{"id":6655,"date":"2021-11-24T07:03:50","date_gmt":"2021-11-24T06:03:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6655"},"modified":"2021-11-24T07:05:57","modified_gmt":"2021-11-24T06:05:57","slug":"imbwa-ifyese-umuntu-inkurizi-mbi-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imbwa-ifyese-umuntu-inkurizi-mbi-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"Imbwa ifyese umuntu, inkurizi zishobora kuba mbi cane"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mushobora kuba musangiye ubuzima, canke mubana munzu canke bigufasha kwirinda abasuma, ariko bitabungabunzwe neza, ibikoko vy\u2019ibitungano biri mubikwiragiza ingwara.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u201cIco gihe twari dutunze ubuyabu umunani, twarigeze gusanga akayabu mucumba, rimwe turyamye twaje kwikangura dusanga turyamanye natwo. Kurya wihindukiza ukumva ikintu kikudigadiga kumbe n\u2019akayabu\u201d,<\/em> ivyo bishikirirwa n\u2019umwigeme twasanze murimwe mu ma karitiye ya Bujumbura.<\/p>\n\n\n\n<p>Arongera ati imbwa ziramoterwa cane. Kumfungurwa hoho bikarenga<em>: \u201cImbwa yacu no mu gikoni irashikayo, iyo yumvise muriko murabomboranya amasahani. Hari n\u2019igihe tuyirukana ije hanze icungere akarere, ugasanga yasubiye kugaruka.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kubwuyo mwigeme, ngo iyo mufise imeza ntoyi mugaterekako imfungurwa ziteguye ziribwa sasita canke mwijoro, musanga nimba ari inyama cumi zateguwe hasigayemwo zitanu <em>: \u201cIco kitwigisha kudatereka isafuruya aho ubonye iyo utunze ibikoko munzu.\u201d<\/em> Ati iyo bavuye gufungura batarakaraba, iyo mbwa yabo kenshi irabategera:<em> \u201cNtivuga iti mpa ariko irakwereka signe ko nayone ishaka gufungura. Hari igihe usanga rero utarakora nico wategerezwa gukora kuriyo mbwa ugasanga yagusimbiyeko.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Inkurikizi&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Eric Yamuremye, umuhinga muvy\u2019isuku agira ati<em>: \u201cIbikoko birashobira kuba murugo ariko munzu kenshi ntibirekuriwe.Ingaruka ni nyinshi cane kubera iyo ubanye n\u2019igikoko kirashobora kukwanduza ingwara zijanye navyo.\u201d<\/em>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Izo nazo kubwuyo muhinga ni nkakarorero \u00ab&nbsp;les zoonoses&nbsp;\u00bbingwara zandukira abantu zivuye kubikoko canke zikava kubantu zandukira ibikoko. Nkubu ubana n\u2019akayabu karashobora kugutera ingwara yo guhema nabi: <em>\u201cKurya kuntu usanga kaje kugitanda cawe. Hariho nizindi ngwara zijanye n\u2019isuku nyene. Nkakarorero imbwa canke inyabu zirashobora kwanduza imbaragasa kuberako zama zifise izo mbaragasa; iyo rero ivyo bikoko biguma bica kubantu no kubikoresho, zambaragasa ziraheza zikabanduza.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyu muhinga aranahanura ko ivyo bikoko bita les animaux domestiques mugufaransa bitegerezwa kuguma kure y\u2019abantu<em>: \u201ciyo bigumye bija muvyumba vy\u2019abantu, mubikoni bifyeta ibintu, bisigako imicafu, microbes; imigera ishobora kwanduza abantu ingwara nyinshi cane.\u201d&nbsp;<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ngo kandi ibifungurwa bitegerezwa kubikwa ahantu bidashikirwa nivyo bikoko kubera ko biba bifise imigera haba kumaguru, mukanwa, kubwoya bwavyo n\u2019ahandi. Ati nkakarorero imbwa nyinshi ziragendana imigera y\u2019igwara y\u2019ibisazi naho itaba irwaye iyo ufunguye indya zafyeswe niyombwa, uca wandura iyo ngwara.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo bishitse, umuntu ategerezwa gutegura izindi mfungurwa, iyo naho wakoze kurivyo bikoko, canke vyagufyese, utegerezwa gukara n\u2019amazi meza n\u2019isabuni kugira uzitire utaronerwa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mushobora kuba musangiye ubuzima, canke mubana munzu canke bigufasha kwirinda abasuma, ariko bitabungabunzwe neza, ibikoko vy\u2019ibitungano biri mubikwiragiza ingwara. \u201cIco gihe twari dutunze ubuyabu umunani, twarigeze gusanga akayabu mucumba, rimwe turyamye twaje kwikangura dusanga turyamanye natwo. Kurya wihindukiza ukumva ikintu kikudigadiga kumbe n\u2019akayabu\u201d, ivyo bishikirirwa n\u2019umwigeme twasanze murimwe mu ma karitiye ya Bujumbura. Arongera ati [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":42,"featured_media":6656,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[391],"coauthors":[535],"class_list":["post-6655","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-amagara"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6655","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/42"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6655"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6655\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6657,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6655\/revisions\/6657"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6656"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6655"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6655"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6655"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6655"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}