{"id":6651,"date":"2021-11-24T07:03:54","date_gmt":"2021-11-24T06:03:54","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6651"},"modified":"2021-11-24T07:09:36","modified_gmt":"2021-11-24T06:09:36","slug":"ingwara-ibirenge-urwaruka-amagara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ingwara-ibirenge-urwaruka-amagara-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Uraba wumva birenge niwe ubarirwa \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kumota nabi, kugira ibintsintsiri vyacitse imvutu\u2026 ni bimwe mu vyerekana ko umuntu arwaye ingwara zifatira ku birenge. None vyoba biva kuki? Twovyirinda gute? Jimbere yarayaze na bamwe mu rwaruka hamwe n\u2019umuganga.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nagatwengo kenshi. G.K, aba mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko vyari bigoye kumwegera<em>: \u201cJewe nambuye ibirato nkeka n\u2019imibu yaba iri hafi yanje yaca yiruka kubera kumoterwa nabi. Abo twabana bari banzi bapfa kunkubita ijisho baca banyegera kure.\u201d<\/em> Uyu musore w\u2019imyaka 20 amesha ko vyamufashe igihe ktari gito kugira akire iyo ngwara<em>: \u201cVyansavye kwivuza kwa muganga kugira nkire.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ingwara zikunze kwibonekeza z\u2019ibirenge ni amavunja, ibimeme, ibigatu\u2026 kubera izo ngwara hari abahakwa gucika amano. Hari aho izo ngwara zizana akamoto kabi bigatuma abazigendana bakumirwa mu kibano.<\/p>\n\n\n\n<p>Carine. M., amenyesha ko agwaye ibimeme. Ivyo navyo ngo vyaje kubera yama ari mu mazi ahjo yaba agiye kuvoma:<em> \u201cMaze gufatwa niyo ngwara; nagira akamoto kabi, ako nako kakantera ikibazo kubera abagenzi baca banyegera kure ngo ndanuka.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Lauraine.B., aba mu buraruko bw\u2019igisagara ca Bujumbura avuga ko afise ingorane y\u2019ingwara y\u2019ibimeme hamwe n\u2019ibigatu <em>: \u201cBituma nguma niyagaza. Hari aho kugira ndonke amahoro nkoresha igiti mukwiyagaza. Ibirato vyugara nsingeza mukirenge kubera hageze aho ndabikura akamoto kavayo usanga gateye ubwoba mu kunuka.\u201d &nbsp;<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Arongera akavuga ko iyo yicaye mu bantu akumva atanguye kuribwa; biramugora kwambura ibirato kugutinya ico bohava bamubwira canke uko bomufata.<\/p>\n\n\n\n<p>Imvo zitera izo ngwara ni nyinshi nkuko tubishikirizwa na Mama Lionne Harerimana, arongoye ivuriro Saint Michel<em>: \u201cKurya kuntu abana bakunda guhonyoza ibirenge mu mazi y\u2019ibiziba canke kuyivayangamwo birashobora kubatera ingwara zo kubirenge amano agatabuka, hakazamwo ibisebe n\u2019ibindi.\u201d<\/em>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibitera izo ngwara<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Eka ngo hari naho ayo mazi aba arimwo utuyoka dushobora kwinjira mu mubiri w\u2019umwana tukamuteza izindi ngwara zikomeye. Kubwiwe rero, abavyeyi bokwitwararika abana babo kugira ntibaje gukinira mu mazi y\u2019ibiziba canke kuyahonyoramwo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Kukijanye n\u2019amavunja, Mama Lionne Harerimana, amenyesha ko aterwa n\u2019isuku rike<em>: \u201cKenshi aza ahantu hatigera hagirirwa isuku rikwiye na cane cane iyo hari ivumbi n\u2019iyindi myanda iharangwa.\u201d<\/em>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Kandundura ngo ni igihe bishitse umwana akayarwara ugasanga ntibayamukuye canke bigakorwa nabi. Ivyo bishobora kuvamwo ingwara zikomeye zisabwa ko umwana ashikanwa kwa muganga kugira bamuvure neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Naho bimeze uko, Mama Lionne Harerimana aributsa ko akamoto kabi mu birenge bidasigura minsi yose ko umuntu agendana n\u2019ingwara zijanye n\u2019isuku rike ariko ngo kenshi biba bifitaniye isano.