{"id":6613,"date":"2021-11-15T20:09:31","date_gmt":"2021-11-15T19:09:31","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6613"},"modified":"2023-10-08T10:49:13","modified_gmt":"2023-10-08T08:49:13","slug":"ibintu-5-ukwiye-kumenya-ingwara-igisukari-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibintu-5-ukwiye-kumenya-ingwara-igisukari-burundi\/","title":{"rendered":"Ibintu 5 ukwiye kumenya ku ngwara y\u2019igisukari"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uko umwaka utashe, kw\u2019igenekerezo rya 14 Munyonyo, Uburundi burifatanya n\u2019amakungu\u00a0 mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingwara y\u2019igisukari. Icivugo kizoshika mu 2023 kigira giti \u00abUmugwayi\u00a0wa diabete wese ahabwe umuti \u00bb. Mbega ivyayo vyifashe gute\u00a0?\u00a0<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mbega ingwara y\u2019igisukari yoba ari iki&nbsp;? iva kuki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019ukwo twabiyagiwe na muganga Raissa Kaneza akorera mu kigo kijejwe gukinga ingwara y\u2019igisukari co mu Ngagara,&nbsp;ingwara y\u2019igisukari ituma mu mubiri urugero rwayo ruguma iri hejuru y\u2019urwemewe (hyperglyc\u00e9mie chronique), ivyo bikava k\u2019umubiri uba utagishoboye gukora inkabuzo insuline ijejwe gucungera isukari mu mubiri&nbsp;; bikava kandi ku mubiri utakira neza iyo nkabuzo insuline ngo ikore ico ijejwe. Iyo ngwara rero ngo mu nkomoko zayo hakaba ahanini ari ukwihereza ivyo kunywa no kurya birimwo ikigero kinini c\u2019isukari mu gihe kinini, hakaba hariho n\u2019igihe ishobora gukomoka ku muryango biciye mw\u2019ihanwahanwa ry\u2019amaraso (h\u00e9r\u00e9dit\u00e9).&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ibimenyetso vy\u2019iyo ngwara ni vyinshi ariko muri vyo harimwo ukuja ku mwanda gato kenshi gashoboka&nbsp; umuntu agasohora umwanda muto mwinshi, ukunyoterwa cane ku buryo umuntu ashobora kwihereza ama litiro 5 y\u2019inzoga, kubura intege, gutakaza ibiro, gutakaza akayabagu n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mbega ingwara y\u2019igisukari yoba iri mu bwoko ubuhe&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Raissa Kaneza wo mu kigo kijejwe kurwanya ingwara y\u2019igisukari avuga ko iri ubwoko bune ubwo nabwo akaba ari<strong>&nbsp;:<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>*ubwoko bwa mbere (type 1) ikunda gufata abantu bonze, abakiri bato bari&nbsp; mu nsi y\u2019imyaka 30 mugabo ntikibuza ko nabafise imyaka myishi ibafata.<\/p>\n\n\n\n<p>*ubwoko bugira kabiri (type 2)&nbsp;: iyo nayo ifata abantu barenza imyaka 40 kubera ibiro vyinshi baba bafise.&nbsp; Ariko muri kino gihe irashobora&nbsp; no kwibonekeza mu bakiri bato nkuko nabo bashobora kugira ibiro vyinshi (obesit\u00e9)<\/p>\n\n\n\n<p>*ubwoko&nbsp; bugira 3 (diab\u00e8te gestationnel)&nbsp;: ifata abapfasoni bibungenze, iyo itowe inyuma y\u2019indwi 20 zaho aherukira kubona ubutinyanka (20-24 semaines d\u2019am\u00e9norrh\u00e9es ), iyo ibonetse imbere ico kiringo iba iri mu bundi bwoko.<\/p>\n\n\n\n<p>*ubwoko bugira 4&nbsp; ni diab\u00e8te ivuye ku ngwara z\u2019urwagasha pancr\u00e9as mu rurimi rw\u2019igifaransa&nbsp; kuko arirwo rujejwe&nbsp; gukora inkabuzo insuline icungera urugero rw\u2019isukari ngo ntirube umurengera (hormone hypoglyc\u00e9miante). Izo ngwara z\u2019urwagasha nazo akaba ari&nbsp;: Pancreatite (itosekara ry\u2019urwagasha rivuye ku migera canke utundi turwara), bivyimbe (cancer y\u2019urwagasha) n\u2019izindi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Indwara y\u2019 igisukari iravurwa igakira&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Indwara y\u2019igisukari ntikira ni indwara ngendanwa, naho mu buvuzi&nbsp; hamaze kw\u2019ibonekeza abantu bamara igihe kinini hagati y\u2019amezi atandatu n\u2019imyaka icumi badafata umuti&nbsp; urugero rw\u2019isukari rukaguma&nbsp; rumeze neza kandi ata muti bafata ariko benshi iragaruka inyuma y\u2019igihe. Nubwo biri ntawokwihebura kuko umuntu ashobora kubana iyo ngwara igihe kirekire mu gihe uba ufata umuti neza ni ukuvuga ko&nbsp; aba yitera urushinge: Insuline, birashoboka ko umuntu arambana Diab\u00e8te kandi akaguma ameze neza.Uwuyirwaye, Umuganga amuha impanuro, ubumenyi Ku vyerekeye kwitunganiriza ingwara canke imiti ituma isukari isubira kandi ikaguma mu rugero rwiza rutonona ibindi bihimba vy&rsquo;umubiri. Umuganga akanamukurikirana kugira amufashe gukinga ingaruka mbi ngendanwa (complications chroniques mu rurimi rw\u2019igifaransa) canke ivyuririzi (morbidit\u00e9 mu rurimi rw\u2019igifaransa) bijanye n\u2019indwara y\u2019igisukari.