{"id":6744,"date":"2021-12-24T18:21:17","date_gmt":"2021-12-24T17:21:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6744"},"modified":"2021-12-24T18:45:39","modified_gmt":"2021-12-24T17:45:39","slug":"icayi-bururi-barima-kugira-babe-akarorero-gusa-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/icayi-bururi-barima-kugira-babe-akarorero-gusa-burundi\/","title":{"rendered":"Icayi : i Bururi, barima icayi kugira babe akarorero gusa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Icayi ni kimwe mu biterwa njabukamazi abarimyi bada-hurumbira cane bivanye nuko agahembo bakuramwo ari intica ntikize. Abarimyi baragerageza kuja hamwe bakagira amakoperative, mbere bakarondera n\u2019ubuvugizi ngo icayi kigire ijambo, ariko ngo ntakiravamwo. Bamwe baragihevye n\u2019aho abari mu makoperative batakivako ngo bizigiye ko Reta izobibuka ikaduza igiciro caco. Tuje gutembera gato i Bururi \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo bari mu makoperative y\u2019abarimyi b\u2019icayi si uko bitezemwo umurengera. Mbere bamwe bavuga ko ari amabura kindi. Ivyo babiterwa nuko agahembo baronka kadahuye n\u2019inguvu bakoresha. Hari n\u2019abadahengeshanya kuvuga ko bakora bagatahira umuruho. Abarimyi, bobo, bibaza ko abiyungukamwo ari abayishora kw\u2019isoko mpuzamakungu.<\/p>\n\n\n\n<p>Umurimyi umwe ari muri koperative Abakerakivi-Tora y\u2019i Mugamba, mu ntara ya Bururi, atakanzwe nuko ari mu nama ya koperative, yagize ati: \u00ab Brirwa baradukeza ngo twimbuye icayi c\u2019akanovera. Tukarindira ko hari akarusho tugikuramwo tukabura. Ni amabura kindi. Ntawurusha umurimyi w\u2019icayi kuzinduka. Urume, imbeho, icibagiwe co ni mu gihe imvura igusanze mu murima waco. Nta mpuzu wotwarayo indwi itaragutabukirako, hagera gusoroma ngujane kw\u2019isoko bakaguhemba 250Fbu ku kiro. Nayo nyene badukurako 50 Fbu ngo ni ay\u2019ifumbire hagasigara 200Fbu. Amafaranga atagura n\u2019irobo y\u2019ifu. None ayo yomara iki mu muryango ? \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>None ubwo Reta yoba yarishuye imyidogo y\u2019abo barimyi ko D\u00e9o Guide Rurema Umushikiranganji w\u2019Uburimyi ubworozi n\u2019ibidukikiji biciye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 12 Myandagaro 2021 yamenyesheje ko igiciro c\u2019ikiro c\u2019amababi yicayi congerejweko amafaranga 30Fbu ku yo cahorako ? Ni ukuvuga ko cavuye ku 250Fbu kija ku 280Fbu ku kiro c\u2019amababi y\u2019icayi. Hafatiwe ku myidogo y\u2019abo banywanyi ba koperative Abakerakivi-Tora, n\u2019ubwo akigoro ko kuduza ibiciro kakozwe, ntibihagije. Impinga iracari ndende.<\/p>\n\n\n\n<p>Imyidogo y\u2019abo barimyi yoba yumvikana ?<\/p>\n\n\n\n<p>Reka tuvyihweze: icayi kimara amezi 12 mu matuta (p\u00e9pini\u00e8re), hama imyaka 3 yo kukirindira ko gikura. Utangura kugisoroma kimaze imyaka 4. Aho hose rero umurimyi aba ariko aragikorera kimutwara inguvu n\u2019uburyo. Guhembwa rero 280Fbu ku kiro, ntivyoreka kuvuna inkokora. Ni na yo mpamvu abarimyi batagikorera neza, basa n\u2019abagihevye, bijukira ibiterwa mbumbarugo, kuko umurimyi icakeneye ubwa mbere nuko aronka ico umuryango ufungura.<\/p>\n\n\n\n<p>Abarimyi none ko bidoga, kuki batagiheba burundu ?<\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu banywanyi bakoperative Abakerakivi-Tora, avuga ko abakorera icayi cane ari abarimyi bahurikiye mu makoperative kubera babwirizwa kubera akarorero abandi. Aba na bo ngo bafise icizere ko Reta izohava yikubita agashi igaha agaciro ico giterwa njabukambibe kikagurwa nka 500Fbu, canke yarenga ubonako cinjiza amafaranga y\u2019agaciro. Iyindi mvo ituma batagiheba burundu, ngo nuko cimbuka kandi kikaramba cane. Iyo gikorewe neza kigumaho kandi no mu ci baguma bagisoroma. Hejuru y\u2019ivyo, bishimira gusa ko, icayi kibaha uburenganzira bwo kuronka ingurane muri MUTEC.