{"id":6590,"date":"2021-10-28T21:05:47","date_gmt":"2021-10-28T19:05:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6590"},"modified":"2023-10-08T10:48:58","modified_gmt":"2023-10-08T08:48:58","slug":"mumashure-isuku-inyuma-yibikorwa-kwinonora-imitsi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/mumashure-isuku-inyuma-yibikorwa-kwinonora-imitsi-burundi\/","title":{"rendered":"Mu mashure\u00a0: isuku inyuma y\u2019ibikorwa vyo kwinonora imitsi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amashure amwe amwe atagira uburaro usanga ata bwogero afise kugira ngo abana bagire isuku rikwiye iyo bavuye mu bikorwa vyo kwinonora imitsi. Ugasanga rero abanyeshure bayigako bibagora kugira isuku iyo bavuye mu bikorwa ngorora mubiri nk\u2019uko twabisanze kw\u2019ishure ryisumbuye rya Buterere.&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri Lyc\u00e9e Municipal ya Buterere, abanyeshure bafise ivyigwa vyo kwinonora imitsi hagati mu mwanya w\u2019ivyigwa basubira kwambara impuzu z\u2019ishure batoze. <em>\u00ab&nbsp;Dufise icirwa ca sport et sant\u00e9 kw\u2019isaha ya gatatu, kubw\u2019ivyo duca dusubira kwambara uniforme kubera ko umwigisha atotwemerera kwiga tutambaye uniforme, ivyo biratuma nk\u2019ishati zacu zera za uniforme tuzicapfuza kubera ko tutaronka uko twoga&nbsp;\u00bb <\/em>nk\u2019uko uwo mwigeme w\u2019imyaka 15 twaganiriye, abandanya abisigura, ngo hari n\u2019igihe akamoto kabi nk\u2019intunguta kaba kenshi mw\u2019ishure iyo bavuye mu bikorwa ngorora mubiri, bigatuma kuri bamwe badasubira gukurikira neza.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Odette Nsavyimana, umuganga yanonosoye ivy\u2019ingwara z\u2019urukoba n\u2019izo mu bihimba vy\u2019irondoka asigura ko kwoga ari nkenerwa inyuma yo guheza gukora ibikorwa ngorora mubiri, ariko imbere yo kwoga ko bisabwa ko umuntu arindira n\u2019imiburiburi iminota 20 kuko imbere y\u2019ico kiringo bishobora gutera ibibazo&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Kubera urukoba ruba rusa nk\u2019urushushe, ivyo rero birashobora kuzotuma urukoba ruzana iminkanyari hataragera.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari ibihimba bibira intuguta kurusha ibindi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Odette Nsavyimana ahanura urwaruka ko inyuma y\u2019iminota 20&nbsp;ni kuvuga urukoba rwamaze guhora, umuntu akwiye guca yoga kubera kirya cuya umuntu aba yabize kica kiguma ku rukoba hama kigaca gitera izindi ngorane. Nk\u2019uko Muganga Nsavyimana abisigura, mu gihe abanyeshure basubiye mw\u2019ishure batoze, bashobora kwandura ibifaranga, ibimeme kubera ya ntuguta baba babize bari mu bikorwa ngorora mubiri.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga avura ingwara z\u2019urukoba, Odette Nsavyimana, ahanura ko iyo umunyeshure avuye mu bikorwa ngorora mubiri abwirizwa kwitwararika kwoga na cane cane agashimika inyuma y\u2019amatwi, kw\u2019izosi, mu kwaha, munsi y\u2019amabere ku bakobwa, hagati y\u2019intoke hamwe no hagati y\u2019amano, mu birenge no mu biganza, kuko ari vyo bihimba bibira intuguta kurusha ibindi.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>D.N., yahejeje amashure yisumbuye mu myaka ibiri iheze, asaba ko ababijejwe botegekanya ivyigwa vyo kwinonora imitsi kw\u2019isaha ya nyuma, mu mashure atari ay\u2019uburaro kugira abanyeshure baronke ya minota 20 yo kurindira kuja mu bwogero kandi bace boga neza bari i muhira.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amashure amwe amwe atagira uburaro usanga ata bwogero afise kugira ngo abana bagire isuku rikwiye iyo bavuye mu bikorwa vyo kwinonora imitsi. Ugasanga rero abanyeshure bayigako bibagora kugira isuku iyo bavuye mu bikorwa ngorora mubiri nk\u2019uko twabisanze kw\u2019ishure ryisumbuye rya Buterere.&nbsp; Kuri Lyc\u00e9e Municipal ya Buterere, abanyeshure bafise ivyigwa vyo kwinonora imitsi hagati mu mwanya [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":40,"featured_media":6591,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[523],"tags":[333],"coauthors":[517],"class_list":["post-6590","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-isuku","tag-isuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6590","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/40"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6590"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6590\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6592,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6590\/revisions\/6592"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6591"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6590"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6590"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6590"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6590"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}