{"id":6692,"date":"2021-12-13T17:45:36","date_gmt":"2021-12-13T16:45:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6692"},"modified":"2023-10-08T10:49:32","modified_gmt":"2023-10-08T08:49:32","slug":"urwaruka-rukwiye-kwitaho-ivyo-kwipimisha-umugera-wa-sida-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urwaruka-rukwiye-kwitaho-ivyo-kwipimisha-umugera-wa-sida-burundi\/","title":{"rendered":"Urwaruka rukwiye kwitaho ivyo kwipimisha umugera wa SIDA"},"content":{"rendered":"\n<p><strong><em>Mu gihe ikiza ca SIDA kigisasika inganda kw\u2019isi yose tutibagiye mu Burundi , urugero rw\u2019urwaruka rwipimisha ruracari ruto. Mu kibano, kenshi biragoye ko umuvyeyi abwiriza abana biwe kuja kwipimisha, kuko aba adashaka ko bumva umenga yabiketse ko har&rsquo;aho boba bawanduriye, na canecane mu kugira imibonano mpuzabitsina. None bobivuga gute&nbsp;? <\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibiharuro bitangwa n\u2019ishirahamwe ry\u2019amagara y\u2019abantu kw\u2019isi yose <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.who.int\/fr\/news-room\/fact-sheets\/detail\/hiv-aids\" target=\"_blank\">OMS<\/a> vyerekana ko umugera wa SIDA kugeza ubu umaze guhitana ubuzima bw\u2019abarenga imiriyoni 36 n\u2019ibice 3 kw\u2019isi yose. Mu 2020, abantu 680.000 barapfuye bishwe na SIDA, abababa umuriyoni n\u2019inusu nabo barandura umugera VIH. Muri ico gihe nyene abanyafrika imiriyoni 25 n\u2019ibice 4 bari mu gace OMS ikoreramwo bari bagendana uwo mugera. Icegeranyo <a href=\"https:\/\/dhsprogram.com\/pubs\/pdf\/HF39\/HF39.pdf\">EDS 2010<\/a>&nbsp;, cerekana ko mu Burundi urwaruka rwo mu bisagara rwandura umugera wa Sida kugice kimwe n\u2019ibice 4 iruhande y\u2019urwaruka rwo mumisozi rwo ruri kurugero rw\u2019 0 n\u2019ibice 4.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None kwandura bisigura kuba wakoze imibonano mpuzabistina&nbsp;gusa?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uretse abandura biciye mu mibonano mpuzabitsina hari abandi bayandura bandukijwe n\u2019abavyeyi babavyaye, iyo bakoresheje ibitobora uruhu vyatoboye uwurwaye uyo mugera. Aho twovuga nk\u2019abasangira inzembe, utwuma dukata inzara (coupe-ongles), imijigiti, ishinge zo gutobora amatwi n&rsquo;ibindi. Ivyo vyose igihe bisangiwe bitabanje gucishwa mu miti yica imikorobi n\u2019imigera birandukiza ingwara z&rsquo;ivyuhizi nka Sida. Ariko ubwo uburyo bwo kwandura ntibufise urugero runini cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero, si agaseseshwa rumuri ko kwipimisha bituma umenya uko amagara yawe ameze, ukaba wikingiye ugakingira n&rsquo;abo mubana<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019urwaruka biraruraba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ngaha mu Burundi, kwandura umugera wa Sida vyama bikurikirana n\u2019ukwikweka ko wahuje ibitsina n\u2019uwuyigwaye. Ivyo bigatuma n\u2019abaja kwipimisha akenshi bagenda binyegeje kandi bafise ubwoba. Urwaruka rufise imyaka iri hagati ya 15 na 18, ivyo kwipimisha ntirubibona kumwe. Bamwe babifata nk\u2019ibintu vyagenewe abakuze canke abipfuza kugira ubugeni eka hari n\u2019ababona ko atamibonano mpuzabitsina umaze gukora bidakenewe kuja kwipimisha. Gutyo urwo rwaruka rugasanga rimwe na rimwe rwaguye mukaga kukutamenya.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa muganga Muhoza Arnauld akorera kubitaro vya komine Gitega, ngo kera urwaruka rwaratinya kwitura abaganga ariko ubu ama centres de sant\u00e9 \u00ab&nbsp;umugenzi w\u2019urwaruka&nbsp;\u00bb kuva aho aziye, urwaruka rurahimirizwa kwipimisha umugera wa Sida n\u2019indwara zifatiye mu bihimba vy\u2019irondoka. Kamariza Aline, umuvyeyi wo mu gisagara ca Bujumbura afise abana batatu b\u2019abigeme ashimangira ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Ni ukuri, umwana wanje azopfa gukwiza imyaka 12 nzoca ndamurungika kwipimisha kuko niho azokura azi amagara yiwe mbere azi n\u2019uko yokwikingira&nbsp;<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko ico ciyumviro ntigifise abavyeyi bose. Nk\u2019uko muganga Arnauld abandanya abisigura, ntibikunze kuboneka cane aho umuvyeyi aherekeza umwana wiwe kwipimisha uretse igihe aba yafashwe kunguvu canke yiketse ko akora imibonano mpuzabitsina<\/p>\n\n\n\n<p>Twibutsanye ko uwambere akwiye gukingira amagara y\u2019umwana ari umuvyeyi,arico gituma buri muvyeyi akwiye kwicarana n\u2019umwana akamusigurira akamaro ko kumenya ibipimo vya Sida hakiri kare. Akongera akamwigisha uko yoyirinda <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe ikiza ca SIDA kigisasika inganda kw\u2019isi yose tutibagiye mu Burundi , urugero rw\u2019urwaruka rwipimisha ruracari ruto. Mu kibano, kenshi biragoye ko umuvyeyi abwiriza abana biwe kuja kwipimisha, kuko aba adashaka ko bumva umenga yabiketse ko har&rsquo;aho boba bawanduriye, na canecane mu kugira imibonano mpuzabitsina. None bobivuga gute&nbsp;? Ibiharuro bitangwa n\u2019ishirahamwe ry\u2019amagara y\u2019abantu kw\u2019isi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6693,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[289],"coauthors":[34],"class_list":["post-6692","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-sida"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6692","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6692"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6692\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6696,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6692\/revisions\/6696"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6693"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6692"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6692"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6692"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6692"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}