{"id":6710,"date":"2021-12-17T08:33:35","date_gmt":"2021-12-17T07:33:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6710"},"modified":"2021-12-17T08:40:00","modified_gmt":"2021-12-17T07:40:00","slug":"umugambi-merankabandi-ruyigi-impinduka-abenegihugu-16000-actionaid-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugambi-merankabandi-ruyigi-impinduka-abenegihugu-16000-actionaid-burundi\/","title":{"rendered":"Umugambi \u00ab Merankabandi \u00bb mu Ruyigi: impinduka ku benegihugu barenga 16.000"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ishirahamwe Action Aid, rifadikanije na Reta y\u2019u Burundi hamwe n\u2019ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y\u2019abana UNICEF, barasozereye ibikorwa vy\u2019umugambi <\/strong>\u00ab\u00a0<strong>Merankabandi\u00a0\u00bb mu ntara ya Ruyigi, ibirori bikaba vyabereye ku kibuga c\u2019umupira w\u2019amaguru ca komine Butaganzwa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo mugambi wakoreye aho mu Ruyigi no mu zindi ntara 3 (Gitega, Karusi na Kirundo), ugaharigwa ahanini abakenyezi, aribo bahabwa amafaranga yo gusahiriza imiryango ifise abana bari munsi y\u2019imyaka 12, kandi iri ntaho nikora.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkukwo bishikirizwa na Michel Nyabenda arongoye umugambi Merankabandi ku rwego rw\u2019igihugu, intango ntiyari yorohe namba. \u00ab <em>Twabanje kugira rusansuma y\u2019ingo zitishoboye, zifise abana bari munsi y\u2019imyaka 12, tukaza turabaha amafaranga 40.000 ukwo amezi 2 aheze, ku kiringo c\u2019amezi 30. Bigitangura, hari ababona ko turiko dutanga amahera azotuma abagore baba ingare ku bagabo babo, canke bakigira mu kaboregwe.Ariko, hambavu yayo mahera, turabaha inyigisho nyinshi zo guhindura ingendo no gutunganya imiryango yabo<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Michel abandanya asigura ko abari mu mugambi &nbsp;Merankabandi bigishwa ibijanye no kuziganya no kuguranana, ugutunganya imigambi mitomito, ugufungura neza, no kubungabunga amagara y\u2019ibibondo.<\/p>\n\n\n\n<p>Afata ijambo nyamukuru kubwa Action Aid, Elyse Muhorakeye,umuhinga mu gutunganya imigambi no guhiga uburyo bwo gukora,yashikirije ko mu kiringo c&rsquo;imyaka 3 uwo mugambi umaze ukorera muma komine ya Butezi, Bweru,Butaganzwa, na Gisuru, abawitabiriye bagera kuri 16.894, ivyashitsweko na vyo bikaba bishimishije. \u00ab<em>Umwaka wa 1, ibikorwa vyitabiriwe&nbsp; ku bice 99,7%, mu wakabiri ku bice 93,8%,nayo mu wagatatu,ni ku bice 97%<\/em><em>\u00bb<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingendo yo gukomeza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Sp\u00e9ciose Ntukamazina,umupfakazi n\u2019udupfuvyi 3 twiwe,ni umwe mubafashijwe n\u2019uwo mugambi, agashikiriza ko aho yavuye atawe yohipfuriza. \u00ab<em>Umushingantahe wanje amaze gushengera nahavuye nsubira kuba kubavyeyi kumvo z\u2019ubukene. Sinarimfise ukwo notunga uruvyaro rwanje. Umugambi umaze kuza, amafaranga baza barampa narashoboye gukora urudandazwa rw\u2019ibitoke, munyuma ndashobora kugura itongo ry\u2019700.000, umwaba w\u2019300.000, ndubaka inzu, ndongera ndaronka n\u2019ingurube zitari nke. Ubu ndabona ko kazoza k\u2019abana banje gateguwe neza<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Imelde Sabushimike,Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ugushigikirana n&rsquo;agateka ka zina muntu, ahamagarira abenegihugu kugwanya bivuye inyuma ubukene bisunze ubumenyi bakuye mu mugambi \u00ab\u00a0Merankabandi\u00a0\u00bb, akongera akamenyesha ko muri kazoza, uwo mugambi niwongera gufatwa mu mugongo ushobora kwagugwa,gutyo ugakorera henshi hashoboka<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo guha ubuzima bwiza abana, Nathalie Meyer, icegera c&rsquo;uwuserukira UNICEF mu Burundi nawe amenyesha ko umugambi watumye abana barenga 28.000 basigaye babayeho mu buzima bwiza biciye mu bufasha bwahawe imiryango mu ntumbero yo kwikenura n&rsquo;ugukomeza gufungura ibikwije ingaburo. Nathalie Meyer agashikiriza ko impinduka itabonekera muvyegeranyo biza birakorwa, ariko bisomeka ku banyagihugu, kuko atari agaseseshwa rumuri ko ubuzima bwisununuye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ishirahamwe Action Aid, rifadikanije na Reta y\u2019u Burundi hamwe n\u2019ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y\u2019abana UNICEF, barasozereye ibikorwa vy\u2019umugambi \u00ab\u00a0Merankabandi\u00a0\u00bb mu ntara ya Ruyigi, ibirori bikaba vyabereye ku kibuga c\u2019umupira w\u2019amaguru ca komine Butaganzwa. Uwo mugambi wakoreye aho mu Ruyigi no mu zindi ntara 3 (Gitega, Karusi na Kirundo), ugaharigwa ahanini abakenyezi, aribo bahabwa amafaranga yo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6711,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[543,82],"coauthors":[34],"class_list":["post-6710","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-merankabandi","tag-ruyigi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6710","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6710"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6710\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6712,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6710\/revisions\/6712"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6711"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6710"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6710"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6710"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6710"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}