{"id":6681,"date":"2021-12-09T10:49:55","date_gmt":"2021-12-09T09:49:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6681"},"modified":"2021-12-15T18:49:51","modified_gmt":"2021-12-15T17:49:51","slug":"isozerwa-umugambi-prodefi-fida-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/isozerwa-umugambi-prodefi-fida-burundi\/","title":{"rendered":"Isozerwa ry\u2019umugambi Prodefi II: imyaka 6 yo kurata"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Inyuma y\u2019imyaka 6 uwo mugambi wari umaze ukora, hatunganijwe kuri uyu wa 6 Kigarama, mu nyubakwa zimigambi ifatwa mumugongo nikigega mpuzamakungu citaho uburimyi \u00a0FIDA, ibikorwa vyo gushikiriza ivyakozwe mu ntara 8 zawurangurirwamwo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe umugambi PRODEFI II washizweho kugirango ubandanirize aho PRODEFI I wari wagejeje, uwo mugambi wakoreye mu ntara za Bubanza, Cibitoke, Gitega, Karusi, Kayanza, Muramvya, Muyinga na Ngozi.<\/p>\n\n\n\n<p>Alain Traor\u00e9, umwe mu bahinga batunganije isozerwa ry\u2019uwo mugambi, ashikiriza ko intumbero nyamukuru za PRODEFI II, ari : kwungura amikoro y\u2019abari mu mugambi, uguhangana n\u2019ingwara zituruka ku gufungura nabi, guha ubumenyi n\u2019ubushobozi abarimyi n\u2019aborozi mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, kwigisha abenegihugu uburyo bwo guhangana n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe, kugwiza umwimbu w\u2019umuceri n\u2019amata, hamwe no guteza imbere igisata c\u2019akazi mu bakiri bato.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibikorwa birashimishije<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk&rsquo;uko uwo muhinga Alain Traor\u00e9 abandanya abishikiriza, ivyashitsweko si agaseseshwa rumuri, birashemeye. Aho aravuga nk\u2019umwimbu w\u2019umuceri urimwa mu myonga yo ku misozi yavuye ku matoni 2,09\/ha, uja kuri toni 5\/ha, mu gihe umuceri urimwa mu myonga na wo wavuye ku matoni 3,77\/ha uja kuri toni 6\/ha. Ibigori na vyo vy\u2019ibivyarwa bikaba biri kuri toni 6,8\/ha.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bindi vyakozwe, imyonga ingana 4.000 ha yaratunganijwe neza mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w\u2019ibiterwa mbumbarugo, hamwe n\u2019itunganywa ry\u2019imisozi ingana n&rsquo;amahegitari we 29.000 ihanamiye imyonga, mu guca imikobeko no mu gutera ibiti vyo gukinga inkukura no kugwanya ubugaragwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu bworozi, ibitungwa bingana na 6.866 vyarahawe imiryango ingana 6.073 mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w\u2019amata, hakaba haranashizweho ibigo 9 vyo kuyegeranya vyahawe \u00a0n\u2019ibikoresho bikwiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Ciza Victor, umurimyi wa kijambere wo muri komine ya Muruta mu ntara ya Kayanza ashikiriza ko imbere y\u2019uko aja mu mugambi wa PRODEFI II, yahora yimbura ibiro 150\/ha, ubu na ho akaba yimbuye itoni 6\/ha.<\/p>\n\n\n\n<p>Hambavu y\u2019uburimyi n\u2019ubworozi, umugambi PRODEFI II warashikiriye no mu gisata co gutunganya amatongo, aho hashizweho ibigo 4 vyo gutunganiriza abenegihu muri ico gisata, aho hanatanzwe impapuro ndanga matongo zingana 9.445, na zo zikazotuma abazironse zibafasha kuronka ingurane mu mabanki.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"naDMQGTzRN\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/prodefi-iterambere-imiryango-uburimyi-ubworozi-burundi\/\">Prodefi:  \u00ab manu \u00bb y&rsquo;abanyagihugu mw\u2019iterambere<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Prodefi:  \u00ab manu \u00bb y&rsquo;abanyagihugu mw\u2019iterambere\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/prodefi-iterambere-imiryango-uburimyi-ubworozi-burundi\/embed\/#?secret=xUoNTwVVkO#?secret=naDMQGTzRN\" data-secret=\"naDMQGTzRN\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Hoba hazokurikira iki?&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu bitagenze neza, harimwo ibikorwa vyagiye birarandira bivuye ku kiza ca koronavirisi, catumye ibikoresho bidashobora kwinjira mu gihugu, hamwe n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe ryatumye ivyubatswe bitari bike, nk\u2019ingomero, bimera nabi.<\/p>\n\n\n\n<p>Kuri ivyo bikorwa bitashoboye kurangira, Joseph Rostand Olinga Biwol\u00e9 arongoye ivyimfatakibanza FIDA mu Burundi \u00a0ashikiriza ko ibijanye no guhangana nikiza covid bizoherahezwa\u00a0 mu kiringo camezi 4. Agasaba abenegihugu kubungabunga ivyo PRODEFI ibasigiye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inyuma y\u2019imyaka 6 uwo mugambi wari umaze ukora, hatunganijwe kuri uyu wa 6 Kigarama, mu nyubakwa zimigambi ifatwa mumugongo nikigega mpuzamakungu citaho uburimyi \u00a0FIDA, ibikorwa vyo gushikiriza ivyakozwe mu ntara 8 zawurangurirwamwo. Mu gihe umugambi PRODEFI II washizweho kugirango ubandanirize aho PRODEFI I wari wagejeje, uwo mugambi wakoreye mu ntara za Bubanza, Cibitoke, Gitega, Karusi, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6682,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[520,466,328,440],"coauthors":[34],"class_list":["post-6681","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-fida","tag-prodefi","tag-uburimyi","tag-ubworozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6681","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6681"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6681\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6708,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6681\/revisions\/6708"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6682"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6681"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6681"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6681"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6681"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}