{"id":6357,"date":"2021-06-14T16:42:54","date_gmt":"2021-06-14T14:42:54","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6357"},"modified":"2023-09-16T12:13:14","modified_gmt":"2023-09-16T10:13:14","slug":"akazi-abana-burundi-buterere-fenadeb-ngozi-gashikanwa","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/akazi-abana-burundi-buterere-fenadeb-ngozi-gashikanwa\/","title":{"rendered":"Akazi ku bana: \u00abTugira kuruha ku mubiri no ku mutima, tugatahira agahinda\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Itariki 12 Ruheshi, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akazi ku bana. Mu Burundi, bivuye ku mvo zitari nke, abana bakora ubuzi bw&rsquo;abakuze baribonekeza na cane cane mu bisagara, bagahura n\u2019ingorane zitari nke, nko kuburabuzwa, gukubitwa, n\u2019ukuruha cane<\/strong>.<\/p>\n\n\n\n<p><a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/twitter.com\/burundi_fenadeb\" target=\"_blank\">Muri Fenadeb<\/a> bati: <em>\u00abGushika ubu, nta cigwa kirakorwa ngo hamenyekane igitigiri c&rsquo;abana bakora ubuzi batarakwiza imyaka 16 isabwa n&rsquo;amategeko. Ariko nubwo biri uko, haribonekeza ku bwinshi, na cane cane mu bisagara, aho usanga utwana tw\u2019imyaka iri hagati ya 10 na 15 dukora ubuzi bw\u2019abantu bakuze, ibikwiye kugwanywa cane.\u00bb<\/em> <br>Bishikirizwa na Isidore Nteturuye, umuhuzabikorwa wa FENADEB, urunani rw\u2019amashirahamwe aharanira agateka k\u2019abana.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Isidore Nteturuye, inkomoko ni nyinshi, ariko iyiza imbere, ni ubukene bwiharije imiryango. \u00abBurya, naho hari abata amakosa ku bavyeyi, ahanini si bo. Ni ukubura uko bagira, bagaca barungika abo bana gupagasa kugira ngo mu muryango harondere benshi, gutyo basahirizanye. Nta miryango yifise yigera ivamwo abana baja gukora ubuzi hataragera\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"vJBwDztPFL\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ugukoresha-abana-bato-bujumbura-burundi-unicef\/\">Ugukoresha abana bato : \u00abIgisagara carambanye gito, cari kinini\u00bb<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Ugukoresha abana bato : \u00abIgisagara carambanye gito, cari kinini\u00bb\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ugukoresha-abana-bato-bujumbura-burundi-unicef\/embed\/#?secret=PTiEgzvdNQ#?secret=vJBwDztPFL\" data-secret=\"vJBwDztPFL\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Isidore Nteturuye ashira umwikomo ku bemera bagakoresha umwana, kugira ngo bamuturubike. \u00ab<em>Akenshi abakoresha mwene abo bana, baba bashaka ababakorera ntibanabahembe, canke babahembe intica ntikize. Uzosanga mbere baca banabaha ibikorwa vyinshi, bagira ngo baravuze bagatora inkoni, bagahana kurya kw\u2019abana bato, mbere rimwe na rimwe bagahereza kubirukana<\/em>.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Intahe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bruce Ndiho, aba muri karatiye ya Buterere, uko ici ryinjiye, igikorwa nyamukuru ciwe ni ugufyatura amatafari. Ako kazi akamazemwo imyaka 2 akaba yagatanguye atarenza 13. Akazi ko gufyatura, nk&rsquo;uko avyivugira, si ako gutuma umwana: \u00ab<em>Gasaba inguvu nyinshi. Mu gaturuturu tuvyukira kuvoma amazi tuza gukoresha, izuba riza kwaka twamaze gutangura neza akazi. Nta mwanya wo kuruhuka. Turakora gushika dukwije igitigiri nyene ifuru yatubwiye. Kwitafari rimwe bampemba amahera 10. Birashika kenshi tugakorera ubusa, vyose bivana n\u2019uwugukoresheje.Ayo mahera twitwa ngo turakoreye kenshi aherera kwa muganga. Nka jewe nama nagwaye marariya kubera kuruha<\/em>.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter wp-block-embed-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"in\" dir=\"ltr\">???? Si agaseseshwarumuri mu <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>, ingendo yo gukotesha abana basabiriza mw\u2019ibarabara yimonogoje, abatari bake, babeshejweho n\u2019akuya k\u2019abana birigwa basabiriza hirya no hino mu bisagara. Kandi ngo akanoti koba kaboneka. Ingendo yo kugwanya! <a href=\"https:\/\/t.co\/8W3MeeHvFZ\">https:\/\/t.co\/8W3MeeHvFZ<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/ChildRights?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#ChildRights<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/n4twY00TnA\">pic.twitter.com\/n4twY00TnA<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1351518268272611333?ref_src=twsrc%5Etfw\">January 19, 2021<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Mariko Ndikumwami, na we, w\u2019imyaka 12, avuka mu ntara ya Ngozi muri komine Gashikanwa, adandaza amagi n&rsquo;ivyema, mu gisagara ca Bujumbura. Agira ati : <em>\u00abNavuye ruguru iwacu kubera ugufatwa nabi na mukadata, akanyima ibifungugwa, akanturubika, gushika aho nta ndomoka. Nje mu gisagara, nari namaze gufata ingingo yo kutazosubira ruguru, iyo bizoja hose.\u00bb <\/em><br>Mariko, amaze gutangura akazi ko kudandariza umuntu amagi n\u2019ibiyoba, ntiyorohewe.<em> \u00abNta kuryama umukondorazosi. Isaha cumi nimwe mba ndi mw&rsquo;ibarabara nja kurangura, nsubira kuboneka i muhira igihe c\u2019isaha zitanu z\u2019ijoro, nasanzaye. Hari igihe bishika abantu bakarya amagi ntibandihe, canke bakankubita iyo baborewe. Ntashe i muhira, mabuja sindamusigurira ivyanshikiye ngo avyemere. Nawe agira nk\u2019abandi akanyakiriza amakofi. Ntaraba umuruho mba ntahanye, ivyo ntibiba bimuraba.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n&rsquo;icokorwa mu gukingira ivyo bibondo, Isidore Nteturuye ashikiriza ko amategeko akingira abana yoshirwa mu ngiro, ntagume mu mpapuro, gutyo, abakoresha abana bagahanwa hisunzwe amategeko.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Itariki 12 Ruheshi, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akazi ku bana. Mu Burundi, bivuye ku mvo zitari nke, abana bakora ubuzi bw&rsquo;abakuze baribonekeza na cane cane mu bisagara, bagahura n\u2019ingorane zitari nke, nko kuburabuzwa, gukubitwa, n\u2019ukuruha cane. Muri Fenadeb bati: \u00abGushika ubu, nta cigwa kirakorwa ngo hamenyekane igitigiri c&rsquo;abana bakora ubuzi batarakwiza imyaka 16 isabwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6360,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486],"tags":[247],"coauthors":[189],"class_list":["post-6357","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6357","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6357"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6357\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6366,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6357\/revisions\/6366"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6360"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6357"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6357"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6357"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6357"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}