{"id":6468,"date":"2021-08-10T09:13:00","date_gmt":"2021-08-10T07:13:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6468"},"modified":"2021-08-19T23:34:36","modified_gmt":"2021-08-19T21:34:36","slug":"amazi-water-canke-amabombo-kuri-bose","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amazi-water-canke-amabombo-kuri-bose\/","title":{"rendered":"\u00ab Amazi Water \u00bb canke amabombo kuri bose"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ishirahamwe \u00ab&nbsp;Amazi Water&nbsp;\u00bb ririko rikora bidasanzwe mu gisata c\u2019amazi mu Burundi. \u00ab&nbsp;Ihangiro nuko gushika mu mwaka wa 2028 abarundi bose bazoba baronkejwe amazi meza hafi yabo. \u00bb Twaragendeye iryo shirahamwe baratwiganira uko bakora.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni abanyamahanga bakunda Uburundi baje gushigikira mu gisata c\u2019amazi. Baramaze gukwira igihugu nka cose bubaka amazi meza na canecane aho akenye gusumba ahandi. Henshi bubaka amazi, bakoresha ubuhinga bwo kwimba (forage), bakayarondera mu buja kuzimu. Bamaze kuyatora, barayubakira, hama abayavoma bagakoresha ubuhinga bw\u2019amaboko mu kuyaduza canke bakabaronsa ubuhinga bwo kuyaduza hakoreshejwe umuyagankuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Kirezi Jos\u00e9 Marie Eva umukuru w\u2019umutumba Kayange muri komine Musigati twaramusanze aho iryo shirahamwe ryariko ririmba rirondera amazi kuri uwo mutumba arongoye. Ashimira \u00ab&nbsp;Amazi Water&nbsp;\u00bb ku mazi ririko rirabubakira, yagize ati:&nbsp;\u00ab&nbsp;Ivomo twari dusanganywe ryubatswe imbere y\u2019ugwimo rwo mu 1993. Uretse ko hari aho hagera igihe amazi yaryo agakama, hariho n\u2019igihe aza acafuye, kuyanwa bikagira ingaruka ku magara yacu.&nbsp;\u00bb Kubona iryo shirahamwe ribaronsa amazi meza rero ngo ni ikintu co gukenguruka cane.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abashima barenga umuriyoni<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Gushika ubu, abarundi umuriyoni n\u2019ibice 3 bari mu ntara 17 kuri 18 zigize Uburundi baramaze kuronswa amazi meza n&rsquo;iryo shirahamwe. Mu kwezi kwa Rusama guheruka, Robert Vanman ariserukira yararonkejwe agashimwe n\u2019umukuru w\u2019igihugu nk\u2019umuntu wa mbere aterera mu kuronsa amazi abarundi.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/08\/Isoko-1024x682.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6470\" width=\"558\" height=\"371\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/08\/Isoko-1024x682.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/08\/Isoko-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/08\/Isoko-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/08\/Isoko.jpeg 1280w\" sizes=\"auto, (max-width: 558px) 100vw, 558px\" \/><figcaption>Isoko | <em>\u00ab\u00a0Umurundi 1 kuri 3 nta mazi meza aronka\u00a0\u00bb<\/em><\/figcaption><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Kanatsinda iryo shirahamwe ryarashimwe n\u2019umukuru w\u2019igihugu aho mbere ririko rirakorana nawe mu mugambi \u00ab Amazi kuri bose \u00bb mu kiringo co kuva mu 2021 gushika mu 2025. Gushika ubu, muri uwo mugambi, ibibanza bishika 500 biramaze kuronswa amabombo. Nayo mu mpera z\u2019uwo mugambi, hategekanijwe ko imitumba 2500 izoba yaronkejwe amazi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ni gute batora aho bubaka ayo mazi&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>John Peake umuyobozi nshingwabikorwa w\u2019iryo shirahamwe amenyesha ko bakorana n\u2019intwaro ubwa mbere na mbere. Ngo barakora kandi n\u2019ivyigwa ku busumbasusumbane bw\u2019ikirere bakaraba ahadashika amazi kuruta ahandi akaba ariho bubaka canke naho bakubakira uwuvyipfuza ashobora kuriha uburyo bwiwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamaze kubona aho bikenewe ko hubakwa amazi, baraheza bakagira ivyigwa vyo gupima uko amazi yaho ameze (ko ari meza anyobwa,\u2026), mu nyuma yaho bakayimba bagatako bakanayubakira. Baratanga n\u2019inyigisho ku bayaronkejwe kugirango bashobore kuzoyabungabunga no kwikurikiranira ivyayo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intumbero 20-20-100<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background\" style=\"background-color:#f1ebdc\">Mu vyigwa iryo shirahamwe ryagize, ryasanze umurundi 1 kuri 3 ata mazi meza aronka. Ivyo vyigwa nyene vyerekanye kandi ko ku barundi 10 abarenga 4 bagenda umwanya urenga iminota 30 kugira bashike aho bavoma.