{"id":6467,"date":"2021-08-19T19:13:00","date_gmt":"2021-08-19T17:13:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6467"},"modified":"2021-08-20T00:36:23","modified_gmt":"2021-08-19T22:36:23","slug":"igiterwa-igiharage-isteebu-isabu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/igiterwa-igiharage-isteebu-isabu-burundi\/","title":{"rendered":"Ivyo twari dukwiye kumenya ku giterwa c\u2019igiharage"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu Burundi ibiharage biri mu biterwa birimwa cane ufatiye ku buringanire ibiterwa birimwako. Ikigo ISTEEBU cerekana ko mu mwaka wa 2019, ico giterwa cari carimwe ku buringanire burenga ama hegitari <\/strong><strong>254.000, hamwe n\u2019umwimbu ungana n\u2019amatoni 406.000.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><a><\/a> Igiharage, ni igiterwa gihurumbirwa cane muri Afirika mbere no kw\u2019isi yose. Muri Afirika y\u2019Ubuseruko, canecane mu Burundi no mu Rwanda, umuntu umwe afungura ibiro vyababa 50 ku mwaka, nk\u2019uko bivugwa na N\u00e9pomusc\u00e8ne Ntukamazina ajejwe ubushakashatsi ku giterwa c\u2019igiharage muri ISABU.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico giterwa c\u2019ibiharage rero mwumva gihurumbirwa ukwo, burya camuka muri Amerika y\u2019epfo n\u2019iyo hagati mu ntara zidahanamye cane. Catanguye kurimwa muri Afirika kizanywe n\u2019abazungu bava muri mu gihugu ca Portugal mu ntango z\u2019ikinjana ca 20 (Godderis, 1995).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Birikwije mu ngaburo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Biri mu mfungurwa mbumbarugo y\u2019abarundi itanga ndemamubiri, ntanganguvu, nsanganyangaburo n\u2019ivyunyunyu. Urutete rw\u2019igiharage rurimwo ndemamubiri ku rugero rw\u2019ibice 21%, ntanganguvu 60%. Hakabamwo sanganyangaburo, ivyunyunyu vya Fer na Zinc nk\u2019uko ikigo PABRA, 2005 kijejwe ubushakashatsi ku biharage ku rwego rwa Afirika kivyerekana.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u00e9pomusc\u00e8ne Ntukamazina avuga ko ico giterwa cimbuka cane iyo gitewe kijambere kukabankako ngo biza ubwa gatatu inyuma y\u2019ibitoke hamwe n\u2019ibiterwa vyamira mu kuzimu. Kandi ngo kiradandazwa mu masoko manini manini na matomato mu Burundi, bigatuma cirinjiriza amahera ku miryango y\u2019abarimyi benshi canecane abakenyizi.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"mjtGwxT9gc\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/isabu-ibaharage-burundi-uburimyi\/\">ISABU: \u00abHaratowe ibiharage bigwiriyemwo ivyunyunyu birinda gufungura nabi\u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0ISABU: \u00abHaratowe ibiharage bigwiriyemwo ivyunyunyu birinda gufungura nabi\u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/isabu-ibaharage-burundi-uburimyi\/embed\/#?secret=UvmucbcMig#?secret=mjtGwxT9gc\" data-secret=\"mjtGwxT9gc\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Birahura n\u2019intambamyi zituma bitagwira cane\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Naho ico giterwa gifise akamaro kanini, umwimbu waco uracari muto cane. Ivyo bikaba biva ku ngorane z\u2019itituka ry\u2019isindimwa, ihindagurika ry\u2019ibihe, indwara n\u2019udukoko, ikena ry\u2019imbuto zirobanuye hamwe n\u2019ubukene mu miryango y\u2019abarimyi.<\/p>\n\n\n\n<p>Intambamyi zitewe n\u2019indwara akenshi usanga hari iziterwa n\u2019utuzinu, iziterwa na bagiteri hamwe n\u2019iziterwa n\u2019imigera. Hari kandi n\u2019udukoko bita ubunyundo n\u2019ubusazi.<\/p>\n\n\n\n<p>Intambamyiziterwa n\u2019ibindi atari indwara usanga ziva ku buryohe buke bw\u2019isi: ivyunyunyu bike, umururazi, ubukarihe, ihindagurika ry\u2019ibihe n\u2019ugukoresha nabi ubuhinga bwo kurima kijambere.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi hari n\u2019izindi ntambamyi akenshi ziterwa n\u2019amikoro make y\u2019imiryango n\u2019imibereho: ubushobozi buke bwo kugura ibikoresho, gukoresha imbuto zitarobanuye, isi yaga kubera ubwinshi bw\u2019abantu, kudahurumbira ubuhinga bwo kurima kijambere, kutaruhurira isi, ubushobozi buke bwo guhingura umwimbu, kudahurumbira ubuhinga bukoreshwa inyuma y\u2019iyimbura<\/p>\n\n\n\n<p>Rero mu ntumbero yo kugwiza ico giterwa ngira kamaro mu ngo n\u2019imiryango eka no ku magara y\u2019abantu, ikigo c\u2019igihugu ISABU gihamagarira abarimyi, abigisha b\u2019indimo n\u2019abagwizambuto kumenya ubwoko bw\u2019ibiharage birobanuye bwemewe kurimwa mu Burundi, ibiburanga, intara kama ubwoko bwose bwimbukamwo neza hamwe no kumenya uburyo bwo guhangana n\u2019intambamyi zose zizingamika ukugwiza umwimbu.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu Burundi ibiharage biri mu biterwa birimwa cane ufatiye ku buringanire ibiterwa birimwako. Ikigo ISTEEBU cerekana ko mu mwaka wa 2019, ico giterwa cari carimwe ku buringanire burenga ama hegitari 254.000, hamwe n\u2019umwimbu ungana n\u2019amatoni 406.000. Igiharage, ni igiterwa gihurumbirwa cane muri Afirika mbere no kw\u2019isi yose. Muri Afirika y\u2019Ubuseruko, canecane mu Burundi no mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6484,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[508,366],"coauthors":[189],"class_list":["post-6467","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-isabu","tag-isteebu"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6467","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6467"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6467\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6486,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6467\/revisions\/6486"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6484"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6467"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6467"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6467"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6467"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}