{"id":6439,"date":"2021-08-02T10:39:56","date_gmt":"2021-08-02T08:39:56","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6439"},"modified":"2023-09-16T12:14:40","modified_gmt":"2023-09-16T10:14:40","slug":"agateka-abana-igitwarire-ukwikorera-amagogwa-kwitura-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/agateka-abana-igitwarire-ukwikorera-amagogwa-kwitura-burundi\/","title":{"rendered":"Agateka k\u2019abana : kwitwa igitwarire bisa n\u2019ukwikorera amagogwa y\u2019isi yose"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe umwana wese afise uburenganzira bwo kugira umuryango, gukundwa no kwitabwaho, abavuka ku \u00ab gisida \u00bb, benshi bita kuvyarwa hanze canke igitwarire, barakunze guhura n\u2019ibibazo bibagora kwitura. Bamwe baratuyagiye.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Chadrack Ndikumuvunyi, umwana w\u2019imyaka cumi n\u2019ine, akomoka mu ntara ya Rutana agira ati&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Ivyo maze kubona bisumba ivy\u2019abamaze ikinjana.&nbsp;\u00bb<\/em>&nbsp;Yagize araca ubwenge yisanga aba kwa inakuru hamwe na nyina amuvyara <em>: \u00ab&nbsp;Nubwo namenye nteba ko ariwe muvyeyi wanje. Je nabona ko tuvukana, kuko yari akiri muto.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Muri ico gihe, kiretse ko Chadrack Ndikumuvunyi yagira utubazo tw\u2019uko atabona umuntu w\u2019umugabo mu rugo yokwita papa, ibindi vyasa n\u2019uko bimeze neza, n\u2019aho baari mu bukene budasanzwe. Agira ati&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Twarakundana.&nbsp;\u00bb&nbsp;<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ashikanye imyaka 5, inakuru yaritavye Imana, basigara ari babiri mu rugo, batagira icepfo n\u2019ica ruguru. Barabayeho nabi, nyina akaguma amudyagagura, nkuko womengo niwe yazanye izo ngorane. Chadrack Ndikumuvunyi abandanya agira ati&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Haheze umwaka, niho yambwira ko agomba aje kurongogwa. Nanje muri jewe nti tuza twakira ubukene n\u2019agasuzuguro ko mu kibano.&nbsp;\u00bb<\/em>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo yari yiteze vyose vyabaye indoto. Ngo uwo mugabo yaramufashe nabi, akamukubita akagoka, nyina nawe, ico yari ashoboye kwari ukwiyuha iryosozi&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Ntiyashobora kugira ico amfashije kinini, kuko yarafise ubwoba bwo kwirukanwa, hamwe yokora ibihushanye n\u2019ivyo umugabo ashaka.&nbsp;\u00bb<\/em> Harageze igihe bimurembera, yumva ko ubuzima bwanse, ahitamwo guta aromoka.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"pHclup2CrM\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/incuti-igisagara-abana-agateka-burundi-fenadeb\/\">Gufatwa nabi n&rsquo;incuti mu bisagara, kimwe mu bibangamira agateka k&rsquo;abana<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Gufatwa nabi n&rsquo;incuti mu bisagara, kimwe mu bibangamira agateka k&rsquo;abana\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/incuti-igisagara-abana-agateka-burundi-fenadeb\/embed\/#?secret=7hJ2XacdIU#?secret=pHclup2CrM\" data-secret=\"pHclup2CrM\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Bononwa n\u2019abobakijije<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Izo ngorane, Chadrack ntazisangije. Carine Manariho, yahatswe gufatwa kunguvu n\u2019uwitwa ko ari se, (umugabo wa nyina). N\u2019agahinda kenshi, Carine yigana ati\u00a0: \u00ab<em> nkwije imyaka 17. Nkiri muto, uwo nita papa twari tubanye neza, yari yaranyakiriye, akamfata nk\u2019imfura yiwe. Sinigera nibuka ko atari papa amvyara. Umusi umwe, niho yaza mucumba iwanje, aza kunyagisha bisanzwe. Nikwo gutangura kunyibutsa ko atari papa wanje w\u2019amaraso, ko afise ikintu gikomeye ashaka kumbwira. Nikwo kuvuga ko yumva umutima wiwe vyanse, ngo ankunda. Aca atangura kunkorakora, ngize ngo ndanka aca aja muvyo kumfata kunguvu. Naramwiyatse ndiruka, gushika n\u2019uyu munsi sindasubira muhira, natse indaro mu muryango<\/em>.\u00bb\u00a0<\/p>\n\n\n\n<p>Kurukwo gufatwa nabi kw\u2019abana b\u2019ibitwarire, Alain Joseph Hatungimana, arongoye ishirahamwe ry\u2019abize ivy\u2019inyifato batagira imbibe (psychologue sans fronti\u00e8res), asaba ko bene abo bana bokwitabwaho cane mu kubaba hafi, kugira ngo ntibagire inkurikizi mbi cane, zituma ubuzima bwabo bwononekara burundu, akanasaba ko horwizwa inyigisho nyinshi z\u2019ubuntu n\u2019imibereho myiza mu ibano.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Kino gisomwa canditswe na\u00a0<strong>Liesse Muhoza<\/strong>\u00a0mu\u00a0<a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\">ntumbero yo guha ubumenyi<\/a>\u00a0abaciye mu mugambi\u00a0<\/strong><em>\u00ab\u00a0Enfants Journalistes\u00a0\u00bb<\/em><strong>\u00a0wa UNICEF ushigikira ijwi ry\u2019abana ku bibazo bihanze abana.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe umwana wese afise uburenganzira bwo kugira umuryango, gukundwa no kwitabwaho, abavuka ku \u00ab gisida \u00bb, benshi bita kuvyarwa hanze canke igitwarire, barakunze guhura n\u2019ibibazo bibagora kwitura. Bamwe baratuyagiye. Chadrack Ndikumuvunyi, umwana w\u2019imyaka cumi n\u2019ine, akomoka mu ntara ya Rutana agira ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;Ivyo maze kubona bisumba ivy\u2019abamaze ikinjana.&nbsp;\u00bb&nbsp;Yagize araca ubwenge yisanga aba kwa inakuru [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6440,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486],"tags":[481],"coauthors":[34],"class_list":["post-6439","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","tag-agateka-kabana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6439","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6439"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6439\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6441,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6439\/revisions\/6441"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6440"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6439"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6439"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6439"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6439"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}