{"id":6546,"date":"2021-10-10T19:27:40","date_gmt":"2021-10-10T17:27:40","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6546"},"modified":"2023-10-07T13:27:04","modified_gmt":"2023-10-07T11:27:04","slug":"kuja-murukundo-ukiri-muto-birashobora-gutera-akabonge-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kuja-murukundo-ukiri-muto-birashobora-gutera-akabonge-burundi\/","title":{"rendered":"Kuja murukundo ukiri muto birashobora gutera akabonge"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Buri muntu agira uwo akunze n&rsquo;uwo yiyumvamwo. Igihe akunze ntakundwe canke agahemukirwa n&rsquo;uwo yarakunze birashobora kumutera akabonge. Ivyo bikunyuka igihe uwo bishikiye akiri muto mu myaka kuko ataba aragira umutima ukomeye wo kuvyihanganira.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Urukundo ruragoye gusigura. Rurimwo ibinyegezwa vyinshi kuburyo umwe wese asanga akunda canke akundwa ukwiwe. Ntamuntu yovuga ngo bakunda uku canke kuriya.<\/p>\n\n\n\n<p>Urukundo nyago ruratera ibigumbagumba mumubiri n&rsquo;ishaka ryo kwamana n&rsquo;uwo ukunze. Ivyiwe vyose bikaguhimbara ukipfuza ko nawe yiyumva nk&rsquo;uko wiyumva. Ariko uko umuntu yiyumva mu rukundo bivana n&rsquo;imyaka aba agezeko, bikavana n&rsquo;uwo bakundanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo umwana w&rsquo;imyaka iri hagati ya cumi n&rsquo;ine na cumi n&rsquo;umunani afashwe n&rsquo;urukundo arahura n&rsquo;impanuka nyinshi. Akenshi aba afise igicapo mu mutwe c&rsquo;urukundo yipfuza kubamwo. Bifatanye n&rsquo;ibihe aba agezemwo vy&rsquo;ihindagurika ry&rsquo;umubiri wiwe. Iyo ahemukiwe arashobora kugwa mu kabonge. Hari abamara igihe atamuntu bavugishije wo mu kibano, abita mubiyayura mutwe n&rsquo;abigeme bashobora kuja mu buhumbu kubw&rsquo;iyo mvo.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uwukiri muto biramucanga&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ineza Isley ni umwana w&rsquo;imyaka 13 yatanguye imibonano mpuza bitsina akiri muto cane abitewe n&rsquo;uko yahenzwe ngo arakunzwe asanga yaguye mungorane ataravamwo kugeza uyumusi. Inyuma yo gukurwa ubusugi, imibonano ikurikira yagize ubwoba akumva ububabare burenze. Isley ashinga intahe ati : <em>\u00ab\u00a0Nasigaye niyagiriza cane.&nbsp; Kandi ayo makosa arije nayiteye. Ubu bintera kwicuza.\u00a0\u00bb<\/em> Indwara Isley agwaye ikaba yitwa \u00ab\u00a0vaginisme\u00a0\u00bbmururimi gwigifaransa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikigo kijejwe amagara National Health Service (NHS) gisigurira neza ijambo \u00ab\u00a0vaginisme\u00a0\u00bb kivuga ko ari igihe igitsina gore gisa n&rsquo;ikigize ihahamuka kikiyegeranya iyo hari ikintu kigiye kucinjiramwo. Imitsi yigitsina igatimba kandi umukobwa ntaco aba afise yohindurako ico gihe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico gihe umuhungu bakundana yaciye amuheba kuko umukobwa yamuhunga maze akibaza ko umukobwa atakimukunda. Isley yaciye agira akabonge yibaza ko atazoshobora kuronka umugabo kuko atari akiri isugi kandi atanagishobora kurangura amabanga mpuza bitsina.<\/p>\n\n\n\n<p>Hari n&rsquo;abandi bakundana n&rsquo;ababasumvya imyaka, bahebwe bakumva ko basuzuguritse kuko baba bashaka kuboneka ko bakuze. Ivyo navyo bikaba muvyonona ubwenge bw&rsquo;umwana rimwe na rimwe n&rsquo;amashure agaheba. Abatashobora kuvyihanganira baragera naho banywa ibiyayura mutwe.