{"id":6648,"date":"2021-11-22T19:54:21","date_gmt":"2021-11-22T18:54:21","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6648"},"modified":"2021-11-22T19:54:58","modified_gmt":"2021-11-22T18:54:58","slug":"uruhara-rwumwigeme-arera-umwana-indero-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/uruhara-rwumwigeme-arera-umwana-indero-burundi\/","title":{"rendered":"Uruhara rw&rsquo;umwigeme arera umwana ni ntangere mu ndero yiwe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Hano mu Burundi, nk&rsquo;uko biri n&rsquo;ahandi igihe nyina w&rsquo;umwana afise ayandi mabanga akora arakenera umwigeme akunze kwitwa umuyaya amusigaranira umwana. Uwo muyaya rero afise uruhara runini mu buryo bwo kurera umwana kuko ashobora kumarana igihe kinini n\u2019umwana iyo nyina atariho. Ariko si misi yose yama amurera nk<strong>&lsquo;<\/strong>uko umuvyeyi aba avyifpuza. Ido\u00a0n&rsquo;ido\u00a0!\u00a0<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwana arakenera ko umuvyeyi amwereka urukundo kuva akiri muto mu buryo bwo kumukinisha, kumutwengera amuraba, n\u2019ibindi. Ivyo navyo biratuma umwana agira ibishobisho vyo kwamana n\u2019umuvyeyi wiwe mbere bigatuma uwo mwana amenya umuvyeyi wiwe. Arashobora kandi kumenya umuvyeyi kuva akivuka biciye mu kamoto k\u2019umuvyeyi, mu kumukorako, canke mu kumuraba. Ariko si abana bose baronka ibakwe ryo kurerwa n<strong>&lsquo;<\/strong>umuvyeyi wabo gushika bakure. Akenshi usanga abana bo mu bisagara canke ahegereye ibisagara barerwa n<strong>&lsquo;<\/strong>abakobwa barihwa amahera kuko abavyeyi baba badafise akanya gakwiye ko kugumana n<strong>&lsquo;<\/strong>abana babo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kurera umwana ni ikintu co kwitaho cane<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Birakwiye ko uwurera umwana agira ubumenyi kanaka ku bijanye n\u2019uko umwana ategerezwa gufatwa kugira ngo akure neza haba ku mubiri, mu nyifato no mu bwenge, kugaburirwa bivanye n&rsquo;imisi canke amezi amaze avutse, kugirirwa isuku, n\u2019ibindi biri mu bituma umwana akura neza. Iyo umwana arezwe n<strong>&lsquo;<\/strong>uwo mwigeme atari nyina ntihabura ivyo ahomba bigatuma ateba nko gutambuka canke akavuga bigoranye.<\/p>\n\n\n\n<p>M. Jeannette aba mu gisagara ca Bujumbura n<strong>&lsquo;<\/strong>umuvyeyi ahora asigira umuyaya akana kiwe k\u2019akigeme igihe cose agiye ku kazi. Josianne akidoga ko umukozi mushasha yamugaje umwana wiwe kuko kuva amuzanye ka kana katagishobora kuvuga nk<strong>&lsquo;<\/strong>uko kavuga ahambere. <em>\u00ab Ubu iyo umuhaye ibintu bishushe avuga ngo \u201cshushe\u201d ariko mu misi iheze yaravuga neza \u201cbirashushe\u201d. Ibi vyose vyatumwe n\u2019uko asigaye yirirwana n\u2019abana bato b<strong>&lsquo;<\/strong>ababanyi bashasha. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muvyeyi abandanya avuga ko iyaba yabishobora yogumye muhira kugira akurikirane umwana wiwe kuko umwigeme mushasha yazanye amusiga mu babanyi nawe akigira kwiganirirra n<strong>&lsquo;<\/strong>abandi bakozi bagenzi biwe.\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umukozi arera umwana aterera iki mw\u2019ibaho neza ry\u2019umwana?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugira umuyaya ukurikirane umwana neza bishobora kuva ku vyo basezeranye na nyene kumuha igikorwa co kumurera. Iruhande yo gukurikirana umwana, uwo mwigeme usanga kenshi afise ibindi bikorwa akora nk<strong>&lsquo;<\/strong>ivyo guteka no kumesa. Ivyo biratuma yibaza ico aherako n\u2019ico aherukirako kugira ngo nyene umwana iyo agarutse asange yatunganije ivyo yamushinze. Wa mwana akabura uwumukinisha, ntabe agisinzira kumasaha. Ariko ntawodeha ko hari abigeme bareka kwitaho abana kubw<strong>&lsquo;<\/strong>ubugaba bwabo, babona ko ba inabuja atariho bari bakigenza uko bashaka.