{"id":6310,"date":"2021-05-01T16:34:52","date_gmt":"2021-05-01T14:34:52","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6310"},"modified":"2023-09-16T12:12:28","modified_gmt":"2023-09-16T10:12:28","slug":"agateka-abana-indero-inkoni-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/agateka-abana-indero-inkoni-burundi\/","title":{"rendered":"Agateka k&rsquo;abana: indero ifatiye ku nkoni yica akokize"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri komine Ryansoro, intara ya Gitega, kw\u2019ishure ryisumbuye \u00a0Nyangwa,\u00a0 kuri uyu wa 30 ndamukiza, niho hahimbarizwa Umusi mpuzamakungu wahariwe indero idahohotera, mu birori vyari bitunganijwe na CNIDH, irikumwe n&rsquo;Ubushikiranganji bw&rsquo;Indero. Kabaye akaryo keza ko guca irya n&rsquo;ino agateka k&rsquo;abana, mu mashure no mu ngo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta biharuro birakorwa, vyerekana ukwo indero ihohotera mu mashure vyifashe. Nubwo birukwo Sixte Vigny Nimuraba, arongoye CNIDH, Umugwi w&rsquo;igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, yamenyesheje ko urugamba ruhari ari urwo gukora ibishoboka vyose ntihabe hakiba umwana ahohotegwa mu mashure, ku buryo ubwaribwo bwose, na cane cane ugushurashuzwa ku nguvu n&rsquo;abitwa ko ari abarezi. Kubwa Sixte Vigny, kureresha inkoni abana nta yungu n&rsquo;imwe irimwo, atari ukwonona umwana mu mutwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Asa n&rsquo;uwinjira mu mizi y&rsquo;iyiyago, Jacques Nshimirimana, atwara igisata kijejwe agateka k&rsquo;abana muri CNIDH, yaribukije ukwo aho hambere vyari bimeze. Yagize ati: \u00ab <em>Aha turi, umwe wese yovuga amabi yabonye mu mashure mato mato ntitwohava. Inkoni z&rsquo;abigisha, ushizeko iz&rsquo;abavyeyi, vyari muvyatuma abana benshi baheba kwiga, atarukwo bavyanka. Aho rero n&rsquo;abo barimu n&rsquo;abavyeyi ntitwovuga ngo kwari ukwanka abana. Haba namba. Kwitwa ugutanga indero, ugukosora. Mugabo hagukiza, vyahinduka ukwonona abana.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Jacques Nshimirimana yaheraheje yerekana ubwoko butandukanye bwo guhohotera abana : \u00ab <em>Hari nko kumuboreza igufa ukoresheje inkoni, hamwe n&rsquo;ibihano bitandukanye, bibabaza umubiri. Hakaba uguhohotegwa bakorersheje amajambo mabi, nko kubwira umwana ko ataco azovamwo, ataco amaze, bigatuma atakaza icizere yariyifitiye. Hakaba rero amabi afatiye ku gitsina, akogwa mu kibano, hamwe n&rsquo;abarezi. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingeso zo kugwanya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntara ya Gitega, nkukwo vyashikirijwe na Philbert Habonimana, Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe ugutunganya imigambi, ingeso yo guhohotera abana yahagurukiwe cane. Yagize ati : \u00ab <em>Erega ibintu vyari bigeze kure. Nk&rsquo;akarorero, mu mwaka uheze, hari umurezi yatey&rsquo;inda umunyeshure yigisha, aca ashaka kumwica, amukubita ubuhiri mu mutwe, hanyuma amuta mu ruzi. Abantu bamurovye agihema, Imana irakinga. Ubukozi bw&rsquo;ikibi nkubwo bwari bwagwiriye, mu nyuma niko guhagurukira rimwe turashengeza izo nkozi z&rsquo;ikibi.<\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Amwunganira, Joseph Sindabashigwako, Musitanteri wa komine Ryansoro, yamenyesheje ko kuva umwaka w&rsquo;ishure utanguye mu kwezi kwa myandagaro 2020, ku banyeshure 13.608 bo muri iyo komine, 558 barahagarikiye hagati amashure ya bo. Yasiguye ati: \u00ab <em>Hariho abaheba ku mvo z&rsquo;ubukene,inda z&rsquo;indaro, ukurongogwa kare, uguhohotegwa kw&rsquo;ishure, indwara, kurondera amaronko, n&rsquo;ubundi bugaba. <\/em>\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Kubw&rsquo;uwo murongozi, guhimiriza ntivyoherera ku mashure gusa. Abavyeyi na bo barakwiye kwigishwa cane ukwo bofasha abana babo, mu kubaronsa indero iciye mu kiganiro, mu mpanuro zidafatiye ku guhanisha inkoni n&rsquo;ibitutsi.<\/p>\n\n\n\n<p>Yasavye kandi ko hoza haradomwako urutoke uwo wese ahohoteye umwana, agahanwa ukwo amategeko yanditse, gutyo ingeso yo gufukira amabi yakozwe bikaranduranwa n&rsquo;imizi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri komine Ryansoro, intara ya Gitega, kw\u2019ishure ryisumbuye \u00a0Nyangwa,\u00a0 kuri uyu wa 30 ndamukiza, niho hahimbarizwa Umusi mpuzamakungu wahariwe indero idahohotera, mu birori vyari bitunganijwe na CNIDH, irikumwe n&rsquo;Ubushikiranganji bw&rsquo;Indero. Kabaye akaryo keza ko guca irya n&rsquo;ino agateka k&rsquo;abana, mu mashure no mu ngo. Nta biharuro birakorwa, vyerekana ukwo indero ihohotera mu mashure vyifashe. Nubwo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6311,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[504],"coauthors":[34],"class_list":["post-6310","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-indero-yabana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6310","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6310"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6310\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6312,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6310\/revisions\/6312"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6311"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6310"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6310"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6310"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6310"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}