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Inkurikizi mbi z&rsquo;akabonge<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Akarorero nak\u2019umwigeme Akimana Amandine w&rsquo;imyaka 28 aba mu cibitoke kw&rsquo;ibarabara rya 6 nawe yakundanye n&rsquo;umuhungu munyuma amutera inda afise imyaka 18 yari yiga mumwaka w&rsquo;icenda. Uwo muhungu ac&rsquo;arapfa niho yaca afatwa n&rsquo;akabonge aca aheba ishure atangura kunwa ibiyayura mutwe ivyo bita ama booste kugeza nubu akaba ameze nkuwaturubuye yirigwa arasegerereza mugisagara ca Bujumbura.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo hakoreshejwe utu tujambo ngo\u00a0\u00bburukundo ntirugira amaso kandi ntirugira amatwi \u00bb, ngo \u00ab\u00a0urukundo ntirubuza umuto gukunda uwukuze\u00a0\u00bb canke ngo \u00ab\u00a0hakukubura nokwibura, ngo ndakubuze nopfa\u00a0\u00bb na \u00ab ndagukunda gusumba uko nikunda, urukundo rwawe ruransaza, naragupfiriye, umusi uzopfa nzopfana nawe\u00a0\u00bb n&rsquo;ayandi menshi atuma uwukunze ahemukiwe yumva ubuzima bwiwe busa n&rsquo;ubuhagaze.<\/p>\n\n\n\n<p>Nzobonimpa aloys, avura ingwara zo mumutwe yatubwiye ko iyo ndwara ikarira cane abakobwa yatubwiye ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Akabonge gafata uwuri murukundo bivanye n&rsquo;imyaka uwo mwana aba afise. Uwufise imyaka 12 ntagwara nkuwufise imyaka 18 kuko uwufise imyaka 12 gushika kuri 15 ahemukiwe yiyumyira kwiyahura canke akanwa urumogi kuko umutima wiwe uba utarakomantara.&nbsp;\u00bb<\/em> Uwufise kuva kuri 16 gushika kur 18 nawene aragwara akabonge ariko ntagera Kure kuko arashobora kugira iciyumviro cuko azoronka uwundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Bantu muragabe!<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Kino gisomwa canditswe na <strong>Aline Kezamahoro<\/strong> mu&nbsp;<a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\">ntumbero yo guha ubumenyi<\/a>&nbsp;abaciye mu mugambi&nbsp;<\/strong><em>\u00ab&nbsp;Enfants Journalistes&nbsp;\u00bb<\/em><strong>&nbsp;wa UNICEF ushigikira ijwi ry\u2019abana ku bibazo bihanze abana.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Buri muntu agira uwo akunze n&rsquo;uwo yiyumvamwo. Igihe akunze ntakundwe canke agahemukirwa n&rsquo;uwo yarakunze birashobora kumutera akabonge. Ivyo bikunyuka igihe uwo bishikiye akiri muto mu myaka kuko ataba aragira umutima ukomeye wo kuvyihanganira. Urukundo ruragoye gusigura. Rurimwo ibinyegezwa vyinshi kuburyo umwe wese asanga akunda canke akundwa ukwiwe. Ntamuntu yovuga ngo bakunda uku canke kuriya. Urukundo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6547,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486],"tags":[247,522,521],"coauthors":[34],"class_list":["post-6546","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","tag-abana","tag-akabonge","tag-urukundo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6546","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6546"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6546\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6551,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6546\/revisions\/6551"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6547"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6546"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6546"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6546"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6546"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}