{"id":6379,"date":"2021-06-30T20:28:04","date_gmt":"2021-06-30T18:28:04","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6379"},"modified":"2021-06-30T20:32:54","modified_gmt":"2021-06-30T18:32:54","slug":"barashoboye-burundi-fondation-uwiragiraye-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/barashoboye-burundi-fondation-uwiragiraye-burundi\/","title":{"rendered":"Barashoboye nk\u2019abandi naho bagendana ubumuga bwo kutabona"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abana bagendana ubumuga bwo kutabona bagera kuri 69, bagizwe n\u2019abahungu 40 n\u2019abigeme 29 bava mu mihingo itandukanye ni bo barezwe n\u2019ikigo Fondation Uwiragiye, kiri muri karatiye Industriel komine Ntahangwa intara ya Bujumbura. Muri ico kigo bakaba bahigira ibitari bike harimwo no kuja kw\u2019ishure.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ico kigo catanguranye n\u2019abana 13 bagendana ubumuga bwo kutabona muri Ndamukiza 2018. Ubu bageze kuri 69.Ugeze muri ico kigo ntiwomenya ko abo bana bafise ikibazo c\u2019ukutabona neza. Ubona bamwe bariko barakina abandi bagira ubugenegene butandukanye: uri udukino, uturirimbo, ukuvuza igitari, kuvuga amakuru mu kiwani n\u2019ibindi\u2026<\/p>\n\n\n\n<p>Abo bana witegereje impano n\u2019akanyamuneza bafise biragaragaza neza ko batahuye ko naho bagendana ubumuga bwo kutabona bameze nk\u2019abandi bitobatuma batakaza ivyizigiro vyo gutegura kazoza kabo biciye mu kwiga canke mu gukoresha impano bafise bakazikuza. Bamwe muri bo barahejeje amashure yisumbuye bakaba bariko barabandanya na kaminuza abandi bari mu mashure matomato.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Naho biri uko ibibazo ntibibuze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abo bana kubera harimwo abiga barakenera ibikoresho vy\u2019ishure. Ivyo na vyo ngo ntibidakunda kuboneka cane mu Burundi kugira bungure ubumenyi. Bimwe mu bikoresho bakenera harimwo nk\u2019imashini nyabwonko hamwe na za nyandiko za \u201cbraille\u201d nk\u2019uko bishikirizwa na Sylvie Uwiragiye yatanguje ico kigo.<\/p>\n\n\n\n<p>Marie Gr\u00e2ce Nizeyimana asanzwe afasha abo bana ibikorwa bitandukanye muri ico kigo aravuga ko hari igihe binagorana ku bana ba bigeme iyo bageze kuja mu butinyanka kuko bisaba ko babafasha mu bijanye n\u2019ukwitunganya mu vyisuku. Baba rero bakeneye kuronka udutambara bakoresha mu bihe vy\u2019ubutinyanka. Abakiri bato cane na bo ngo barinda kubagirira isuku zose zisabwa kuko usanga badashoboye kuvyikorera, ariko ngo hari abariko baramenyera kuvyikorera bukebuke, nk\u2019uko vyemezwa na Marie Gr\u00e2ce Nizeyimana.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter wp-block-embed-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">???? Cet ambitieux projet, port\u00e9 par la &quot;Fondation Uwiragiye&quot; de l&#39;industriel Fran\u00e7ois Uwiragiye derri\u00e8re notamment l\u2019aci\u00e9rie <a href=\"https:\/\/twitter.com\/MusumbaSteel?ref_src=twsrc%5Etfw\">@MusumbaSteel<\/a>, a d\u00e9j\u00e0 1 milliard Fbu d&#39;<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/investissement?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#investissement<\/a>, avec l&#39;achat des terrains et les premi\u00e8res constructions (cl\u00f4ture, dortoirs, cuisines&#8230;)<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/mxQfy7WsBe\">pic.twitter.com\/mxQfy7WsBe<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1288079541001486336?ref_src=twsrc%5Etfw\">July 28, 2020<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ngo baracanakumirwa mu miryango\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bamwebamwe muri abo bana bavuga ko bagikumirwa mu kibano nubwo bo bitahuye. Edouard Nduwayo, umwana asanzwe arerewe muri ico kigo agira ati: <em>\u00ab<\/em><em> Mu bisanzwe, akenshi umwana avukanye ubumuga bwo kutabona abo mu kibano bamufata nk\u2019umuntu ata co azovamwo. Umuntu ata na kimwe ashoboye. Rero ntiturashobora kwakirwa nk\u2019abandi bana bakomeye mu kibano. <\/em><em>\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mwana ava mu ntara ya Ngozi, mbere amenyesha ko ari kumwe na batoyi biwe 3 muri ico kigo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza mu 2018. Agira ati: <em>\u00ab<\/em><em> Jewe na barumunanje nta muvyeyi n\u2019umwe arigera aza kuturaba. Sibo babonye turabava iruhande. <\/em><em>\u00bb<\/em> Edouard rero avuga ko asanzwe afise n\u2019impano yo kuririmba, mbere amaze gusohora indirimbo 5. Akavuga ko abavyeyi bari bakwiriye ahubwo guca bamushigikira kuko yerekanye ko afise ico ashoboye.<\/p>\n\n\n\n<p>Abantu twese turakwiye kwumva ko abana bagendana ubumuga ubwo ari bwo bwose bakwiye gushigikirwa tukareka kubakumira kuko bafise ubwenge n\u2019ivyiyumviro nk\u2019abandi bana.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Kino gisomwa canditswe na Aude Princia Iradukunda mu <a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\">ntumbero yo guha ubumenyi<\/a> abaciye mu mugambi <\/strong><em>\u00ab\u00a0Enfants Journalistes\u00a0\u00bb<\/em><strong> wa UNICEF ushigikira ijwi ry&rsquo;abana ku bibazo bihanze abana.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abana bagendana ubumuga bwo kutabona bagera kuri 69, bagizwe n\u2019abahungu 40 n\u2019abigeme 29 bava mu mihingo itandukanye ni bo barezwe n\u2019ikigo Fondation Uwiragiye, kiri muri karatiye Industriel komine Ntahangwa intara ya Bujumbura. Muri ico kigo bakaba bahigira ibitari bike harimwo no kuja kw\u2019ishure. Ico kigo catanguranye n\u2019abana 13 bagendana ubumuga bwo kutabona muri Ndamukiza 2018. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6389,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486],"tags":[509],"coauthors":[34],"class_list":["post-6379","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","tag-fondation-uwiragiye"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6379","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6379"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6379\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6392,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6379\/revisions\/6392"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6389"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6379"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6379"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6379"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6379"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}