<\/p>\n\n\n\n<p>John Peake umuyobozi w\u2019iryo shirahamwe ati: \u00ab&nbsp;Tumaze kubona ivyo biharuro, twaciye twiha intumbero twise 20-20-100.&nbsp;\u00bb Insiguro y&rsquo;iyo ntumbero ngo nuko gushika mu mwaka wa 2028 abarundi bose (100%) bazoba baronse amazi meza, bafunyirizwe urugendo, umuntu agiye kuvoma agende umwanya uri munsi y\u2019iminota 20 hama buri murundi aronke n\u2019imiburiburi amaritiro 20 y\u2019amazi meza ku munsi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntambamyi harimwo yuko ivyo barakoresha ahanini biva hanze y\u2019igihugu kandi bigateba mu nzira kubera ibihe vy\u2019ikiza Covid-19. Hari kandi ikena ry\u2019abahinga b\u2019abarundi. Ariko baramaze gutanguza inyigisho zijanye n\u2019ubuhinga bakoresha kugira aho bubatse haronke abahakurikirana.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background\" style=\"background-color:#f4f4f4\">Amazi Water ryashikanywe mu Burundi mu 2015. Mu gihe beneryo (bava muri Reta zunze ubumwa za Amerika) baje bategekanya gutangura kurangura igikorwa ku rwego rw\u2019akarere ka Afrika y\u2019ubuseruko, urugero ruto rw\u2019amazi meza babonye mu Burundi rwabatumye baca bahitamwo kubanza gukorera mu Burundi honyene imbere yuko baja ahandi. Nk&rsquo;uko John Peake avyigana, ngo ni na vyo vyatumye bahindura izina ry\u2019ishirahamwe ryabo ryitwa \u00ab&nbsp;Think East Africa&nbsp;\u00bb gushika mu 2019, barihindura &nbsp;Amazi Water.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter wp-block-embed-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">???? &quot;Presque tout le mat\u00e9riel est import\u00e9. Si le contexte <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/COVID19?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#COVID19<\/a> oblige des retards de livraison, l&#39;autre d\u00e9fi est le manque de RH locales sp\u00e9cialis\u00e9es&quot; explique John Peake, DE d&#39;<a href=\"https:\/\/twitter.com\/AmaziWater?ref_src=twsrc%5Etfw\">@AmaziWater<\/a><br><br>\u2699\ufe0f Par souci d&#39;entretien, des formations seront dispens\u00e9es aux b\u00e9n\u00e9ficiaires<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/I6zJMeEFsc\">pic.twitter.com\/I6zJMeEFsc<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1424669393452257281?ref_src=twsrc%5Etfw\">August 9, 2021<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ishirahamwe \u00ab&nbsp;Amazi Water&nbsp;\u00bb ririko rikora bidasanzwe mu gisata c\u2019amazi mu Burundi. \u00ab&nbsp;Ihangiro nuko gushika mu mwaka wa 2028 abarundi bose bazoba baronkejwe amazi meza hafi yabo. \u00bb Twaragendeye iryo shirahamwe baratwiganira uko bakora. Ni abanyamahanga bakunda Uburundi baje gushigikira mu gisata c\u2019amazi. Baramaze gukwira igihugu nka cose bubaka amazi meza na canecane aho akenye gusumba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":38,"featured_media":6469,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[511],"tags":[391,512,23],"coauthors":[505],"class_list":["post-6468","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inyubako","tag-amagara","tag-amazi-water","tag-bujumbura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6468","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/38"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6468"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6468\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6474,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6468\/revisions\/6474"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6469"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6468"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6468"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6468"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6468"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}