<\/p>\n\n\n\n<p>Ihangiro ya koperative Abakerakivi-Tora: kunagura imirima y\u2019icayi yahebwe<\/p>\n\n\n\n<p>Ni koperative ikiri nshasha ihurikiyemwo amashirahamwe y\u2019abarimyi b\u2019icayi 28. Yanditswe muri ANACOOP mu mpera z\u2019umwaka wa 2020. Lionel Minani arongoye iyo koperative avuga ko imvo yatumye baja hamwe ari kugira barondere uburyo bogira ubuvugizi ku barimyi b\u2019icayi batibagiye no gushika kw\u2019iterambere. Iryo na ryo ngo rishoboka mu gihe bazofashanya, bakaguranana kandi bagashira imitahe yabo hamwe, kanatsinda ubugirigiri bugira babiri.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo koperative rero yatanguye igizwe n\u2019abanywanyi 56. Ubu bageze kw\u2019102. Abagabo 66, abagore 24 hamwe n\u2019urwaruka 12. Ibisabwa? Ni kuba uri umurimyi w\u2019icayi hama ugashiramwo imitahe gusa. Umutahe w\u2019ibanze bagezeko ni 1 200 000Fbu kuko umunywanyi atanga 20 000 Fbu mu kwinjira. None uwo mutahe uriko ukora iki? Lionel Minani ati: \u00abTwaruguruye konti muri MUTEC, Turanatanguza urudandaza rw\u2019ibutike mu kibanza twatiye OTB Tora, kugira amahera ntagume yicaye. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>J.Marie Niyondiko, umufundi w\u2019indimo muri iyo koperative, amwunganira, agira ati : \u00ab Mu ndoto zacu, twipfuza gukora neza tukaronka imirima y\u2019akarorero y\u2019icayi, tukagura imodoka yo gusomba amababi y\u2019icayi, tugashinga ikigega co kuziganya no kuguranana, n\u2019ibindi vyinshi. Ikibazo gusa: nuko tugifise uburyo buke. \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Abari muri iyo koperative rero ngo bose bunze ubumwe kandi bafise ihangiro ryo gushika kw\u2019iterambere biciye mu bikorwa no mu kugira ubuvugizi kugira igisata c\u2019uburimyi bw\u2019icayi gishigikirwe haba mu kugirirwa inyigisho zo kugwiza umwimbu, gushigikirwa mu buryo bw\u2019amafaranga n\u2019ibikoresho canke kudugirizwa agahembo baronka ku cayi bashora. None ubwo Reta izohava isubira kuduza agahembo ku barimyi b\u2019icayi? Ni ukurindirira ku kivi\u2026<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\">Mu Burundi umwimbu ushobora kuboneka ku mwaka, wababa itoni 11 z\u2019icayi giseye gishorwa mu makungu, ni ukuvuga hafi itoni zababa 60 z\u2019amababi, kuko mu biro 5 vy\u2019amababi y\u2019icayi, havamwo ikiro 1 giseye, OTB ija kugurisha. Na yo kw\u2019isoko mpuzamakungu y\u2019icayi iri Mombasa muri Kenya, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu 9 vyo mu karere bihashorera icayi c\u2019akanovera. Ikiro c\u2019icayi giseye kiriko kiragurwa amadorari 3$ (yababa 5.800Fbu ku giciro ca BRB) nk\u2019uko vyashikirijwe na OTB mu gihe yari mu ndwi yahariwe icayi (Semaine \u2013 Th\u00e9) yo ku wa 14 -18 Kigarama 2020.Mwomenya rero ko mu gihe umurimyi ubu ariko agurirwa aragurirwa amafaranga 280Fbu ku kiro 1 c\u2019icayi c\u2019amababi. Ni ukuvuga rero ko, ku biro 5 vy\u2019icayi c\u2019amababi havamwo ikiro 1 c\u2019icayi giseye OTB ija kugurisha amadorari 3$, umurimyi na we aba yagihembweko 1400Fbu.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Icayi ni kimwe mu biterwa njabukamazi abarimyi bada-hurumbira cane bivanye nuko agahembo bakuramwo ari intica ntikize. Abarimyi baragerageza kuja hamwe bakagira amakoperative, mbere bakarondera n\u2019ubuvugizi ngo icayi kigire ijambo, ariko ngo ntakiravamwo. Bamwe baragihevye n\u2019aho abari mu makoperative batakivako ngo bizigiye ko Reta izobibuka ikaduza igiciro caco. Tuje gutembera gato i Bururi \u2026 Nubwo bari [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6746,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[469,328],"coauthors":[189],"class_list":["post-6744","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-icayi","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6744","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6744"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6744\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6747,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6744\/revisions\/6747"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6746"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6744"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6744"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6744"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6744"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}