{"id":6733,"date":"2021-12-23T14:59:53","date_gmt":"2021-12-23T13:59:53","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6733"},"modified":"2021-12-23T15:02:32","modified_gmt":"2021-12-23T14:02:32","slug":"koperative-mutoyi-urufatiro-ivyigwa-guteza-imbere-intara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/koperative-mutoyi-urufatiro-ivyigwa-guteza-imbere-intara-burundi\/","title":{"rendered":"Koperative Mutoyi nk\u2019urufatiro mu vyigwa vyo guteza imbere mu gihugu hagati"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Urunani rw\u2019amakoperative Mutoyi rugizwe n\u2019amakoperative 8 rwavutse mu 1980. Gushika uno munsi, urwo runani rwarubatse izina haba ku rwego rw\u2019igihugu eka no ku rwego rw\u2019akarere kubw\u2019ibikorwa vyarwo bitagira amakemwa ndetse n\u2019ibihingurwa vy\u2019ubwoko butandukanye. Twarahagendeye \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Urwo runani rw\u2019amakoperative ruherereye muri komine Bugendana, mu ntara ya Gitega, nayo izina Mutoyi rikaba rizwi n\u2019abarundi nka bose. N\u2019ingenzi zirahahurumbira cane kubw\u2019imvo zikurikira: ubwa mbere, hari ibitaro bihamaze igihe kirekire cane kandi gushika uno munsi biracari mu bitaro bizwi nk\u2019ivyitaho abagwayi neza mu Burundi. Ubugira kabiri, hazwi amakoperative yashinzwe n\u2019abamenyeshamana baturuka muri Milan, agakurikiranwa n\u2019abagiraneza bo mu Butariyano nyene. Mutoyi yaramenyekanye cane gushika aho n\u2019abigeme bageze kwubaka babatazira ba Mutoyi, babagereranya n\u2019inkoko zo muri Mutoyi ziba zigeze kuribwa nko mu kiringo c\u2019amezi nk\u2019atatu.<\/p>\n\n\n\n<p>Silo Simbakwira, mudasobwa ku bijanye na kahise k&rsquo;ako karere akaba ari na we ahagarariye koperative Mutoyi yorora inkoko, yaratwiganiye ido n\u2019ido kuva mu ntango z\u2019umugambi Mutoyi. Uwo mutama w\u2019imyaka iri muri 60 amenyesha ko kuva iyo koperative ishingwa vyose yabibona n\u2019amaso yiwe, abamisiyonari bahashika ndetse n\u2019ishingwa ry\u2019ayandi makoperative yo muri Mutoyi. \u00ab <em>Mu 1970 Musenyeri Andr\u00e9 Makarakiza yatwara Diyoseze ya Gitega ico gihe, yari yatumiye ba bamisiyonari bose baje bava muri Milan mu Butariyano. Niho yaca abatuma gukorera muri paruwasi ya Mugera aho hatwarwa na patiri mukuru Roger Mpungu, nawe aca abarungika i Mutoyi, ku rusengero rwakukira Mugera muri ico gihe. Itegeko bajanye, ryari iryo guteza imbera akarere ka Mutoyi, akarere gahanamiwe n\u2019imisozi, kandi kari kagoye gushikamwo ico gihe. Bamaze kuhashika ica mbere bashitse bakora kwabaye ugushinga amakoperative Mutoyi. Uwo si umugani.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko uwo mutama yabandanije abimenyesha, ayo makoperative yose yashinzwe yabwirijwe kwisunga ikintu kimwe : \u00ab <em>Kugira ube umunywanyi wa koperative wakora ukwezi kwose udahembwe urufaranga na rumwe. Uwo ni wo mutahe w\u2019uwinjiye muri koperative, kandi gushika n\u2019uno munsi uwo mutahe uracakorerwako. Mu ntango, ibikorwa vya koperative Mutoyi vyari bifise ihangiro cane cane ry\u2019ukurondera kugwiza umwimbu, kudandaza ivyavuye mu burimyi no mu bworozi imbere yo gutandukira kurondera guteza imbere ibindi bisata.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ya makoperative yahavuye atera imbere ku muvuduko udasanzwe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuba amakoperative Mutoyi yarateye imbere, vyavanye n\u2019uko ahanini habaye ugushira inguvu hamwe, biba nk\u2019ishure mu Burundi. Muri Mukakaro 2014, mw\u2019ihuriro ryitiriwe Uburimyi ku Rwego Rw\u2019igihugu, Mutoyi yabaye iya mbere mu yandi mashirahamwe yose yakorera mu gisata c\u2019uburimyi. Kumbure abatari bake bokwibaza ukuntu amakoperative Mutoyi yashoboye kuramba kandi akaguma agira umwimbu mwiza. Uwu mworozi agira ati : \u00ab <em>Nta banga ririmwo. Kuva kera twagumye dushira imbere ineza y\u2019abanywanyi aho kwikumakumirako.Ku bitwerekeye, nka koperative yorora inkoko, turonsa abanyagihugu imiswi bakaja kworora bakazogaruka gushorera amagi n\u2019inkoko zikuze mu mangazini za Mutoyi nyene. Nimba vyarakunze ko tubandanya muri aya makoperative gushika uno munsi nuko kandi kuva kera twamye dufise ubwoko bw\u2019inkoko nziza kandi zitagwaragurika, zadushikira zivuye mu Butariyano. Uno munsi kubw\u2019ikiza ca Covid-19, niho bidakunda ko indege zipakira ibikoko, kandi biriko biratugirira nabi.