{"id":6621,"date":"2021-11-16T10:14:07","date_gmt":"2021-11-16T09:14:07","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6621"},"modified":"2023-10-08T10:49:16","modified_gmt":"2023-10-08T08:49:16","slug":"nta-mukobwa-wo-kwigurira-utuntu-kandi-afise-umu-cheri-burundi-vbg","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/nta-mukobwa-wo-kwigurira-utuntu-kandi-afise-umu-cheri-burundi-vbg\/","title":{"rendered":"\u00ab Nta mukobwa wo kwigurira utuntu kandi afise umu \u2018ch\u00e9ri\u2019\u2026 \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abahungu canke abagabo batari bake bariyemeza gukora ibintu nka vyose mu rukundo canke mu ngo kugira berekane ko bashoboye. Utuntu twose dusaba amafaranga tukabazwa umuhungu canke umugabo n\u2019aho umugore yoba ayafise. None koko ubwo urukundo rurakwiye kuba umuzigo umuntu azegembana kandi afise uwo muremurura. Erega ni uguhohoterwa mu bintu batazi. Akagohe nkebuzi ka Njebas<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni ibintu bimeze nk\u2019ibimenyerewe. Rimwe na rimwe babigira batazi ko ari uguhohotera abahungu canke abagabo. Ubu rero hari abakobwa canke abagore bamwebamwe bamugajwe n\u2019uko abahungu canke abagabo aribo babaha ivyo bakeneye nka vyose. Ngo nta mukobwa wo kwigurira utuntu kandi afise umu \u2018ch\u00e9ri.\u2019 &nbsp;Ni hamwe iyo weekend igeze, uza wumva umukobwa ngo, Allo Cheri, mbe weekend gute? Tuyirira he? Kandi \u2018bajou\u2019, n\u2019igisuko cashaje ndashaka ko nogihindura, hama mfise n\u2019urubanza ejo nari nipfuza gusiga inzara. Aho rero hari igihe uwo abikubwira aba afise akazi, mbere anavuye guhembwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ese ho ngo ama \u00ab&nbsp;unit\u00e9&nbsp;\u00bb araheze, bamwebamwe uza wumva ngo ch\u00e9ri ngabira ijana ry\u2019ama unite, canke ukumva ngo iyi SMS nkwandikiye ch\u00e9ri ni iya nyuma ziramperanye, umbabarire niwabona ntagusubije. Canke ngo narinshaka ko tuvugana kuri \u00ab&nbsp;WhatsApp&nbsp;\u00bb none utumega twamperanye. Umuhungu nawe kubera ukwanka gusuzugurwa no gushaka kumwereka ko ata vyo yobura, mu kumuha ivyo yamusavye araheba agashirako n\u2019agasunuzo. Hari n\u2019igihe usanga n\u2019utwo atanze ari utwo arinze kugurana.<\/p>\n\n\n\n<p>None koko ukwo kwihagararako kw\u2019abahungu kuzobageza he? Vugisha ukuri ikivyimvye kimeneke. Ntutinye gukengereka canke guhebwa ngo ubuze ico uha uwo ukunda!<\/p>\n\n\n\n<p><strong>No mu ngo biriyo\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu rugo na ho uza wumva nk\u2019umukenyezi ngo: amata yaheze, igikombe camenetse, imbugita yabuze\u2026zana amahera tuze kubigura. Kandi twari utuntu dusanzwe nawe nyene yoshobora kugura. Ikibabaje gusumba ni mu gihe usanga nk\u2019umugabo ari mw\u2019ibohero canke ari mu bitaro ukumva umugore ngo, erega umwana bamwirukaniye amahera y\u2019ishure, kandi aha ubona rero tunamaze kabiri turya ibitagira umunyu, raba aho wokwaka n\u2019ideni. Na we ku kwihagararako, umugabo wumva ngo ja kwa kanaka aguhe ideni nzoririha.<\/p>\n\n\n\n<p>Umugore we aba azi ko ariko abwira umugabo kugira abitorere umuti ariko siwe aba ajejwe imyitwarariko yose yo murugo kuko urugo ni babiri. Erega nta guhohoterwa gusumba ukwo. Nta kuntu umugabo yoba arwaye canke ari mw\u2019ibohero ngo umugore agume amusaba umunyu n\u2019amavuta mu rugo kandi n\u2019umugore yobirondera akabironka.<\/p>\n\n\n\n<p>Rero burya uguhohoterwa ku bantu biri mu buryo bwinshi n\u2019aho bimwe batabimenya. Nk\u2019ayo ni amahohoterwa agirirwa abagabo mu bijanye n\u2019ubutunzi. Ariko ikibabaje ni uko n\u2019abahungu canke abagabo bashaka kwihagararako ngo berekane ko bifise. Bashoboye. Hari igihe bita mu madeni kumbure iyo bavugisha ukuri umugore canke umukobwa bari kumwe yari kugira ico aterereye.<\/p>\n\n\n\n<p>Bahungu, bagabo nimureke kwiyemeza ivyo mudashoboye. Emera ico muri, mwoye kwirya mukimara ngo ni bwo bugabo. Namwe bigeme, bakenyezi erekane ko mushoboye, iyo umugabo yabuze mumwunganire, mureke kwama murindiriye ivyo muhabwa mu ntoke. Kuko iyo mutabihawe bibica mu mitwe mukibaza ko mutitaweho. Abo mubisaba na bo bituma bahangayika mu kwibaza uko bari buvyitwaremwo. Ni uguhohoterwa. Ikibwirwa ni icumva icerekwa ni ikibona.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abahungu canke abagabo batari bake bariyemeza gukora ibintu nka vyose mu rukundo canke mu ngo kugira berekane ko bashoboye. Utuntu twose dusaba amafaranga tukabazwa umuhungu canke umugabo n\u2019aho umugore yoba ayafise. None koko ubwo urukundo rurakwiye kuba umuzigo umuntu azegembana kandi afise uwo muremurura. Erega ni uguhohoterwa mu bintu batazi. Akagohe nkebuzi ka Njebas Ni [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6622,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[531],"coauthors":[34],"class_list":["post-6621","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-vbg"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6621","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6621"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6621\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6624,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6621\/revisions\/6624"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6622"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6621"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6621"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6621"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6621"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}