{"id":6426,"date":"2021-07-28T13:17:51","date_gmt":"2021-07-28T11:17:51","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6426"},"modified":"2023-09-16T12:14:14","modified_gmt":"2023-09-16T10:14:14","slug":"burundi-ntivyoroshe-kuronka-akazi-umukenyezi-agendana-ubumuga","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ntivyoroshe-kuronka-akazi-umukenyezi-agendana-ubumuga\/","title":{"rendered":"Mu Burundi ntivyoroshe kuronka akazi uri umukenyezi agendana ubumuga"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Urunani rw\u2019ibigo vy\u2019abagendana ubumuga mu Burundi (RCPH) rwaratunganije kuva kuri uwu wa 20 na 21 Mukakaro 2021 uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ntambamyi abakenyezi bagendana ubumuga bahura mu kazi. Urwo ruganda rukaba rwarimwo abakenyezi bagendana ubumuga bafise akazi, abagendana ubumuga baserukira imigwi y\u2019abakozi hamwe n\u2019ab\u2019amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Biroroshe cane ko umukenyezi agendana ubumuga yisanga mu bukene kuko hari ibikorwa bimwe bimwe usanga aba atagikora. Hari amahirwe yo kuronka akazi usanga amuca mu myanya y\u2019intoki, ivyo bigatuma abandanya kuba mu bukene. Ivy\u2019uko abantu bagendana ubumuga bakumirwa mu mabanga y\u2019akazi kubera ko babibaza ko badashoboye bireze mu mice itandukanye y\u2019ubuzima bw\u2019akazi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko nubwo biri uko, itegeko ryo ku wa 10 Nzero 2018, rivuga ko umuntu wese agendana ubumuga afise uburenganzira bwo kugira uruhara mu bijanye n\u2019ubuzima bw\u2019imibano n\u2019ubutunzi mu Burundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Aim\u00e9e Blandine Bukuru, agendana ubumuga bw\u2019ukuguru. Uyu rero yize igisata kijanye no kwigisha muri kaminuza ariko ntarigera aronka akazi. Ashinga intahe muri aya majambo&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp; Narigeze kuja mu bushikiranganji bw\u2019indero, inyuma yo kuntega yompi baciye bantekerera ibihumbi 20000Fbu mu gishingo c\u2019akazi kandi hari ikibanza kibura umukozi.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ingingo ya 9 yo mw\u2019itegeko rigenga guteza imbere no gukingira agateka k\u2019abantu bagendana ubumuga mu Burundi rivuga ko&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Umuntu wese amaze gushikana imyaka 18 n\u2019iyirenga, arafise uburenganzira bwo kuja mu vya poritike n\u2019ukubikuramwo inyungu&nbsp; kandi akaba afise uburenganzira bumwe nk\u2019ubw\u2019uwundi mwenegihugu wese.&nbsp;\u00bb<\/em> Na ho iryo tegeko ririho, umukenyezi agendana ubumuga abandanya ahura n\u2019intambamyi nyishi zo kuronka ikibanza kimubereye mu buzima bw\u2019akazi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bite ho ku bakenyezi bagendana ubumuga ariko bafise akazi&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ruganda rwatunganijwe n\u2019urunani rw\u2019ibigo vy\u2019abagendana ubumuga mu Burundi (RCPHB) rwo kuri uwu wa 20 n\u2019uwa 21 Mukakaro, mu kigo Akamuri co kw\u2019i Jabe, abakenyezi bagendana ubumuga baronse akazi mu bisata bitandukanye vy\u2019ubuzima bw\u2019igihugu hamwe n\u2019abaserukira amashirahamwe CONAPS, COSYBU hamwe n\u2019umugwi w\u2019abakozi ba SAVONOR barashoboye kwerekana intambamyi bahura mu kazi.<\/p>\n\n\n\n<p>Bernadette Ndayisenga, agendana ubumuga bwo kutumva akaba ari umukontabure muri CAPAD avuga ko kenshi abagenzi biwe badatahura ko ashobora gukora neza akazi ajejwe co kimwe n\u2019abagenziwe batagendana ubumuga. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Batangura kubona ko tudashoboye tukijana amadosiye yo gusabirako akazi aho kuraba ubumenyi dufise. Iyo tugize amahirwe tukakaronka, ivyo dukora ntibishimwa.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya kandi ko, no mu gihe uwugendana ubumuga bwo ku mubiri butamworohereza gukora bivuye ku nyubako canke ku bikoresho, abayobozi bahamagariwe kuborohereza. Nk\u2019akarorero, hagashirwaho bwa buhinga bwo kuduga ingazi biciye muri asanseri&nbsp;(Ascenseurs), ibikoresha vyogusoma no kwandika vyagenewe abagendana ubumuga bwo kutabona no kutumva.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<iframe loading=\"lazy\" src=\"https:\/\/www.facebook.com\/plugins\/post.php?href=https%3A%2F%2Fwww.facebook.com%2FJimbere.Magazine%2Fposts%2F2923092224595231&amp;show_text=true&amp;width=500\" width=\"500\" height=\"797\"><\/iframe>\n\n\n\n<p><strong>Bimwe mu vyokorwa\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugira ubumuga bituma amahirwe yo kuronka akazi agabanuka ubona ko n\u2019ibitigiri vy\u2019abatagira akazi biguma vyiyongera. Vyongeye umukenyezi agendana ubumuga yabwirizwa kuronka uburusho mu kazi akora. Akaronka agahimbazamusyi kuko akoresha ukwitanga n\u2019inguvu nyinshi gusumba abakomeye. Ivyo bishimangirwa na Gilbert Bizimungu umuhuzabikorwa mu mugambi RCPHB, aho yaciye aboneraho n\u2019akaryo ko kuvuga ko ubumuga atari ububonekera ku mubiri gusa, ahubwo nyabuna ko hari n\u2019ubumuga bwo kutabona, kutumva hamwe n\u2019ubumuga bwo mu mutwe.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Umushingamateka Pamphile Malayika yari yitavye urwo ruganda, yemenyesheje ko hazoba icigwa mu nama nshingamateka ku myihwezo n\u2019ivyasabiwe muri urwo ruganda kugira bahinyanyure ibiri mw\u2019itegeko rigenga agateka k\u2019abantu bagendana ubumuga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Urunani rw\u2019ibigo vy\u2019abagendana ubumuga mu Burundi (RCPH) rwaratunganije kuva kuri uwu wa 20 na 21 Mukakaro 2021 uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ntambamyi abakenyezi bagendana ubumuga bahura mu kazi. Urwo ruganda rukaba rwarimwo abakenyezi bagendana ubumuga bafise akazi, abagendana ubumuga baserukira imigwi y\u2019abakozi hamwe n\u2019ab\u2019amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Biroroshe cane ko umukenyezi agendana ubumuga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6427,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[301],"coauthors":[34],"class_list":["post-6426","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-abakenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6426","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6426"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6426\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6428,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6426\/revisions\/6428"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6427"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6426"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6426"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6426"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6426"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}