<\/p>\n\n\n\n<p>Mama Lionne Harerimana aratanga impanuro z\u2019ingene umuntu yo kwirinda ako kamoto kabi mubirenge:<em> \u201cMubisanzwe umubiri uguma usohora ibintu ukwo ukora. Umwana ntiyari akwiye rero kurenza amasaha atanu yambaye ibirato vyugaye canke ngo yambare amashesheti umunsi wose urenga kubera umubiri ukeneye guhema.\u201d<\/em> Kugira akingirwe birakwiye ko hafatwa umwanya kugira yamburwe ivyo birato aheze aheme neza, akayaga kamuceko. Nivyo birato nayo mashesheti akagirirwa isuku.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Impanuro za bamwe n\u2019abandi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Eka n\u2019urawaruka twayaze rurahanura. C.Manirakiza amesha ko ibimeme vyahatswe kumuca amano ariko ubu yarakize:<em> \u201cKugira nkire naza ndafata amazi nkoga hama nkasigamwo amavuta mu mano. Nivyo vyamfashije.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>A. Nkeshimana, agira ati ingwara y\u2019ibigatu yamufatiye mu mwonga aho yahora aja kuvoma kubera kuguma aca mu vyondo n\u2019ibiziba hama bikarangira yibagiye no kwoga neza umubiri wose<em>: \u201cKubirenge wasanga ibintsintsiri vyasataguritse bikambabaza cane. Kugira nkire naja ndasiga ingagari hamwe na glyc\u00e9rine.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kuvyerekeye ingagari canke aloe mugifaransa, Mama Lionne Harerimana arasigura yuko ifasha muvyerekeye amavunja canke gutabagurika mu birenge<em>: \u201cUshize aloe kugikomere irafasha kikuma ni nkivyo twokwita antibiotique mugifaransa.\u201d<\/em>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi arahamagarira abarwayi kuja kwa muganga kuko hariho imiti ivura izo ngwara nka mycoses (ibimeme) hakoreshejwe imiti yitwa antimycosique, antifongique. Hari nama pomade yahariwe kworosha umubiri agafasha cane abarwaye amavunja.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Mama Lionne Harerimana aranshimangira kwisuku kugira abantu na cane cane abana birinde izo ngwara zifatiye kubirenge zinatera akamoto kabi. Avuga ati<em>: \u201cAbantu bo kwoga neza gatatu kumunsi.\u201d<\/em>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Kubakoresha amabuye n\u2019ibindi mukwisirita canke kwinyukura, Mama Lionne Harerimana arakebura ko bovyirinda kubera rimwe na rimwe bashobora kwibabaza bazi ngo bariko baragira isuku neza<em>: \u201cBirya bikoresho birashobora gutabura umubiri ibiheza bikagira ingaruka mbi kuri wamubiri nyene.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kubadashobora kwambara ibirato kubera amikoro make, Mama Lionne Harerimana asaba kubabishoboye kugura basi ikambambili kugira birinde guhonyanga kumwanda na cane cane y\u2019amazi ateze.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kumota nabi, kugira ibintsintsiri vyacitse imvutu\u2026 ni bimwe mu vyerekana ko umuntu arwaye ingwara zifatira ku birenge. None vyoba biva kuki? Twovyirinda gute? Jimbere yarayaze na bamwe mu rwaruka hamwe n\u2019umuganga. Nagatwengo kenshi. G.K, aba mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko vyari bigoye kumwegera: \u201cJewe nambuye ibirato nkeka n\u2019imibu yaba iri hafi yanje yaca yiruka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":42,"featured_media":6654,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[536,537],"coauthors":[535],"class_list":["post-6651","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ibirenge","tag-ingwara"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6651","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/42"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6651"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6651\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6661,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6651\/revisions\/6661"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6654"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6651"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6651"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6651"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6651"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}