{"id":6277,"date":"2021-04-18T13:18:23","date_gmt":"2021-04-18T11:18:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6277"},"modified":"2023-09-11T01:53:28","modified_gmt":"2023-09-10T23:53:28","slug":"kuba-umwana-wumurundi-utazi-ikirundi-indero-ururimi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kuba-umwana-wumurundi-utazi-ikirundi-indero-ururimi-burundi\/","title":{"rendered":"Kuba uri umwana w\u2019umurundi utazi ikirundi hari ico bitwaye?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu Burundi hari abagikengera ururimi kavukire mbere bakanabona ko batorwigisha abana babo. Bigatuma hari abagera mu bigero batazi ikirundi. Ivyo bigaterwa n\u2019uko abavyeyi bahitamwo kubigisha indimi mva mahanga, biciye mu kubarungika bakiri bato ku mashure atigishirizwamwo ikirundi. None ubwo ukwo si ugutakaza akaranga k\u2019abarundi?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Anny Graciella Nderagakura umwana w\u2019imyaka 16 yakuriye mu Burundi ariko gushika ubu akaba atazi neza ururimi rw\u2019ikirundi kubera amashure yagiye arigako ata gaciro aruha. Ku bwiwe ngo ubu ingaruka mbi zo kutamenya ururimi rw\u2019ikirundi ariko arazibona kuko mw\u2019ishure icigwa c\u2019ikirundi kimugora cane bikanashika ntatahure ico umuntu amubwiye akifuza kuguma aganira mu rurimi atahura.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo kenshi bikunda kwibonekeza mu bana bavuka mu makaritiye amwe amwe yitwa ko abamwo abantu bize mbere bakora ubuzi buhanitse. Abana bakira gutangura kwiga kuvuga baca babajana mu mashure yigishirizwamwo indimi mva mahanga bagakurirayo, kuburyo abo bahurirayo bahuzwa n\u2019ururimi biga gusa. Akabirya rero hari n\u2019abaca bakoresha abakozi bo mu nzu bize bagategekwa kuza baravugisha abana bareze mu gifaransa canke mu congereza.<\/p>\n\n\n\n<p>Ndayishimiye (izina ryahinduwe) ni umuvyeyi aba i Bujumbura mw\u2019irohero. Uyu avuga ko ikirundi atokireresha abana biwe kuko kigarukira mu Burundi. Kira noneho, avuga ko n\u2019ibibazo vyo kurondera akazi gakorerwa mu Burundi ahenshi babazwa mu gifaransa canke mu congereza. Akabona rero ko kwigisha umwana ururimi rwo hanze kuva akiri muto, ari vyo vyiza cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Eka na Manirakiza wo mu gisagara ca Bujumbura ngo nta mwana wiwe yomenyereza ikirundi. Agira ati: <em>\u00ab Jewe abana banje ndabafitiye umugambi wuko baziga hanze. Kugira rero ntibizobagore, mu gihe bazoba bagezeyo, ntegerezwa ku bigisha mu mashure bakura bavuga indimi zo hanze kugira mu gihe bazoba bariko bariga bazoboneke kumwe nk\u2019imvukira zaho. \u00bb<\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00abUtakaje ururimi kavukire, uba utakaje umuco n\u2019akaranga\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ferdinand Mberamihigo umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c&rsquo;indimi n&rsquo;imigenzo nyafirika aranegura umuco w\u2019abantu bamwebamwe badashaka kwigisha abana babo ururimi kavukire. Ku bwiwe ngo abarundi hari ukuntu bibaza ko hari indimi nto n\u2019indimi nkuru.&nbsp; Izo ndimi bita ko ari nto bazifata nk\u2019indimi zikengeretse bagaca bagerageza kuzirinda abana babo bakabigisha za ndimi bita ko arizo nkuru, nk\u2019igifaransa canke icongereza.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga akavuga ko umwana gukura atavuga ikirundi kandi ari umurundi bifise ingaruka mbi kuko akenshi aca asanga adashobora kuganira neza n\u2019abandi bana bo mu kibano. Rero bene abo bana nk\u2019iyo bagiye gusuma canke kwa muganga usanga bibagora kuvugana n\u2019abandi ngo batahurane. Ikindi ni uko hariho abantu bibaza ko igifaransa ari ururimi rukoreshwa mu buzi bakibagira ko kumbure bashobora kuronka akazi mu gisata co gutumatumanako aho bategerezwa kubikora mu kirundi no mu gifaransa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ferdinand Mberamihigo agahamagarira abarundi bose kwigisha abana babo ururimi kavukire, bakareka kwica imico n&rsquo;akaranga kuko hamwe abarundi bose boreka kuvuga ikirundi coca kizimangana, baka barataye akaranga. Kukabankako<strong><em>,<\/em><\/strong> umurundi w\u2019umutima ni uwuhimbarwa n&rsquo;ururimi kavukire hamwe n&rsquo;imico n&rsquo;akaranga vy\u2019igihugu ciwe.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\">Inkuru yatororokanijwe na Princia Iradukunda, ariko arimenyereza mu <a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n\u2019agateka k\u2019abana mu Burundi.<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu Burundi hari abagikengera ururimi kavukire mbere bakanabona ko batorwigisha abana babo. Bigatuma hari abagera mu bigero batazi ikirundi. Ivyo bigaterwa n\u2019uko abavyeyi bahitamwo kubigisha indimi mva mahanga, biciye mu kubarungika bakiri bato ku mashure atigishirizwamwo ikirundi. None ubwo ukwo si ugutakaza akaranga k\u2019abarundi? Anny Graciella Nderagakura umwana w\u2019imyaka 16 yakuriye mu Burundi ariko gushika [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":6279,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486],"tags":[228],"coauthors":[34],"class_list":["post-6277","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","tag-ikirundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6277","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6277"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6277\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6282,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6277\/revisions\/6282"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6279"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6277"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6277"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6277"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6277"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}