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo ibikorwa vy\u2019iyo koperative birangurirwa ahanini muri Mutoyi, ibijanye n\u2019ubudandaji bikorerwa ahanini ku murwa mukuru wa poritike, i Bujumbura, neza na neza ku mabutike yayo, imwe mw\u2019i Jabe, iyindi mu Kigobe. Ayo mabutike uko ari abiri agurisha ku giciro ciza ibifungurwa vy\u2019akanovera (inkwavu, inkoko, amagi, amavuta y\u2019inka, amata, ivyamwa, imboga n\u2019ibindi) tutibagiye n\u2019ibikoresho vyo mu nzu cane cane ibibumbano bizwi cane ko vyiharijwe n\u2019aka karere nk\u2019uko vyanditswe mu gitabo \u00ab Petit Fut\u00e9 \u00bb na Christine Deslauriers, uwanonosoye ivyigwa vy\u2019akahise akaba n\u2019umushakashatsi.<\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab <em>Ibiryohera cane ingenzi ni inkono zibumbirwa muri koperative, zisanzwe zidasa na gato na za nkoko zirabura canke z\u2019ikivuvu za kera. Ho uzohasanga ibikombe, amasahani ateye akarangi k\u2019ubururu, ak\u2019urwatsi rutoto, ak\u2019umucungwe, ibibumbano utosanga bisa n\u2019ivy\u2019ahandi. Ingenzi, abari hanze y\u2019igihugu bahazi ni bo babashorera cane.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019ibihuhusi vyarahabaye \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo bigaragara ko amakoperative Mutoyi yateye intambwe ishimishije, yarahungabanijwe n\u2019amagume igihugu cagiye kiracamwo, cane cane mu gisata c\u2019ivy\u2019ubworozi bw\u2019inkoko. Simbakwira, yicuza, yagize ati : \u00ab <em>Mu 1992 twarashobora gushorera mu Burundi ndetse tukajabuka no muri Tanzaniya, muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, mu Rwanda n\u2019ahandi. Ico gihe ku ndwi twaba dufise imiswi igera ku 12.000. Uno munsi turonka imiswi 1 .500 yonyene. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0455-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6735\" width=\"738\" height=\"492\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0455-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0455-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0455-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0455-1536x1024.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/794A0455-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 738px) 100vw, 738px\" \/><figcaption><em> Koperative ikora imipira kwambara ya Mutoyi igizwe n&rsquo;abakenyezi 35<\/em><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Mu makoperative twagendeye i Mutoyi harimwo n\u2019iyijisha impuzu, igizwe n\u2019abakenyezi 35. Jos\u00e9phine Manirakiza aserukira iryo shirahamwe amenyesha ko muri iki gihe inyungu baronka itama ihuye n\u2019inguvu bakoresha mu bikorwa vyo kubungabunga ibikoresho bibafasha mu kazi kabo, kugura indodo (inyuzi) zabigenewe ziva mu butariyano no mu bindi. Akamenyesha kandi ko abakiriya bakunda kuronka cane ari ibigo vy\u2019amashure biba birondera imipira isa y\u2019abanyeshure.<\/p>\n\n\n\n<p>Uno munsi, abagiraneza b\u2019abatariyano barakuye akarenge muvy\u2019itunganywa vy\u2019ayo makoperative Mutoyi. Asigaye ari mu minwe y\u2019Abarundi. Ubwo akanovera, ubwiza n\u2019ubukomezi bw\u2019ibihingurwa n\u2019ayo makoperative vyoba bizoguma biri kumwe kwa mbere ? Kuri ico, Simbakwira ati : \u00ab <em>Nubwo turiko duca mu ntambamyi zitandukanye, tuzihesha agaciro, tuzohagararira neza ibikorwa. \u00bb Tubi<\/em>pfurije ukwererwa \u2026<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Urunani rw\u2019amakoperative Mutoyi rugizwe n\u2019amakoperative 8 rwavutse mu 1980. Gushika uno munsi, urwo runani rwarubatse izina haba ku rwego rw\u2019igihugu eka no ku rwego rw\u2019akarere kubw\u2019ibikorwa vyarwo bitagira amakemwa ndetse n\u2019ibihingurwa vy\u2019ubwoko butandukanye. Twarahagendeye \u2026 Urwo runani rw\u2019amakoperative ruherereye muri komine Bugendana, mu ntara ya Gitega, nayo izina Mutoyi rikaba rizwi n\u2019abarundi nka bose. N\u2019ingenzi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":35,"featured_media":6736,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[527,544,440],"coauthors":[441],"class_list":["post-6733","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-amakoperative","tag-mutoyi","tag-ubworozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6733","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/35"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6733"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6733\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6738,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6733\/revisions\/6738"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6736"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6733"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6733"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6733"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6733"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}