{"id":6727,"date":"2021-12-23T13:40:16","date_gmt":"2021-12-23T12:40:16","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6727"},"modified":"2021-12-23T13:41:06","modified_gmt":"2021-12-23T12:41:06","slug":"amakoperative-arenga-10000-aramaze-gushingwa-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakoperative-arenga-10000-aramaze-gushingwa-burundi\/","title":{"rendered":"Amakoperative arenga 10.000 aramaze gushingwa mu Burundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri iki gihe, amakoperative ariko ashingwa ku murindi bitahorako mu minsi irenganye. Abanywanyi ibihumbi n\u2019ibihumbi bariko begeranira hamwe mu gushinga amashirahamwe yo kwiteza imbere cane cane mu gihugu hagati, kugira ngo haboneke ubuzi, eka n\u2019umufuko uhabombokere. Twisunze ibiharuro duhabwa n\u2019ikigo ANACOOP, turabashushaniriza uko igisata c\u2019amakoperative cifashe mu Burundi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imbere y\u2019uko ikigo kijejwe guha intumbero no guteza imbere amakoperative mu Burundi ANACOOP kivuka mu mwaka wa 2019, ikigo API kijejwe guteza imbere abanyamitahe ni co cari gifise igikorwa co kwandika koperative nshasha yose ivutse kuva mu 2013. Yose hamwe, gushika ku wa 31 Ntwarante 2021, amakoperative ashika 10.164 ni yo yari amaze kwandikwa mu gitabu ca ANACOOP.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri ayo makoperative, ayashika 3.128 (ni ukuvuga ibice 31%) ni amakoperative \u00abSangwe, ya yandi yo ku mitumba yashirwaho na Reta kuva mu mpera za 2018. Kubw\u2019ihimiriza ryagiye rirakorwa n\u2019abategetsi batandukanye, ishingwa ry\u2019ayo makoperative ryatumye abanyagihugu batari bake bijukira cane kuja mu makoperative. Ivyo bikaba bigaragarira kuri iki gicapo ca 1 aho cerekana ibiharuro biri hejuru cane mu mwaka wa 2019 Ikigicapo catunganijwe hisunzwe ibiharuro vyatororokanijwe na ANACOOP.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igicapo 1: ingene amakoperative yagiye aravuka kuva mu 2013-2020<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-6729\" width=\"667\" height=\"321\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre.png 920w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre-300x144.png 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre-768x370.png 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 667px) 100vw, 667px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Ayo makoperative yavutse yarashize imitahe mu bisata vy\u2019ubutunzi nka vyose ariko bigabanganijwe mu mice 6 nk\u2019uko itegeko riyagenga ribitegekanya: hariho amakoperative agwiza umwimbu ayo akaba akorera mu burimyi, mu bworozi, mu mahinguriro n\u2019ahandi. Hakaba ayakorera mu vy\u2019ubudandaji, ayo kuziganya n\u2019ukuguranana, ayakora ivyo gutunganiriza abayituye, ayakorera mu butare, n\u2019ayakorera mu buzi busukiranije.<br>Muri iyo migwi yose y\u2019amakoperative, ayakorera mu bisata vyo kugwiza umwimbu n\u2019ayakorera mu bisata bitandukanye, aza imbere y\u2019ayandi ku bice 44% na 43%, uko yakurikiranye. Ivyo bice vyifashe uko kuko: ku ruhande rumwe amakoperative menshi ni ayarangurira imirimo mu gihugu hagati kandi abanywanyi bayo bakaba bakorera mu burimyi n\u2019ubworozi. Ku rundi ruhande, amakoperative ahitamwo gushira imitahe yayo mu bisata bitandukanye kugira ngo arabe ko yogwiza amahirwe y\u2019ukuronka akanyungu gadutubutse.<br>Iyo migwi ibiri ikurikirwa n\u2019amakoperative akorera mu vy\u2019ubudandaji ashikana ibice 12%. Imigwi 3 yindi ifise ibice biri hasi: Usanga biri munsi canke bingana n\u2019ibice 3%, nk\u2019uko mushobora kuvyirabira kuri iki gicapo ca 2 Igicapo na conyene catunganijwe hisunzwe ibiharuro vyatororokanijwe n\u2019ikigo ANACOOP.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igicapo 2: Ingene amakoperative agabuye hafatiwe ku vyo akora ku yashinzwe kuva muri Nzero 2020-2021<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre2.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-6730\" width=\"681\" height=\"366\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre2.png 943w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre2-300x162.png 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/12\/Sans-titre2-768x414.png 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 681px) 100vw, 681px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Abanywanyi b\u2019amakoperative ni bande?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Benshi ni abanyagihugu batobato dufatiye ku buryo. Hafati aho kandi abagabo ni bo besnhi bashika ibice 62% nayo abakenyezi bakangana ibice 38%, nk\u2019uko ibiharuro vyatororokanijwe n\u2019ikigo ANACOOP ku ma koperative hagati ya Nzero 2020 na Ntwarante 2021 bivyerekana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amamiriyaridi n\u2019amamiriyaridi mw\u2019irangurwa ry\u2019imigambi y\u2019amakoperative<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Burya umugambi w\u2019amakoperative ntushoboka igihe ata buryo bushizwe hamwe. Muri ca kiringo co kuva muri Nzero 2020 gushika muri Ntwarante 2021 honyene hakoreshejwe amafaranga arenga imiriyaridi 10 z\u2019amarundi zatererewe n\u2019abanywanyi b\u2019amakoperative nk\u2019umutahe. Ayo makoperative akaba afise ihangiro ryo gutanga ubuzi burenga 6.600 yose hamwe. Vespucci Sengoga, atwara igisata co kwandika amakoperative mu kigo ANACOOP, agira ati: \u00ab\u00a0<em>Naho ubwo buzi usanga vy\u2019ukuri butatanzwe bwose nk\u2019uko biri mu ndinganizo, kuko abanywanyi bahitamwo kuvyikorera ubwabo, kandi nkako si na bibi, ayo mahangiro arerekana neza ko igisata c\u2019amakoperative mu Burundi gifise inguvu zidasanzwe mu guteza mbere ubutunzi bw\u2019igihugu na bene co muri rusangi<\/em>\u00ab\u00a0. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri iki gihe, amakoperative ariko ashingwa ku murindi bitahorako mu minsi irenganye. Abanywanyi ibihumbi n\u2019ibihumbi bariko begeranira hamwe mu gushinga amashirahamwe yo kwiteza imbere cane cane mu gihugu hagati, kugira ngo haboneke ubuzi, eka n\u2019umufuko uhabombokere. Twisunze ibiharuro duhabwa n\u2019ikigo ANACOOP, turabashushaniriza uko igisata c\u2019amakoperative cifashe mu Burundi. Imbere y\u2019uko ikigo kijejwe guha intumbero no [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":6728,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[527,328],"coauthors":[505],"class_list":["post-6727","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-amakoperative","tag-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6727","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6727"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6727\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6731,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6727\/revisions\/6731"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6728"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6727"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6727"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6727"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6727"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}