{"id":6527,"date":"2021-10-07T17:17:22","date_gmt":"2021-10-07T15:17:22","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6527"},"modified":"2023-10-07T13:26:58","modified_gmt":"2023-10-07T11:26:58","slug":"imvo-zotuma-akazi-katongera-gutangirwa-mu-makomine-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imvo-zotuma-akazi-katongera-gutangirwa-mu-makomine-burundi\/","title":{"rendered":"Imvo zotuma akazi katongera gutangirwa mu makomine&#8230;"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Reta y\u2019Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw\u2019abakozi ba Reta yaratunganije ikibazo co gutanga akazi kuri uwu wa 2 Nyakanga 2021 ku bigisha 1000 mu gihugu cose. Ico kibazo cakorewe mu buyobozi bw\u2019indero mu makomine, caranzwe n\u2019utunenge tutari duke. Bamwe bati bihereye aba DCE kurya, abandi na bo bati abakenyezi n\u2019abarumuna b\u2019abafise ikibanza mu mugwi ujejwe ivy\u2019akazi muri komine ni bo bahungukira\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta nkeka ko abarondera akazi ataribo babonye harageze igenekerezo rya 2 Nyakanga 2021 ngo bapime amahirwe yo kuronka akazi. Bitayeko bamwe bamwe bari bamaze kuronka amanota 15 y\u2019amadosiye. Abasizeko n\u2019urupapuro rwerekana ko bafashije mu kwigisha baba bafise amanota 30. Ikibazo na co, cari ku manota 70.<\/p>\n\n\n\n<p>Imyidogo rero yatanguriye kuri ayo manota y\u2019amadosiye. Bari guhiganwa ku kibazo gusa. Bamwe wumva bagira ngo kugira uronke aho ufasha mu kwigisha urinda guteka imitwe. Ngo utazwi, ntube uvukana n\u2019abayobozi b\u2019amashure canke mupfana ikintu nturonka aho \u00ab&nbsp;ubenevola&nbsp;\u00bb (aho uba urafasha kwigisha). Ugize Imana ukaronka iyo wigisha na ho, ngo usanga ari mu yindi ntara canke iyindi komine. Urwo rupapuro na rwo ntirwakirwa kuko bisaba ruba ari urwo muri komine usabamwo akazi. Ni ukuvuga, ikomine ubamwo canke uvukamwo (kandi umurundi ata ho yimirwa mu gihugu c\u2019amavukiro). Vyumvikane rero ko abaronka amanota 30 batarakora ikibazo atari uwo ari we wese, kuko ngo hari benshi bipfuza gufasha kwigisha ariko batemererwa n\u2019abayobozi b\u2019amashure.<\/p>\n\n\n\n<p>Bavuye gukora ikibazo c\u2019akazi, abatari bake batashe bacikugura ngo cari umwotsi. Kuronka amanota 67\/70 vyasa n\u2019ibitera amakenga bamwe. Bamwe batangura kuvugira mu bwongoshwa amanyanga yibonekeje. Uri abavuga ngo ikibazo cibwe, uri abavuga ko bataronse amanota bivanye n\u2019impapuro zabo zimwezimwe zafuswe bahejeje ikibazo, abandi batangura kwidoga ngo hari abakoze bashize utumenyetso inyuma ku mpapuro,\u2026 muri make ngo ikibazo nticari mu muco namba.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ivyavugirwa mu bwongoshwa bija ku mugaragaro\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imbarutso ya vyose ni intara ya Kirundo muri komine Bugabira na Vumbi. Ni ho imyidogo y\u2019amanyanga yatanguriye. Umuntu umwe yakorokeye kuri Whatsapp atanga ijwi ry\u2019ukungene itangwa ry\u2019akazi ririko rirabamwo ikimenyane. Bamwe mu bari mu migwi yatowe muri komine bagashaka gukomera akazi abakenyezi babo, ahandi bakandika ikete bakwiragiza mu migwi ihuriramwo benshi ya WhatsApp bavuga ibijanye n\u2019abakora ikibazo baheza bagashira utumenyetso ku mpapapuro kugira baze kuzihindura mu nyuma,\u2026 nta nkeka ko bashaka ko bishikira inzego zo hejuru zibijejwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubona ko irirenze umunwa riba rirenze impinga, vyahavuye bishika kure. Umushikiranganji w\u2019abakozi ba Reta Domine Banyankimbona ari kumwe n\u2019umugwi w\u2019igihugu ujejwe gutanga akazi yahavuye yishikira ku rubuga. Arashika mu Kirundo muri komine Bugabira, araja i Vumbi, arashika mu makomine amwe amwe y\u2019i Ngozi na Muramvya, arabandanya mu Cibitoke na Bubanza yirabira ko amanyanga yagiye aravugwa afise aho ahagaze.