{"id":6740,"date":"2021-12-23T15:22:48","date_gmt":"2021-12-23T14:22:48","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6740"},"modified":"2022-01-04T09:13:42","modified_gmt":"2022-01-04T08:13:42","slug":"kurima-igiterwa-ikawa-ibanga-risaba-kwihangana-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kurima-igiterwa-ikawa-ibanga-risaba-kwihangana-burundi\/","title":{"rendered":"Kurima igiterwa c\u2019ikawa ngo n\u2019ibanga risaba kwihangana"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ikawa ni co giterwa njabukamazi ca mbere cinziza ama-hera menshi y\u2019agaciro mu Burundi. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo, abarimyi b\u2019ico giterwa, baba abahurikiye mu makoperative, canke abigenga, bamana imyidogo. Imvo nuko bavuga ko baronka agahembo k\u2019intica ntikize. Ikinyamakuru Jimbere kiraca ku mayange ivyo caganiriye n\u2019abarimyi b\u2019ikawa b\u2019i Muramvya no mu Kirundo \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Kirundo bati: \u00ab<em> Emwe kurima igiterwa c\u2019ikawa ni ibanga. Ikawa ntiwoyitwararika ngo uyisumbishe ibindi biterwa mbumbarugo ngo wizigiye ko hari vyinshi uzoyikuramwo utari mu bantu bafise amahegitari y\u2019ibipimo vyayo. Ubu uraha ikawa n\u2019umwana wawe akayanka ngo ntaco yomufasha, ahubwo agahitamwo gushoka imyaba yirimira umuceri canke akiterera ibigori. Ivyo vyose biva ku gahembo k\u2019intica ntikize gatangwa kw\u2019ikawa ishorwa. Benshi dutahira umuruho dukura mu kuyikorera.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntara ya Muramvya, abarimyi twagendeye, bo bavuga ko bafatiye ku bikorwa bikorerwa ikawa yari ikwiriye kugurwa nk\u2019amafaranga 1.000 Fbu n\u2019ayarenga. Bagira bati: \u00ab<em> Fata ikawa kuva ikiri mu matuta uyitere. Tangura kuyikorera, uyivomere mu ci, uyisasire, uyikatire, ushiremwo umwavu, \u2026 izakwera wararushe. Hageze ko uyamura ushiramwo abakozi. Abayisora ni amahera ubaha, abayijana kw\u2019itonorero ni amahera. Urashitse kw\u2019isoko bagukubise inoti ya 550 Fbu ku kiro c\u2019iy\u2019iri nziza. Aho rero babanje kwongera kuyigusoresha,\u2026 ibisorwa baguhaye 275 Fbu. Hemba abakozi rero hama uce utaha turabe ko umwana umutahanira ubufu ararira. Biragoye ! Ni hamwe nyene abarimyi twagowe ubundi bwo ikawa twoyihevye.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>I Muramvya nyene abarimyi bamenyesha ko benshi batacitwararika cane gutera ikawa kubera agahembo ari gato.Ngo abataziranduye baziteramwo ibindi biterwa ugasanga nta mwimbu zigitanga. Abandanya avuga ko abantu bitaho ikawa ari abari mu makoperative kubera baguma bahimirizwa ngo babere abandi akarorero mbere bakanizezwa ko ikawa izotinda ikaduzwa igiciro ubonako yavuye mu minwe y\u2019abikorera utwabo ikaja mu minwe ya Reta.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubwo Reta yoba yarishuye imyidogo y\u2019abo barimyi ko mu kiganiro Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019ibidukikije D\u00e9o Guide Rurema yahaye abamenyeshamakuru ku wa 19 Ndamukiza 2021 yatangaje ko ikiro c\u2019ikawa nziza kigiye kugurwa 700Fbu, iy\u2019ibisorwa na yo igurwe 350Fbu ? Martin Ndikumana, umurimyi w\u2019ikawa wo muri koperative Twungurane yo ku Ntega, mu Kirundo, agira ati: \u00ab<em> Ni ivy\u2019ukuri Reta yarateye intambwe ariko ntirageza ku mafaranga ahwanye n\u2019inguvu abarimyi bashira muri ico giterwa. Reta nidukwirize n\u2019imiburiburi 1.000Fbu ku kiro urabe ukuntu tugwiza umwimbu ku nguvu.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uruhara rw\u2019amakoperative mw\u2019ikawa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Yohani Havyarimana, icegera c\u2019uwurongoye koperatave Nyarunazi iri muri komine Rutegema, mu ntara ya Muramvya, avuga ko baguma bahimiriza abanywanyi gukorera neza ikawa, bagakurikiza impanuro bahabwa n\u2019abafundi b\u2019indimo. Akarusho? Havyarimana ati : \u00ab <em>Ni kenshi cane. Kuva dutanguye mu 2010 kugeza ubu, ivyo dufise vyose biteranye vyababa imiriyoni 900 Fbu. Iyo ikirere cagenze neza, ku mwaka turegeranya ikawa nziza zirenga amatoni 300. Aho rero twatanguje umutahe w\u2019ibanze wa 10. 000 Fbu, naho ubu ari 30 000Fbu kuri buri munywanyi.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Koperative Nyarunazi igizwe n\u2019abanywanyi 625. Abakenyezi 171 biganjemwo abapfakazi kuko ikawa iharurwa ku mugabo muri ako karere. Urwaruka ni 30 rukora mu gisata co guhingura ibishishwa vy\u2019ikawa babikuramwo ifumbire.