{"id":6697,"date":"2021-12-14T16:21:35","date_gmt":"2021-12-14T15:21:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6697"},"modified":"2021-12-14T16:55:38","modified_gmt":"2021-12-14T15:55:38","slug":"akaranda-butumwa-buhinyitsemwo-urwanko-benevolencija-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/akaranda-butumwa-buhinyitsemwo-urwanko-benevolencija-burundi\/","title":{"rendered":"Akaranda mu butumwa buhinyitsemwo urwanko"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ni gute umwana yokwirinda gukoresha amajambo abiba urwanko n\u2019umwikeko mu kibano mu gihe yama ariko ayabwirwa n\u2019abavyeyi biwe, akama yayumvise mu muryango, mu kibano n\u2019ahandi&nbsp;? Patrice Sabuguheba, umuhinga yanonosohe ivy\u2019imibano aratwiganira inyifato ibereye mu gihe uno mwana yagiwe muri ubwo buryo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta nkeka ko abatari bake mu runganwe rw\u2019uno munsi twagiye turahura n\u2019ibihe aho abo tudasangiye ibi canke biriya batabura ivyo batwagiriza kumbure tutaniyiziko canke na ho tugatunga agatoke abandi. &nbsp;Ivyo hari aho twavyoshwa n\u2019abavyeyi bacu bwite bashobora kutubuza nko kugendera imiryango kanaka ngo kw\u2019urya muhana bararoga, ngo ntugafungure mu gahinga, n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari n\u2019igihe usanga imiryango yacu itagize amahirwe y\u2019ukwisununura nk\u2019ikiyindi igaheza igashira agashavu ku kibano canke ku bo badasangiye ubwoko, abavyeyi bacu bakagenda baravuga izuba riva ngo iyo igihe kinaka kibabaje kititamwo kikatwononera, uno munsi tuba tubayeho neza nk\u2019abandi<\/p>\n\n\n\n<p>Ikiri ukuri co, nuko akenshi amajambo nk\u2019ayo usanga akomoka ku matati aba yarigeze kuba hagati y\u2019imiryango ariko akaba atigeze yicarirwa ngo atorerwe inyishu. Canke na ho bikava ku mbuto mbi yagiye irabibwa n\u2019umugwi w\u2019abantu kanaka bafise ivyo bashaka gushikako ari ubutegetsi canke ibindi<\/p>\n\n\n\n<p>Jean Nasoro, umwe mu badandaza bakorera kw\u2019isoko yo mu Kamenge aremeza ko yigeze kubwirwa amajambo nk\u2019ayo. Uwo mugabo avuka muri komine Nyabikere, intara ya Karusi avuga ko yubakanye n\u2019umufasha badasangiye ubwoko. Yemeza ko yakuze yumva ko ubwoko umukenyezi wiwe avamwo ari bwo nkwezi y\u2019amakuba yose abarundi bagiye baragira mu myaka iheze. Ariko naho biri uko, uwo mugabo w\u2019imyaka 25 amenyesha ko hageze ko yubaka urwiwe yumvise umutima ushimye kwibanira n\u2019uwo mwigeme nyene batari basangiye ubwoko. Uno munsi bavyaranye kabiri kandi urukundo rwabo rwagumye rwiyongera aho gutituka.<\/p>\n\n\n\n<p>Kugeza uno munsi, umuryango wa Nasoro ntuhimbawe na mba. Kwabaye uguca mu misonga n\u2019amahwa kugira ngo amushire mu nzu. Ariko nubwo biri uko, agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;Ndabizi neza ko umuryango wanje ukibabajwe n\u2019ivyo nakoze, uracamfitiye agashavu ariko ntaco bintwaye kuko muri jewe mfise umunezero udasanzwe. Ivyabaye vyarabaye ntaco ndabihamako, nizigiye ko n\u2019ivyo bitameze neza mu muryango bizotungana&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Birashoboka ko umuntu ahakana ivyo abwirwa ata nguvu zirenze akoresheje&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umuntu yisunze ico gishingantahe catanzwe, yokwibaza ukuntu yokwirinda amajambo abiba urwanko na cane cane iyo ariko ava mu kanwa k\u2019imiryango ya hafi&nbsp; azeyeko uburaro n\u2019uburamuko. None nyene ni ivy\u2019ukuri birashoboka ko umuntu ahakana ata we akomerekeje ata n\u2019inguvu zirinze gukoreshwa&nbsp;? Patrice Sabuguheba, umuhinga mu vy\u2019imibano ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Birashoboka gose<\/em>&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubwo hoho amajambo abiba urwanko ntashobora kubura aho amenera igihe habaye ukwifatira ingingo&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kwubaha abavyeyi ni vyiza, ariko kwubaha vyose n\u2019ivyo ubona ko ari biibi si vyo. Haragera aho umwana ashobora gutoranya ibibereye n\u2019ibitabereye, agatandukanya ivyiza n\u2019ibibi hanyuma akifatira ingingo bivanye n\u2019ivyo ariko arasabwa gukora. Ibi kandi birafasha