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo mugwi w\u2019igihugu wagiye urafuta imigwi imwe imwe yari ihagarariye ibijanye n\u2019itangwa ry\u2019akazi mu makomine, abarondera akazi bamwe bamwe barakurwa ku ntonde kuko bari mu manyanga, abandi bakurwa amanota y\u2019impapuro batanze zitari mu muco. Muri komine Buganda yo mu ntara ya Cibitoke ho, ikibazo cari catanzwe carafuswe. Ntibukeye kabiri Ubushikiranganji bw\u2019Indero butangura guhagarika abayobozi bamwebamwe biboneka ko batahagarariye amabanga bari bajejwe mw\u2019itangwa ry\u2019akazi, urunani mpuza ma \u00ab&nbsp;syndicats&nbsp;\u00bb COSESONA rutangura guhagarika bamwebamwe mu barongoye ama \u2018syndicats\u2019 y\u2019abigisha ku rwego rw\u2019amakomine rwongera rutera ivyatsi ingendo mbi abo bayobozi bakuwe berekanye mu gihe hatangwa akazi ku bigisha bashasha. Eka, muri make utu nenge twaribonekeje. Aho rero ni hake muri henshi hataramenyekana. Za Bisoro muri Mwaro hari uwitwaye asaba umugwi w\u2019igihugu ujejwe gutanga akazi ateretswe amanota yaronse kandi yarakoze ikibazo,&#8230;<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kurindira ko Ubushikiranganji bw\u2019abakozi ba Reta bagira ico bashikirije ku bijanye n\u2019ingene muri rusangi babona uko itangwa ry\u2019akazi ryagenze ku gihugu cose, abatari bake mu bakoze ikibazo basaba ko kubera ko gufuta ikibazo ca kozwe mu gihugu hose bigoye, kumbure kubera uburyo buba bwarakoreshejwe, ko itangwa ry\u2019akazi ryova mu makomine rigasubira mu mugwi w\u2019igihugu ubijejwe. Hama abamaze gufatwa n\u2019abazofatirwa mu manyanga yabaye mw\u2019itangwa ry\u2019akazi ku bigisha bashasha bagahanwa gutyo akazi kagakora uwugashoboye. Hoye gutangwa akazi ku kimenyane\u2026<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Reta y\u2019Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw\u2019abakozi ba Reta yaratunganije ikibazo co gutanga akazi kuri uwu wa 2 Nyakanga 2021 ku bigisha 1000 mu gihugu cose. Ico kibazo cakorewe mu buyobozi bw\u2019indero mu makomine, caranzwe n\u2019utunenge tutari duke. Bamwe bati bihereye aba DCE kurya, abandi na bo bati abakenyezi n\u2019abarumuna b\u2019abafise ikibanza mu mugwi ujejwe ivy\u2019akazi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6528,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[15],"coauthors":[34],"class_list":["post-6527","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-burundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6527","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6527"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6527\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6529,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6527\/revisions\/6529"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6528"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6527"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6527"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6527"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6527"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}