{"id":6752,"date":"2021-12-29T06:09:15","date_gmt":"2021-12-29T05:09:15","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6752"},"modified":"2021-12-29T06:27:22","modified_gmt":"2021-12-29T05:27:22","slug":"ivyo-tuzi-amakoperative-sangwe-kumitumba-inyuma-yisuzumwa-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ivyo-tuzi-amakoperative-sangwe-kumitumba-inyuma-yisuzumwa-burundi\/","title":{"rendered":"Ivyo tuzi ku makoperative Sangwe yo ku mitumba inyuma y\u2019isuzumwa yagiriwe\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu mafaranga Reta y\u2019Uburundi yategekanya gukoresha mu mwa-ka wa 2019-2020, amafaranga y\u2019amarundi angana n\u2019imiriyarindi 29,1 yari agenewe amakoperative Sangwe yo ku mitumba 2.911. Ayo makoperative yafashwe mu mugongo biciye mu kuyaronsa imwe imwe yose ingurane y\u2019imiriyoni 10Fbu, izosubizwa mu mya-ka 2. Ibiharuro bitangwa n\u2019abagize isu zuma muri ayo makopera-tive vyerekana ko ibintu vyifashe neza muri rusangi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko ico cegeranyo kibandanya kivyerekana, ku makoperative 2.911 yari kuronka ingurane ya Reta y\u2019imiriyoni 10Fbu, amakoperative 2 gusa ntayo yaronse. Imvo ? \u00ab <em>Ayo mafaranga yasabiwe muri CAPEDEBU iyo na yo ikaba ari ibanki nto yahomvye, mbere ubu yugawe n\u2019ibanki nkuru y\u2019Igihugu BRB.<\/em> \u00bb Uti none aya makoperative 2.909 yaronse ingurane yo vyifashe gute ? Uku ni ko ibintu vyifashe inyuma y\u2019isuzumwa ryabaye muri aya makoperative :<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amakoperative 6 kuri 10 yarungutse<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku ma koperative 2.909 yaronse ingurane, 1807 yarashoboye kwunguka. Ni ukuvuga urugero rw\u2019ibice 62%. Ayo na yo ari mu muce wa mbere w\u2019amakoperative ari mu mugwi urangwa n\u2019ibara ry\u2019icatsi kibisi ryerekana ko ubutunzi bw\u2019imw\u2019imwe muri ayo makoperative bungana canke buri hejuru y\u2019amafaranga y\u2019amarundi imiriyo 10.Umugwi w\u2019akabiri ugizwe n\u2019amakoperative afise ubutunzi buri hagati y\u2019imiriyoni 5 na 10 imwe imwe. Ayo makoperative na yo akaba ashika 871 (ni ukuvuga ibice 30%), arangwa n\u2019ibara ry\u2019umuhondo. Ubwa nyuma haza ama koperative 233 (ni ukuvuga ibice 8%), ayo na yo ubutunzi bwayo bukaba buri munsi y\u2019imiriyoni 5 z\u2019amafaranga y\u2019amarundi\u2026<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"633\" height=\"477\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/1.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-6758\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/1.png 633w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/1-300x226.png 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 633px) 100vw, 633px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Amakoperative Sangwe yaragwije uburyo\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"710\" height=\"533\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/2.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-6759\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/2.png 710w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/2-300x225.png 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 710px) 100vw, 710px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Ubutunzi bwose hamwe bw\u2019amakoperative bwongerekanye gushika ku mafaranga arenga imiriyaridi 4, ivyo bica bituma ku ma koperative 2.909 aca agira ubutunzi bungana n\u2019imiriyaridi 33,3 Fbu. Ni ukuvuga ko hiyongereyeko ibice vyababa 15%. Ubutunzi bw\u2019ayo mashirahamwe bushira hamwe ibintu bitatu vyaranguwe harimwo ivyegeranirijwe hamwe, ibitungwa, n\u2019umwimbu witezwe. Igiciro c\u2019ivyo vyose giharurwa mu miriyaridi zirenga 25,7 Fbu, ni ukuvuga ibice 77% vy\u2019ubutunzi rusangi. Amafaranga ari mu kigega canke kuri konte y\u2019amakoperative yabonetse mu gihe hakorwa amasuzumwa angana n\u2019imiriyaridi 3,7Fbu. Hanyuma, ubutunzi bw\u2019imiriyaridi 3,6 y\u2019amafaranga y\u2019amarundi bugizwe n\u2019ibikoresho (ibikoresho, ivyuma bisya, inyubakwa, gukotesha imirima yo kurimiramwo), amadeni n\u2019ibindi bifiswe n\u2019ama koperative<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uko amakoperative yagiye ararusharushanya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hampande y\u2019ivyo duhejeje kubabwira, ico cegeranyo kirerekana kandi ingene amakoperative akurikirana hafatiwe ku butunzi afise canke aho aherereye.<\/p>\n\n\n\n<p><br><strong>Ingene amakoperative akurikirana hafatiwe ku butunzi afise<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"627\" height=\"472\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/3.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-6760\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/3.png 627w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/3-300x226.png 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 627px) 100vw, 627px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"627\" height=\"472\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/4.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-6761\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/4.png 627w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/4-300x226.png 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 627px) 100vw, 627px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ingene amakoperative akurikirana hafatiwe mu karere aharereyemwo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"754\" height=\"468\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/5.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-6762\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/5.png 754w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/5-300x186.png 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 754px) 100vw, 754px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Ariko none ni ibiki tuzi ku bijanye no kuriha ingurane ? Kuriha ingurane yaronse riguma ari itegeko ku makoperative yose yayakiriye, nk\u2019uko bivugwa na Servilien Nitunga, umuyobozi w\u2019ikigo FONIC. \u00ab <em>Ariko ukuntu bazoza barasubiza iyo ngurane baronswa ni kwo tucumvikana \u2026<\/em> \u00bb nk\u2019uko anbandanya abimenyesha<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi mu minsi iza, ayo ma koperative azoronswa n\u2019iyindi ngurane ingana n\u2019iyatanzwe ubwa mbere. Servilien Nitunga ati : \u00ab <em>Turiko turondera iterambere ridakumira kandi rirama, nta n\u2019umwe akwiye gusigara inyuma. Dushaka no gutanga ingurane ku yandi ma koperative atari Sangwe, dushiremwo n\u2019ubundi bwoko bw\u2019amakoperative. Dusanzwe dufise iciyumviro c\u2019uwo mugambi<\/em>. \u00bb<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu mafaranga Reta y\u2019Uburundi yategekanya gukoresha mu mwa-ka wa 2019-2020, amafaranga y\u2019amarundi angana n\u2019imiriyarindi 29,1 yari agenewe amakoperative Sangwe yo ku mitumba 2.911. Ayo makoperative yafashwe mu mugongo biciye mu kuyaronsa imwe imwe yose ingurane y\u2019imiriyoni 10Fbu, izosubizwa mu mya-ka 2. Ibiharuro bitangwa n\u2019abagize isu zuma muri ayo makopera-tive vyerekana ko ibintu vyifashe neza muri [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6757,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[527,528],"coauthors":[189],"class_list":["post-6752","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-amakoperative","tag-sangwe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6752","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6752"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6752\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6781,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6752\/revisions\/6781"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6757"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6752"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6752"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6752"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6752"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}