uwo muriko murayaga kuko bituma na we asubira kwiyumvira gushasha ku vyo yariko arashikiriza<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari isano ryoba hagati y\u2019uguhererekana inkuru z\u2019ivy\u2019akahise kababaje n\u2019ukuvuga amajambo abiba urwanko ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umuntu ahaye avuga amajambo abiba urwanko na cane cane abaye avugwa n\u2019umuvyeyi, mw\u2019ico gihe uwuriko aramwumviriza na we abaye ari nk\u2019umwana akiri muto abifata nk\u2019ukuri kuko ariko abibwirwa n\u2019uwumusumvya ubushobozi, yubaha kandi azigako vyose. Ariko rero uno mwana abaye akuze, ashobora kurobanura ibibereye mu bitabereye, akifatira ingingo. Muri ico gihe, ikwiragizwa ry\u2019ayo majambo atari meza rishobora kugira aho rigarukiye, kwa kugomba gutanga inyigisho zitabereye kukabura uburenganzira bwo kurandagata. Umuntu amaze kugira imyaka y\u2019ugutandukanya icatsi n\u2019ururo ashobora kwakira ubutumwa ahawe uko bwaje, igice cabwo, canke wagomba nk\u2019ica gatatu cabwo kuko aba abona ati&nbsp;: ubu butumwa burafise ico bwoterera haba ku muntu we nyene ubwiwe, mu kibano, mu gihugu, nk\u2019uko anabona ko butanakenewe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hoba ari kuva ku myaka ingahe umwana ashobora kwifatira ingingo ku vyo abamufiseko ububasha bamubwira&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bivana n\u2019ukuntu umwana yakuze. Honyene kuva umwana akiri muto cane arerekana ibimenyetso bisigura ko yemeye canken yanse ivyo umuntu ariko aramubwira, canke ariko aramukorera. Ariko nko mu myaka 11, 12, 13 y\u2019amavuka, umwana aba yatanguye kubona iciza n\u2019ikibi<\/p>\n\n\n\n<p>Ageze nko mu myaka ya 6, 7, 8 y\u2019ishure shingiro ho, umwana aba azi vyinshi kuko yiga kw\u2019ishure, mu muryango, mu kibano kandi aho hose agenda agerageza kugereranya n\u2019ugushira ku munzane amajambo yumvise mu bavyeyi, mu miryango, mu bagenzi, mu bigisha, mu bo bigana n\u2019ahandi. Muri ico gihe, bivanye n\u2019ivyo yumvise aho hose, ashobora gufata ingingo yo kwumvira ivyo abavyeyi bamubwiye canke akabihakana ariko atagararije ngo yerekane ko umenga ntari munsi y\u2019ububasha bw\u2019umuvyeyi wiwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None mu vy\u2019ukuri ni gute umwana ashobora guhakana atagararije iryo abwiwe n\u2019uwumukuriye&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko vyamye hambere hose, umwana arashobora kwakira ijambo yiganiwe, abaye yarakwije imyaka yo gushobora gucira urubanza ikibi n\u2019iciza akabikora, ivyo abonona ko bishobora kumugirira ingaruka nziza muri kubu canke kazoza akabibika muri we, bibi na vyo ntabihe ikibanza. Ubwo burenganzira rero bwo guhakana ibitari vyiza umuntu wese arabufise, arabugendana kandi ni shingiro<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ni gute umwana yokwirinda gukoresha amajambo abiba urwanko n\u2019umwikeko mu kibano mu gihe yama ariko ayabwirwa n\u2019abavyeyi biwe, akama yayumvise mu muryango, mu kibano n\u2019ahandi&nbsp;? Patrice Sabuguheba, umuhinga yanonosohe ivy\u2019imibano aratwiganira inyifato ibereye mu gihe uno mwana yagiwe muri ubwo buryo Nta nkeka ko abatari bake mu runganwe rw\u2019uno munsi twagiye turahura n\u2019ibihe aho abo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6698,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[540],"coauthors":[34],"class_list":["post-6697","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-la-benevolencija"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6697","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6697"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6697\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6699,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6697\/revisions\/6699"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6698"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6697"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6697"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6697"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6697"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}