<\/p>\n\n\n\n<p>Aho ni igihe usanga umwana atamwoza neza canke ntamuhate ngo afungure. Umwana akagira kwonda no guta umunezero usangana umwana arezwe neza.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Nk&rsquo;uko bivugwa na Kwizera Janvier, umuhinga yanonosoye ibijanye n&rsquo;inyifato mu vy&rsquo;indero, ni vyiza ko umwigeme arera umwana amwitaho nk<strong>&lsquo;<\/strong>uko umuvyeyi ategerezwa kumwitaho mu kumukorera ivyo akenera vyose. Kuko nakare iyo amaranye iminsi myinshi n<strong>&lsquo;<\/strong>umwana arateba akamenya amasaha umwana akunda gusinzirirako, kuvyukirako, kwitumirako &#8230; Ivyo bikamufasha kumukorera ivya nkenerwa ku mwanya mwiza.<\/p>\n\n\n\n<p>Abavyeyi bari bakwiye rero kugabanya ibikorwa baha abigeme babarerera abana babo. Bari bakwiye kandi gusuzuma umwana igihe cose baronse akanya, bakamwiyegererza maze umwana akumva ko atatawe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi, ntibibereye guhindagura abo bigeme barera umwana kuko umwe wese aba afise imico yiwe. Nawe akamenyera imico yabo, bikamucanga. Umuvyeyi nawe ntabe agitahura umwana wiwe kuko ataba azi uwo yakuyeko imigenzo imwe imwe. N<strong>&lsquo;<\/strong>umwana biramugora kumenyera umukozi mushasha mbere bamwe bakabanka. Aha ntituvuze umwana asigara akunda umuyaya gusumba nyina yamuvyaye.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwigeme arera umwana rero afise uruhara runini mw\u2019ikura ryiza ry\u2019umwana ku mubiri, mu nyifato nziza no mu kugira ubwenge mu gihe amwitayeho uko bibereye.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Kino gisomwa canditswe na\u00a0<strong>Toyi Bernard<\/strong><\/strong>\u00a0<strong>yize<\/strong>\u00a0<strong>kuri Universit\u00e9 Lumi\u00e8re de Bujumbura, mu gisata cigisha ibijanye n\u2019ugutanga amakuru<\/strong>,\u00a0<strong>umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero<\/strong>\u00a0<strong>yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Hano mu Burundi, nk&rsquo;uko biri n&rsquo;ahandi igihe nyina w&rsquo;umwana afise ayandi mabanga akora arakenera umwigeme akunze kwitwa umuyaya amusigaranira umwana. Uwo muyaya rero afise uruhara runini mu buryo bwo kurera umwana kuko ashobora kumarana igihe kinini n\u2019umwana iyo nyina atariho. Ariko si misi yose yama amurera nk&lsquo;uko umuvyeyi aba avyifpuza. Ido\u00a0n&rsquo;ido\u00a0!\u00a0 Umwana arakenera ko umuvyeyi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6649,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486],"tags":[504],"coauthors":[34],"class_list":["post-6648","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","tag-indero-yabana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6648","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6648"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6648\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6650,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6648\/revisions\/6650"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6649"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6648"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6648"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6648"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6648"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}