukorera hamwe batari mu rugero rumwe, kenshi baba badahuje ivyiyumviro, biratuma irangurwa ry\u2019imigambi ritoroha <\/em>\u00bb. Muri ayo makoperative yose twagendeye, abagore n\u2019abagabo basa n\u2019abangana, ariko urwaruka ni ruke. Bamwe mu rwaruka bavuga ko bajuragijwe babanza kuja mu ma Sangwe ya komine y\u2019urwaruka gusa, yoyo atigeze afatwa mu mugongo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ico twabonye \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni uko muri ayo makoperative ya Sangwe twagendeye nka yose akorera mu burimyi n\u2019ubworozi, kandi atayungutse ku rugero rw\u2019uko ubu yoshobora kuriha ingurane yose yakiriye hama ngo ibandanye ikora neza. Benshi batanguza imigambi batize neza igaca ihomba. Ikindi na co ni uko hari abajuragiritse, banavuga ko ico ciyumviro ca Reta gisa n\u2019ikitasiguwe neza ku mitumba: hari abavuga ko batashimye kuja mu ma Sangwe kubera bazifata ko ari koperative z\u2019umugambwe uri ku butegetsi, abandi na bo biyumvira ko ingurane bagiye kuronka ari iyo kugabangana hagati mu banywanyi basanze atariko bimeze bakazivamwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko mu gushigikira uwo mugambi w\u2019amakoperative ya Sangwe, ingurane y\u2019amafaranga y\u2019amarundi ingana n\u2019imiriyaridi 68 ari yo yahawe amakomine.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri ayo mafaranga, ibice bingana hafi na 50%, ni ukuvuga amafaranga y\u2019amarundi imiriyaridi 30, yahawe amakoperative aho umutumba wose waronka amafaranga angana n\u2019imiriyoni 10<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Reta y\u2019Uburundi, mu mugambi wo kwiteza imbere, ya-hamagariye abanyagihugu kuja hamwe kugira batorere in-yishu ku bibazo bafise, na cane cane baronke ivyo bafungu-ra bikwiye. Yaciye ibashigikiza ingurane y\u2019imiriyoni 10 kuri buri Sangwe yo ku mutumba. None ico ciyumviro ca Reta carashobotse canke kiracakeneye gushigikirwa ? Umugambi w\u2019amakoperative ya Sangwe watanguye mu mwaka wa 2019. Reta [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":6766,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[527],"coauthors":[505],"class_list":["post-6753","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-amakoperative"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6753","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6753"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6753\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6782,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6753\/revisions\/6782"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6766"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6753"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6753"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6753"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6753"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}