{"id":6494,"date":"2021-09-04T10:47:00","date_gmt":"2021-09-04T08:47:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6494"},"modified":"2023-09-16T12:14:54","modified_gmt":"2023-09-16T10:14:54","slug":"abana-basoba-aho-baryamye-ntibakwiye-gukumirwa","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abana-basoba-aho-baryamye-ntibakwiye-gukumirwa\/","title":{"rendered":"Abana basoba aho baryamye ntibakwiye gukumirwa"},"content":{"rendered":"\n<h3 class=\"wp-block-heading\"><strong>Mu gihe abavyeyi baba bahagaritse kwambika umwana ivyo kugumya umukoyo, aho twovuga ivyahi canke ama \u00ab&nbsp;pampers&nbsp;\u00bb hanyuma umwana akabandanya yonona aho aryamye bitera ikibazo c\u2019isuku rike. Ico kibazo kikavyara izindi ngorane z\u2019inyifato kubera kwikumira canke gukumirwa mu kibano. N&rsquo;igiki cokorwa&nbsp;?<\/strong><\/h3>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/09\/Uburiri-1024x768.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6505\" width=\"613\" height=\"460\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/09\/Uburiri-1024x768.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/09\/Uburiri-300x225.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/09\/Uburiri-768x576.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/09\/Uburiri.jpeg 1040w\" sizes=\"auto, (max-width: 613px) 100vw, 613px\" \/><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>\u00ab&nbsp;Uwu mwana wanje yarakunda kunywa amazi menshi ariko arafungura. Mw\u2019ijoro naho akagira itiro ryinshi ntiyikangure&nbsp;\u00bb. Nk\u2019uwo twokwita Dative* (kuko atashimye kwivuga izina) asanzwe aba muri zone Nyakabiga yabitwiganiye, umwana wiwe yakwije imyaka 10 akicigirako umwanda muto mu gitanda, ivyo rero vyaramugora kuko yazinduka yanikira imatera, amesa amashuka yarayeko. \u00ab&nbsp;Iminsi yose naramesa impuzu yarayemwo. Naramukubita, nkamubwira afatire akarorero kuri mutoyi wiwe yahevye kwigirako pipi kera. Dative* ntiyagarukiye aho kuko yahavuye abibwira abandi bana b\u2019ababanyi nabo baca baja mu vyo kumutwenga. Umwana wiwe nawe aca atangura kwikumira, agatinya kuja mu bandi bana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ni ryari bifatwa nk\u2019ingwara&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mwene izo nyifato zo kwikumira, usanga zisangiwe n\u2019abandi bana bivuye ku kukutamenya kw\u2019abavyeyi nk\u2019uko Muganga Piyo Ntibirantije, avura ingwara z\u2019abana n\u2019izo ku rukoba, arabisigura&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Ivyo birashobora kugira ingaruka no mw\u2019ishure ntakurikire neza, agatahukana amanota make canke akareka gukina bivuye ku kabonge&nbsp;?\u00bb<\/em> Sivyo gusa ngo umwana arashobora kwadukana izindi ngeso ugasanga arafungura cane ntahage.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu bisanzwe umwana yerekana ko ashaka kugira umwanda muto hagati y\u2019amezi 18 n\u2019imyaka 2. <em>\u00ab&nbsp;Rero biratandukanye k\u2019umwana n\u2019uwundi, kubw\u2019ivyo umwana aca agenda araheba kwigirako umwanda muto gahoro gahoro&nbsp;\u00bb<\/em>. Nk\u2019uko muganga Piyo Ntibirantije abisigura, umwana arengeje imyaka itanu acigirako umwanda muto asinziriye, kwa muganga babifata ko ari indwara.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None umwana aca akwirikiranwa gute ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muganga Ntibirantije avuga ko hari ubuhinga butarashika mu Burundi aho usanga bakoresha utwuma tuvuza induru iyo umwana yigizeko umwanda muto&nbsp;<em>: \u00ab Barafata aga sonde bakagashira mu vyahi canke mw\u2019ikabutura y\u2019umwana ararana, iyo bishitse akagira umukoyo na mukeya, ka kuma bashirayo kaca kavuza induru kubera katemera ibintu bikanye, umwana nawe agaca akanguka&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ariko muganga Piyo Ntibirantije agasaba abavyeyi gukoresha ubuhinga bwo muri ngendanwa bwitwa alarme, aho umuvyeyi ashobora kuregera isaha, iyo alarme ivuze abavyeyi bakagenda kuvyura umwana.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"uWU274M3zg\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ingo-imisarani-amagara-isuku\/\">Mu Burundi, ingo zitandatu kw&rsquo;ijana nta misarani zifise<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Burundi, ingo zitandatu kw&rsquo;ijana nta misarani zifise\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ingo-imisarani-amagara-isuku\/embed\/#?secret=ixGSdd8icE#?secret=uWU274M3zg\" data-secret=\"uWU274M3zg\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Iyindi mpanuro uwo muganga w\u2019abana atanga nuko abavyeyi bokwirikirana ko kuva isaha 12 z\u2019umugoroba abana bagabanya kunywa amazi.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa muganga Piyo Nibirantije, ubuvuzi bwa mbere rero n\u2019ikiyago c\u2019abavyeyi&nbsp;kubana babo<em>: \u00ab&nbsp;Turababwira ko badategerezwa kumukumira canke badategerezwa kumuha ibihano canke kumwihaniza mu bantu canke ngo bamutuke&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Gutahura umwana iyo ariko araca mu bihe vyo kwigirako umwanda muto akuze biri mu buryo bubereye kugira abihagarike n\u2019ubuzima bwo mu mutwe bumeze neza, kukaba nkako, ntaba ari ikosa ryiwe kuko birashobora no gutumwa n\u2019uko mu miryango yiwe haba harimwo abagendanye iyo ngwara canke bakiyigendana. Ivyo bita mu Kirundi akaronda.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe abavyeyi baba bahagaritse kwambika umwana ivyo kugumya umukoyo, aho twovuga ivyahi canke ama \u00ab&nbsp;pampers&nbsp;\u00bb hanyuma umwana akabandanya yonona aho aryamye bitera ikibazo c\u2019isuku rike. Ico kibazo kikavyara izindi ngorane z\u2019inyifato kubera kwikumira canke gukumirwa mu kibano. N&rsquo;igiki cokorwa&nbsp;? \u00ab&nbsp;Uwu mwana wanje yarakunda kunywa amazi menshi ariko arafungura. Mw\u2019ijoro naho akagira itiro ryinshi ntiyikangure&nbsp;\u00bb. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":40,"featured_media":6505,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,205],"tags":[247,135],"coauthors":[517],"class_list":["post-6494","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-indero","tag-abana","tag-unicef"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6494","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/40"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6494"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6494\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6514,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6494\/revisions\/6514"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6505"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6494"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6494"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6494"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6494"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}