{"id":6573,"date":"2021-10-16T15:19:12","date_gmt":"2021-10-16T13:19:12","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6573"},"modified":"2023-10-07T13:27:18","modified_gmt":"2023-10-07T11:27:18","slug":"imbeba-iberegeta-ibintu-nabantu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imbeba-iberegeta-ibintu-nabantu-burundi\/","title":{"rendered":"Imbeba iberegeta ibintu n&rsquo;abantu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu mazu, haba mu gisagara canke mu misozi, imbeba ziranyagara. Abarimyi bazisanga mu bigega no mumifuko y&rsquo;imbuto mugihe abanyagisagara bo bazisanga mu mpuzu, mu bikoresho vyo munzu no mu mifuko y&rsquo;imfugurwa. Aho ziri ziraberegeta ico bihuye cose. Hari naho ziheza zigatandukira abantu. Ido n&rsquo;ido!<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ariella Nduwimana n&rsquo;umuyabaga yigeze kuribwa n&rsquo;imbeba avuga ko yikanguye mu gatondo yumva asasatwa kuntoke no mu kirenge: \u00ab <em>Narabajije abo tubana, maze bambwira ko atankeka ari imbeba zandiye. Ico gihe intoke n&rsquo;ibirenge vyariko udukomere dutoduto.<\/em> \u00bb&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya yigana ko ico gihe yari yaryamye adakaravye mu gihe bari baraye bariye isosi y&rsquo;inyama y&rsquo;inka. Ariella yaciye yirukanga kwa muganga kuko yari afise ubwoba bwokwandura indwara atazi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uretse gukaraba mu biganza imbere yo kuryama uhejeje gufungura, n&rsquo;isuku rike ryo munzu n&rsquo;irwizwa ry&rsquo;ibice vy&rsquo;inzu bidashikirwa n&rsquo;umuco birahamagara imbeba na cane cane iyo ibikoresho vyo munzu bisanzaye impande zose z&rsquo;inzu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Karaberegeta ntikaruha<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imbeba irinze itandukira umuntu, imurya ihuha kuburyo adashobora kuvyumva muri uwo mwanya. We yigumira mu gatiro kiwe ntarote avyumva. Yikanguye, arashobora kubona uturaso duke canke akabona inkovu.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Isidore Irankunda avura indwara zo kurukoba avuga ko igihe imbeba iriye umuntu, igikomere ari gito barahanagura gusa bigahera ariko asanze ari kinini ni vyiza ko yokwitura umuganga.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab Yampaye isuka imbeba! \u00bb&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwuhuye n&rsquo;imbeba adasimvye yo iriruka. Ariko iyo asinziriye ivyo gusimba ntibiba bigishoboka. Niho ya mbeba iberegeta igatwara uruhu rw&rsquo;amano, ibirenge n&rsquo;intoke atacamira.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Akenshi imbeba irya umuntu mw&rsquo;ijoro, ikamurya ku mano no kuntoke. Irasoboka ikegereza amenyo kumubiri maze igashikura iza irahura. Uwuryamye ntanakimwe yumva. Ariko ya mbeba ntihateba, ica yibandaniriza urugendo. Iyo mbeba iba yahamagawe n&rsquo;ibintu bisosa canke bimota umuntu aba yararanye mu biganza canke yaraye yisize canke akarara atoze.<\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Isidore abandanya asigura ko uwuriwe n&rsquo;imbeba ashobora kurwara indwara zivuye kubumara bushobora kuba buri mu mate y&rsquo;iyo mbeba. Arashobora kandi kurwara akaranda, tifusi, kusebuka bw&rsquo;igikomere, indwara ikomeye itagira umuti yitwa hantavirusi, maladie de Lyme n&rsquo;izindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uburyo bwambere bwo kwikingira ivyo vyago n&rsquo;ukugira isuku aho urara mu gukubura no kwegeranya ibikoresho n&rsquo;imfungurwa. Ubwakabiri n&rsquo;uko umuntu yokwama aryama akaravye neza n&rsquo;amazi n&rsquo;isabuni. Abana bato barakwiye gusuzumwa ko bakarabishijwe imbere yo kuja mu busaswa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu mazu, haba mu gisagara canke mu misozi, imbeba ziranyagara. Abarimyi bazisanga mu bigega no mumifuko y&rsquo;imbuto mugihe abanyagisagara bo bazisanga mu mpuzu, mu bikoresho vyo munzu no mu mifuko y&rsquo;imfugurwa. Aho ziri ziraberegeta ico bihuye cose. Hari naho ziheza zigatandukira abantu. Ido n&rsquo;ido! Ariella Nduwimana n&rsquo;umuyabaga yigeze kuribwa n&rsquo;imbeba avuga ko yikanguye mu gatondo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":39,"featured_media":6574,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[523],"tags":[525,333],"coauthors":[516],"class_list":["post-6573","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-isuku","tag-imbeba","tag-isuku"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6573","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/39"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6573"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6573\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6575,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6573\/revisions\/6575"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6574"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6573"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6573"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6573"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6573"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}