<\/p>\n\n\n\n<p>Salvator Barandagiye, arongoye iyo koperative, amenyesha ko ubushobozi bwo kwishira hamwe bwatumye koperative Nyarunazi baronka ishirahamwe Adisco riyiherekeza mu bikorwa vyayo aho ryagiye rirayironsa inyigisho zitandukanye ziganisha ku kwiteza imbere, mbere ikaba yaranafashije iyo koperative kugira ironke ingurane muri BNDE, aho baciye bagura amamashine yo gusya ikawa gutyo baca bahatanguza itonorero. Eka no muri koperative Twungurane iri mu ntara ya Kirundo, komine Ntega, ku mutumba Gihome, bari ku kivi mu kwigisha abanywanyi gukorera ikawa kuva mu 2007, kandi ngo umwimbu barawishimira. Patrice Manariyo arongoye iyo koperative ati: \u00ab<em> Iyo umwimbu wagenze neza tutahuye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe, turaronka nk\u2019itoni 400 z\u2019ikawa nziza ku mwaka. Ubutunzi dufise muri iyi koperetive bwababa imiriyoni 22. Abanywanyi tugezeko ni 490. Kwinjira umwe wese yatanga amaferanga ava ku 5.000 Fbu gushika kuri 50.000 Fbu bivanye n\u2019amikoro. Abakenyezi ni 97. Aba na bo baba bafise ibipimo bateye canke babisigiwe n\u2019abanega babo. Na yo urwaruka nta vyo rwitabira. Bose hamwe bafise ibiti vy\u2019ikawa 183 524. <\/em>\u00bb Ishirahamwe Inades Burundi rero rikaba ryagiye rirafata mu mugongo iyo koperative mu kuyironsa inyigisho, mbere rimwe na rimwe ikanayishigikira mu buryo bw\u2019amafaranga, nk\u2019uko Patrice Manariyo avyishimira.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko nubwo ayo makoperative akorana inguvu kugira agwize umwimbu yongere atere imbere, ngo barabohewe amaboko i mugongo n\u2019amatagisi y\u2019akomine. Muri koperative Nyarunazi bati: \u00ab <em>Turegeranya ikawa nziza n\u2019ibisorwa. Hageze gutanga amatagisi ya komine, dutanga amatagisi angana haba kw\u2019ikawa nziza canke ku y\u2019ibisorwa. Izo na zo, no kw\u2019isoko ntizigurishwa kumwe.<\/em> \u00bb Muri koperative Twungurane na bo bati: \u00ab<em> Kw\u2019isizeni ya 2020-2021 iheze, ku kiro c\u2019ikawa nziza twarishe itagisi rya komine ringana na 11Fbu, kandi ayo nyene ni yo twatanze no ku kiro c\u2019ikawa y\u2019ibisorwa. Kuki iyo y\u2019ibisorwa itogabanuka tukariha nka 5Fbu ko zisanzwe zitanagurwa kumwe. <\/em>\u00bb Ku kijanye n\u2019amatagisi atozwa na komine ku makoperative, D\u00e9o Guide Rurema Umushikiranganji w\u2019Uburimyi, Ubworozi n\u2019Ibidukikije amenyesha ko icazi ari uko ikawa nziza idatagiswa kumwe n\u2019ikawa y\u2019ibisorwa. Ko ababikora boba bikika mu kiza, mbere ko ico kibazo agiye kugishikana muri ODECA, batange intumbero neza, banatuze abatagisa ibinyuranye n\u2019amategeko.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya kandi yuko mw\u2019isizeni y\u2019ikawa ya 2020-2021 habonetse amatoni arenga 73.000. Ikawa ishoka hanze yashoboye kuboneka ingana n\u2019amatoni 15.054. Igikorwa co gushora iyo kawa ngo kiri ku musozo. Gushika ku wa 12 Ndamukiza 2021, amatoni 14.646 ni yo yaramaze kudandazwa ku giciro c\u2019amadorari y\u2019abanyamerika yababa imiliyoni 35 (ni ukuvuga amafaranga y\u2019amarundi arenga imiriyaridi 66).<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ikawa ni co giterwa njabukamazi ca mbere cinziza ama-hera menshi y\u2019agaciro mu Burundi. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo, abarimyi b\u2019ico giterwa, baba abahurikiye mu makoperative, canke abigenga, bamana imyidogo. Imvo nuko bavuga ko baronka agahembo k\u2019intica ntikize. Ikinyamakuru Jimbere kiraca ku mayange ivyo caganiriye n\u2019abarimyi b\u2019ikawa b\u2019i Muramvya no mu Kirundo \u2026 Mu Kirundo bati: \u00ab [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6741,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[313,328],"coauthors":[189],"class_list":["post-6740","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-ikawa","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6740","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6740"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6740\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6742,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6740\/revisions\/6742"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6741"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6740"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6740"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6740"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6740"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}