{"id":6675,"date":"2021-12-01T10:16:27","date_gmt":"2021-12-01T09:16:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6675"},"modified":"2023-10-08T10:49:24","modified_gmt":"2023-10-08T08:49:24","slug":"barahohoterwa-kubera-imihamuro-vsbg-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/barahohoterwa-kubera-imihamuro-vsbg-burundi\/","title":{"rendered":"Barahohoterwa kubera imihamuro"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu Burundi, haracibonekeza ingeso y\u2019ifatwa ku nguvu canke ihohoterwa rikorerwa abigeme n\u2019abakenyezi kubera ubumuga butandukanye bagendana, canke uko bavutse. Aha twovuga nka ba nyamwema, abatwa, abagendana ubumuga bwo mu mutwe n\u2019abandi. Abagirizwa gukora ayo mabi ngo baba bariko babaronderako izindi nyungu nk&rsquo;izamatungo canke umuti.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abakenyezi n&rsquo;abigeme b&rsquo;abatwa bo ku mutumba Rwagongwe, zone Rwegura komine Burambi intara ya Kayanza bavuga ko bageramiwe n&rsquo;abasore hamwe n&rsquo;abagabo bo muri ako karere babashurashuza bitwaje ngo bariko babaronderako umuti uvura umugongo. Abajejwe intwaro kuri uwo mutumba, babasaba ko uwugwaye yokwitura muganga bagasezerera ako kabi kabishe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biri uko mu gihe bivugwa cane mu banyagihugu ko iyo umusore canke umugabo yiganiye mugenzi we ko arwaye umugongo, yishurwa ko atazokira atagiranye imibonano mpuzabitsina n&rsquo;umugore canke umwana w&rsquo;umwigeme w&rsquo;umutwa. Nawe araheza akajana narwo, bigahera agiye gufata ku nguvu uwo mwigeme canke umukenyezi<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ba nyamwema n&rsquo;abagendana indwara zo mu mutwe &#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uretse abo Batwa, hari iyindi mirwi ibangamiwe n\u2019ihohoterwa: ba nyamwema, bakorerwa amabi afatiye ku rukoba, n&rsquo;abagendana ubumuga bwo mu mutwe bashurashuzwa<\/p>\n\n\n\n<p>Ku banyamwema, bivugwa ko bahohoterwa babahora ko ibihimba vyabo vy&rsquo;umubiri ari umuti ukoreshwa mu bintu vy&rsquo;amangetengete. Hari abo bahimbagura amaboko, amaguru canke ibindi bihimba, bakaja kubigurisha<\/p>\n\n\n\n<p>Hari n\u2019abandi bahohoterwa bafatiye ku bumuga baba bafise, canecane abagendana ingwara zo mu mutwe. Nk&rsquo;akarorero, umugabo w&rsquo;umudandaza arengera kuwugendana ubumuga nk&rsquo;ubwo, akamushurashuza ngo ariko arondera amatungo, adandaze yunguke, atera imbere canke ngo ivyashara vyiwe bisohoke ningoga.<\/p>\n\n\n\n<p>Dr Ningenza Jean Marie, umwigisha muri kaminuza y&rsquo;Uburundi yanonosoye ivyigwa vy&rsquo;inyifato z&rsquo;abantu, avuga neza ko ivyo bibaho kandi muri kino gihe bisa nuko vyagwiriye aho umugabo arengera no ku mwana wiwe canke ba inarume.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri abo bamwe baritura inyamira mabi canke abaganga abandi bagatinya bivanye n\u2019ababakoreye ayo mabi canke imico y&rsquo;aho bakuriye.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Ningenza, arongera akavuga ko ukwo guhora, biheza bikagira ingaruka mbi cane mu buzima bw&rsquo;abahohotewe<em>: \u201cUretse ko bakomereka ku mubiri kubera baba bagiriwe ivyo badashaka, mu nyuma usanga barwaye ibirwara bidakira, ihahamuka eka n\u2019ibindi vyinshi.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Akarangiza ahamagarira abantu bose kurwanya bivuye inyuma iryo hohoterwa kuko riri mu bituma umukenyezi n&rsquo;umwigeme ataho bishikana mw\u2019iterambere ryabo, n&rsquo;iry&rsquo;imiryango yabo <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu Burundi, haracibonekeza ingeso y\u2019ifatwa ku nguvu canke ihohoterwa rikorerwa abigeme n\u2019abakenyezi kubera ubumuga butandukanye bagendana, canke uko bavutse. Aha twovuga nka ba nyamwema, abatwa, abagendana ubumuga bwo mu mutwe n\u2019abandi. Abagirizwa gukora ayo mabi ngo baba bariko babaronderako izindi nyungu nk&rsquo;izamatungo canke umuti. Abakenyezi n&rsquo;abigeme b&rsquo;abatwa bo ku mutumba Rwagongwe, zone Rwegura komine Burambi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6676,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[539],"coauthors":[34],"class_list":["post-6675","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ssr"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6675","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6675"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6675\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6679,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6675\/revisions\/6679"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6676"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6675"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6675"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6675"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6675"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}