{"id":6290,"date":"2021-04-23T11:23:49","date_gmt":"2021-04-23T09:23:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6290"},"modified":"2023-09-11T01:54:05","modified_gmt":"2023-09-10T23:54:05","slug":"lydia-iradukunda-umwigeme-yashizeho-urubuga-dandaza-ubutunzi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/lydia-iradukunda-umwigeme-yashizeho-urubuga-dandaza-ubutunzi-burundi\/","title":{"rendered":"Lydia Iradukunda, umwigeme yashizeho urubuga &lsquo;Dandaza\u2019"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe kw\u2019isi yose, igenekerezo rya 21 Ndamukiza ryahariwe abantu bafise ivyo batangunje bishasha (cr\u00e9ativit\u00e9 et innovation). No mu Burundi hariho abashoboye kugira ivyo bakora kandi bakaba babiharanira gushika bimenyekanye. Umwe mu rwaruka rwinshi rwakoze ikintu ni Lydia Iradukunda ari kumwe n\u2019abo bakorana bakoze \u2018application\u2019 Dandaza ifasha umudandaza kumenya uko yagiye ararangura, uko adandaza eka akanamenya yuko akora yunguka canke ahomba. Iyo \u2018application akaba ariyo yaraye inamuronkeje agashimwe k\u2019umugambi uza imbere y\u2019iyindi mu mahiganwa y\u2019abigeme bakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi (TIC)<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Lydia Iradukunda ni umwigemewe w\u2019imyaka 25 gusa. Yiga mu gisata c\u2019ubuhinga ngurukanabumenyi mu mwaka wa gatatu kuri kaminuza y\u2019Uburindi. Uyu ari kumwe na bagenziwe bigana, hamwe n\u2019abamwitangiye imbere baratanguje ama \u2018applications\u2019 atandukanye. Muri zo harimwo iyitwa Dandaza (Application Dandaza). Iyi ifasha umudandaza kumenya uko yagiye ararangura uku yagiye aradandaza eka akamenya yuko ariko aradandaza ku nyungu canke kw&rsquo;ideni.<\/p>\n\n\n\n<p>Lydia Iradukunda avuga ko urwo rubuga ruje kubera inyishu abadandaza batobato<em>: \u00ab Nk\u2019aba bakenyezi badandaza utuntu dutoduto eka na bamwe bahora batinya kuja mu rudandazwa kuko babura umwanya, canke batizera ababakorera, babazwa uko bunguka canke uko bahomba ntibaronke ico bishura. \u00bb<\/em> Iyo \u2018application\u2019 Dandaza ikaba igurishwa. Lydia avuga ko amaze kuyigurisha ku badandaza 12. Naho ubu bahagaritse kuyidandaza kubera ayandi ma \u2018applications\u2019 bariko barongeramwo. Akavuga ko bagomba no kuyishira muri \u2018play store\u2019 abayikeneye bazoze barayitoraho.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Iciyumviro co gutanguza \u2018application\u2019 Dandaza\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Lydia Iradukunda avuga ko iciyumviro co gutanguza ubwo buhinga catanguye kumuzamwo yiga mu mwaka wa mbere mu gisata c\u2019ubudandanji (commerce et gestion des entreprises). Kuko ngo yararavye agereranije aho igihugu c\u2019Uburundi kiri anaraba n\u2019ibindi bihugu bibanyi haba mu bijanye n\u2019ubudandaji, ubworozi canke mu burimyi abona umengo Uburundi bumeze nk\u2019uburi inyuma. Amaze kwungururiza mu kindi gisata ciga ibijanye n\u2019ubuhinga ngurukanabumenyi muri kaminuza y\u2019Uburundi ni ho yaca yishira hamwe n\u2019urundi rwaruka batanguza ishirahamwe ryitwa UYC (<a href=\"http:\/\/uyc.epizy.com\/?i=1\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">United youth company<\/a>) mu ntumbero yo guteza imbere igihugu c\u2019Uburundi. Iryo shirahamwe rigizwe n\u2019urwaruka 18, harimwo abakobwa 2. \u00a0Rikaba rizwi imbere y\u2019amategeko kuva mu kwezi Ruheshi 2020.<\/p>\n\n\n\n<p>Iradukunda rero akishimira ko iyo \u2018application\u2019 ari nziza ku gufasha umudandaza gukurikirana urudadazwa rwiwe ahari hose kandi ku mwanya ku mwanya. Akanavuga ko hariho ama \u2018logiciel de gestion\u2019 y\u2019ibidandazwa asanzwe azwi mu ma mashirahamwe(entreprises) akomakomeye eka no mu ma \u2018alimentations\u2019. Ivyo rero ngo biri mu vyamutumye yiyumvira ku munyagihugu atagira uburyo bwo kurondera iyo \u2018logiciel\u2019 gutyo aca atanguza \u2018application\u2019 Dandaza ifasha n\u2019umudandaza muto. Ariko kubera intambamyi y\u2019uburyo n\u2019ibikoresho nk\u2019amamashini nyabwonko (ordinateurs), uwo mwigeme arasaba ko uwobishobora yoshigikira iciyumviro cabo kikagera kure ku buryo baba ishirahamwe rikomeye cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ugusigura no kwishimira umugambi wiwe, Lydia Iradukunda yaraye kuri uwu wa 22 Ndamukiza 2021 atahukanye agashimwe k\u2019umugambi uza imbere y\u2019iyindi mu mahiganwa y\u2019abigeme bagize ico bamara mu gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi. Ako gashimwe k\u2019imiriyoni 2 katanzwe n\u2019abari babitunganije (Ecobank biciye mu bushikiranganji bw&rsquo;ubuhinga ngurukanabumenyi, gutumatumanako amakuru n&rsquo;ibinyamakuru). Iradukunda agahanura urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu bagakora bakareka kuguma bizeye Reta ngo niyo izobaha akazi. Aranatera akamo abandi bigeme kwiga ibijanye n\u2019ubuhinga ngurukanabumenyi kuko na bo bafise uruhara rukomeye mw\u2019iterambere, ntibikumire ngo basigare inyuma mu bijanye n\u2019ubuhinga bwa none.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwukeneye kuyaga na Lydia amurondera kuri (+257) 75 891 246, canke akamusanga aho akorera muri Mairie ya Bujumbura, karitiye Kanyosha, ku Muco, ibarabara ry&rsquo;indwi<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\">Inkuru yatororokanijwe na Don Ercy Igiraneza, ariko arimenyereza mu <a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi.<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe kw\u2019isi yose, igenekerezo rya 21 Ndamukiza ryahariwe abantu bafise ivyo batangunje bishasha (cr\u00e9ativit\u00e9 et innovation). No mu Burundi hariho abashoboye kugira ivyo bakora kandi bakaba babiharanira gushika bimenyekanye. Umwe mu rwaruka rwinshi rwakoze ikintu ni Lydia Iradukunda ari kumwe n\u2019abo bakorana bakoze \u2018application\u2019 Dandaza ifasha umudandaza kumenya uko yagiye ararangura, uko adandaza eka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6291,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,407],"tags":[23,506],"coauthors":[34],"class_list":["post-6290","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-ubuhinga","tag-bujumbura","tag-tic"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6290","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6290"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6290\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6298,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6290\/revisions\/6298"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6291"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6290"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6290"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6290"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6290"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}