{"id":6380,"date":"2021-06-28T10:06:00","date_gmt":"2021-06-28T08:06:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6380"},"modified":"2023-09-16T12:13:40","modified_gmt":"2023-09-16T10:13:40","slug":"isabu-ibaharage-burundi-uburimyi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/isabu-ibaharage-burundi-uburimyi\/","title":{"rendered":"ISABU: \u00abHaratowe ibiharage bigwiriyemwo ivyunyunyu birinda gufungura nabi\u00bb"},"content":{"rendered":"\n
Mu Burundi, ibice 60% vy\u2019abantu bafungura nabi. Kubw\u2019ivyo, mu ntumbero yo kugwanya ugufungura nabi, ikigo ISABU carakoze ubushakashatsi bwatanguye mu mwaka wa 2012, aho mu mwaka wa 2015 cashize ahabona ibiharage bigwiriyemwo icunyunyu ca Fer na Zinc. ISABU ikaba yatanguje igikorwa co guhamagarira abantu bose gufungura ivyo biharage kuko birinda ugufungura nabi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Mu Burundi, ibice birenga 90% ni abarimyi. Kuba rero igice kinini ari abarimyi, no gufungura bafungura ivyo birimiye. Mu vyo barima rero harimwo ibiharage. None ubwo ivyo biharage turima tukanafungura birikwije mu ngaburo? N\u00e9pomsc\u00e8ne Ntukamazina, umushakashatsi ku giterwa c’ibiharage mu kigo ISABU avuga ko, ibiharage bihasanzwe bifise ndemamubiri, nsanganyangaburo na ntanganguvu gusa. Ariko akamenyesha ko bikenye ivyunyunyu vya fer na zinc ari na co gituma mu Burundi co kimwe no mu bindi bihugu biri mu nzira y\u2019amajambere hibonekeza ingwara mu miryango zitegwa no gufungura nabi.<\/p>\n\n\n\n
???? Muri runo rutonde dukesha abashakashatsi (UB, FOMI, ISABU), harimwo amazina y'ubwoko bw'iharicot atangaje nka Rufutamadeni, Nokia, Ruryabakwe, Burengeti, Kinuma, Gisoda…
Mu ntumbero rero yo kurwanya ugufungura nabi, kuva mu mwaka wa 2012, Ikigo ISABU kijejwe ubushakashatsi kw\u2019isi ndimwa, ibiterwa n\u2019ibitungwa caratanguje ibikorwa vyo gukora ubushakashatsi ku giterwa c\u2019ibiharage vyoba bigwiriyemwo ivyunyunyu vya fer na zinc bishobora gutuma ababifungura baca kubiri no gufungura nabi.
Kuva ico gihe rero ikigo Isabu caciye gihimiriza abagwizambuto b\u2019ibiharage mu gihugu cose barenga 1.200 kurima no kugwiza imbuto y\u2019ivyo biharage vyari vyatowe ko bifise ico bisumbije ibihasanzwe. Ivyo na vyo bikaba hampande ya ndemamubiri, sanganyangaburo na ntanganguvu bisanganywe, hiyongerako ivyivyunyu vya fer na zinc bifise akamaro kanini ku magara y\u2019abantu.<\/p>\n\n\n\n
Ni ibiharage vyo gufungurwa bikwije ingaburo n\u2019ivyunyunyu<\/strong><\/p>\n\n\n\n
Kuva mu mwaka wa 2015 hushika mu 2020, ikigo ISABU carashize kw\u2019isoko ubwoko 9 bw\u2019ibiharage bibereye gufungurwa bigwiriyemwo ivyunyunyu. Ubwo bwoko bw\u2019ibiharage bukaba bwabonetse mbere bukanemezwa ari uko ibigo vy\u2019ubushakashatsi vy\u2019ibihugu bitandukanye bibanje gukorana.
Aho twovuga nka ISABU yo mu Burundi, RAB yo mu Rwanda, NARO yo mu Buganda, KALRO yo muri Kenya na INERA yo muri RDC. Ivyo bigo vyose bikaba vyari birongowe n\u2019ikigo c\u2019ubushakashatsi ku rwego rwa Afirika PABRA. Ku rwego rw\u2019isi, ivyo biharage vyemejwe n\u2019ikigo CIAT (Centre International de l\u2019Agriculture Tropicale).<\/p>\n\n\n\n
Mu guhamagarira abantu rero gufungura ivyo biharage bigwiriyemwo ivyunyunyu vya fer na zinc, mu ntumbero yo kugwanya ugufungura nabi, ikigo Isabu catanguriye ico gikorwa co gukangurira abantu gufungura ivyo biharage ku mashure asanzwe afungurira abanyeshure. Bahereye kuri Ecofo Rubira iri muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza.
Nepomsc\u00e8ne akamenyesha ko bajanyeyo ibiro vy\u2019ivyo biharage 120, aho ubuyobozi bw\u2019ishure n\u2019abamwe mu bashakashatsi ku biharage mu kigo Isabu baciye bakurako ivyo batekera abanyeshure kugira binovore akanovera kavyo. Uyo mushakashatsi akaba yaboneho akaryo ko kumenyesha ko icunyunyu ca zinc kiri muri vyo biharage gituma abana bari ku mashure bashobora gufata ningongo ivyigwa mbere bakabitahura neza, kandi ico cunyunyu kinafasha abantu bakuze mu bijanye n\u2019irondoka. Icunyunyu ca fer congereza amaraso ku bantu bageze mu za bukuru canke abakenyezi bibungenze.<\/p>\n\n\n\n
Antoine Bigirimana, umuyobozi w’ishure shingiro Rubira akaba yishimiye ivyo biharage ku mvo zitatu : afatiye ku kuntu bisha ningo bitamara inkwi, bifise akanovera vyisangije kandi ari ubwoko bumwe butavanze. Uyo muyobozi yaciye agirako asaba ikigo PAM gisanzwe kibaronsa imfungurwa zigaburirwa abana ku mashure biciye muri Caritas Burundi ko coha isoko abagwizambuto b’ivyo biharage. PAM ikaza irabibagurira gutyo abanyeshure bo mu gihugu cose basanzwe bafungura ku mashure bakaza baragaburirwa ivyo biharage bifise ico bisumbije ibihasanzwe. Mbere no mu mihana bakabigwiza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
Mu Burundi, ibice 60% vy\u2019abantu bafungura nabi. Kubw\u2019ivyo, mu ntumbero yo kugwanya ugufungura nabi, ikigo ISABU carakoze ubushakashatsi bwatanguye mu mwaka wa 2012, aho mu mwaka wa 2015 cashize ahabona ibiharage bigwiriyemwo icunyunyu ca Fer na Zinc. ISABU ikaba yatanguje igikorwa co guhamagarira abantu bose gufungura ivyo biharage kuko birinda ugufungura nabi. Mu Burundi, ibice […]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6384,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,215],"tags":[508],"coauthors":[189],"class_list":["post-6380","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-uburimyi","tag-isabu"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6380","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6380"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6380\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6385,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6380\/revisions\/6385"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6384"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6380"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6380"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6380"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6380"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}