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mbega mu Burundi, indwara by\u2019igisukari yoba yifashe gute&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Burundi&nbsp; ibiharuro vyerekeye indwara y\u2019igisukari&nbsp; ntibiraja ahabona nkuko bivugwa na muganga Raissa Kaneza wo mu kigo kijejwe kurwanya indwara y\u2019igisukari ,&nbsp; ariko&nbsp; afatiye ku biharura vy&rsquo;abarwayi&nbsp; bakira, iriko iragwirirana ku rugero ruteye ubwoba. Kuva uno mwaka&nbsp; bamaze kwakira abantu bababa 1400&nbsp; bashasha baje kwikurikiranisha ubwa mbere kubera Iyo ngwara( 1400 nouvelles consultations par an).&nbsp; Kuva 2018&nbsp; bamaze kwakira&nbsp; abantu 20 000 bamaze kuza kwivuza kuri iryo vuriro kandi 90% baba bazanywe n&rsquo;ingwara y\u2019igisukari. Ku bw\u2019uwo muganga&nbsp; ngo ikibabaje cane ni uko abarenga 50% ry&rsquo;abagendana ingwara y\u2019igisukari batazi ko bayirwaye, ivyo ni ibiharuro vya IDF( f\u00e9d\u00e9ration internationale du Diab\u00e8te).<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;<strong>Mbega&nbsp; umuntu agwaye indwara y\u2019igisukari yo kwitwara gute&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko muganga raissa abandanya abivuga, iyo umuntu bamusanganye ingwara y\u2019igisukari hari ivyo ategerezwa gukora kandi akubahiriza impanuro ahabwa ivyo navyo akaba ari&nbsp;: guhindura imibereho ku vyerekeye gufungura no kunonora imitsi, gufata imiti iyo bikenewe, kwisuzuma mu gukinga ingwara z&rsquo;ivyuririzi (complications),&nbsp;gukurikiza amasango yokwisuzumisha no kubonana na muganga,&nbsp; guhimiriza&nbsp; umuryango w\u2019uwurwaye iyo ngwara&nbsp; ko bokwipimisha igisukari kubera ko biba&nbsp; bimaze kuboneka ko hariho abayirwaye , kugira barabe ko itoba ari ingwara y\u2018umuryango (maladie h\u00e9r\u00e9ditaire). Mu ncamake agahanurwa gukurikiza impanuro aronswa, harimwo no kwirinda ubugunge,&nbsp; akumva ko atari wenyene. Muri iki gihe c\u2019ikiza koronaviisi, hoho ngo abagwaye ingwara y\u2019igisukari bokwikingira kuko iyo bayanduye irakunze kubasinzikaza<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uko umwaka utashe, kw\u2019igenekerezo rya 14 Munyonyo, Uburundi burifatanya n\u2019amakungu\u00a0 mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingwara y\u2019igisukari. Icivugo kizoshika mu 2023 kigira giti \u00abUmugwayi\u00a0wa diabete wese ahabwe umuti \u00bb. Mbega ivyayo vyifashe gute\u00a0?\u00a0 Mbega ingwara y\u2019igisukari yoba ari iki&nbsp;? iva kuki? Nk\u2019ukwo twabiyagiwe na muganga Raissa Kaneza akorera mu kigo kijejwe gukinga ingwara y\u2019igisukari [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6614,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[529],"coauthors":[34,176],"class_list":["post-6613","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-igisukari"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6613","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6613"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6613\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7503,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6613\/revisions\/7503"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6614"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6613"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6613"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6613"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6613"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}