{"id":6250,"date":"2021-04-06T17:37:42","date_gmt":"2021-04-06T15:37:42","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6250"},"modified":"2023-08-16T17:19:03","modified_gmt":"2023-08-16T15:19:03","slug":"ikigo-michel-kayoya-kubwabana-bantahonikora-mwaro-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikigo-michel-kayoya-kubwabana-bantahonikora-mwaro-burundi\/","title":{"rendered":"Ikigo Michel Kayoya\u00a0: kubw\u2019abana bantahonikora"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ico kigo kiri muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, catanguye gukora mu kwezi kwa Nyakanga 2020 kikaba gifasha abana b\u2019impfuvyi hamwe n\u2019abana ba ntahonikora bo mu mihingo yose y\u2019Uburundi. Ubu gifasha abana ba batwa biga mu mashure y\u2019intango baza gufungura sasita hamwe n\u2019abandi bana baba mu ndaro<\/strong>.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Patiri-Kajugu-1.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6253\" width=\"299\" height=\"299\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Patiri-Kajugu-1.jpeg 640w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Patiri-Kajugu-1-300x300.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Patiri-Kajugu-1-150x150.jpeg 150w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Patiri-Kajugu-1-80x80.jpeg 80w\" sizes=\"auto, (max-width: 299px) 100vw, 299px\" \/><figcaption><em>Patiri Ferdinand Kajuju<\/em><\/figcaption><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Urwaruka 33 nirwo rufashwa nico kigo&nbsp;: 10 bahiga bakongera bakaharara na 23 ba batwa baza kuhiga bataha mugabo bagafungurirwa. Ico kigo c&rsquo;urwaruka citiriwe Michel Kayoya kikaba catangujwe n\u2019imvukira yo muri iyo Komine Patiri Ferdinand Kajuju. <\/p>\n\n\n\n<p>Inkingi zaco mu kurera urwo rwaruka akaba ari&nbsp;: ubumenyi (savoir), ishaka (volont\u00e9), umuvukano (fraternit\u00e9), akanyamuneza (joie) igisabisho (pri\u00e8re). Ico kigo kikaba gikoresha abakozi bagera kuri 10 kikaba kandi cigisha urwo rwaruka ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.<\/p>\n\n\n\n<p>Naho biri ukwo, ico kigo ngo nticikwije muri vyose kigasaba ko kugira abana babandanye babaho neza coshigikirwa kugirango kironke abakozi bakwiye n\u2019ibifungurwa bikwiye kugira gishobore gufungurira abanyeshure neza. Eka mbere n\u2019umuduga wo kwiyunguruza kugira ibikorwa vyayo vyorohe. Ico kigo kirakenye kandi inyubako zikwiye kuko izihari zikiri nke.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuki ico kigo citiriwe Michel Kayoya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Patiri Ferdinand Kajuju avuga ko ico kigo (Centre Jeunes) bacitiriye patiri Michel Kayoya (yavutse itariki\u00a08 Kigarama 1934 i Kibumbu, agasandaba itariki 15 Rusama 1972 i Gitega) kubera ikibanza yaha ukwemera gushingiye k\u2019ubuntu (humanisme) ubutungane, akaranga k&rsquo;Uburundi n&rsquo;iterambera &#8230; Yaha ikibanza gihambaye ugwaruka.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati: <em>\u00ab\u00a0Inyigisho ziwe dusanga ahanini mu bitabo 2 yanditse : \u00ab&nbsp;\u00ab\u00a0<\/em> <em>Entre deux mondes\u00a0\u00bb, n\u2019icitwa \u00a0\u00bb&nbsp;Sur les traces de mon p\u00e8re&nbsp;\u00ab\u00a0, vyatumye tumwitirira Centre Jeunes ngo ayibere umuvunyi. Ibigo bitari bike vyitirirwa aberanda ba kure tutanazi, turengana aberanda b&rsquo;iwacu. Aho hagati yacu, abantu b&rsquo;inda yera (=umweranda) baruzuye. Abantu barazwa ishinga no kubona abantu batera imbere ku mutima no ku mubiri, abantu b&rsquo;ineza baruzuye. Ni co catumye dushira mu minwe ico kigo uyo mweranda kugira acitirwe yongere abere akarorero ugwaruka ruzohaca.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku kibazo c&rsquo;impavu muri ico kigo bita Michel Kayoya umweranda kandi ataratanganzwa icese, Patiri Kajuju agira ati: <em>\u00ab\u00a0Igihambaye ni akarorero keza k&rsquo;ukwemera, k&rsquo;iterambera, k&rsquo;ubuntu, inyigisho yasize no kwigura abandi&#8230; abamubonye, abo vyagendanye bamubonyeko.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1000\" height=\"420\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Abna.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6254\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Abna.jpeg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Abna-300x126.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/04\/Abna-768x323.jpeg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Iyo Centre Jeunes iremewe mu gihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Centre Jeunes Michel Kayoya ni ikigo kirekuwe n&rsquo;amategeko. Ku ruhande rwa Ekleziya, Patiri Kajuju avuga ko cashizweko umukono na Nyene icubahiro Musenyeri Mukuru w&rsquo;i Gitega Simoni Ntamwana itariki 21 Mukakaro 2019. Ku ruhande rw&rsquo;igihugu,<\/p>\n\n\n\n<p>Ico kigo cahawe uburenganzira bwo gukora ku mugaragaro n\u2019Umushikiranganji w&rsquo;intwaro yo hagati, umutekano n&rsquo;iterambere kw&rsquo;izina rya Reta y&rsquo;Uburundi itariki 7\/9\/2020.<\/p>\n\n\n\n<p>Patiri Kajuju arongera akamenyesha ko ico kigo kiri muri Mwaro muri commune Nyabihanga, mu Mbogora Cari gushobora kuja n&rsquo;ahandi hose ariko niho habonetse&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Igihambaye n&rsquo;uko umwana wese aje agana ico kigo yakirwa atawukumiriwe.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>N&rsquo;ikimenyamenya abana bahari bava imihingo myishi: Gatumba, Bujumbura, Nyabihanga, Giheta, Gitongo.<\/p>\n\n\n\n<p>Abanyeshure biga batahaho, ni abahungu n&rsquo;abakobwa, kandi bari mu madini atandukanye. Babanye nka gishiki na gisaza, birateye igomwe. Vyose bishingiye ku ndero no ku nyigisho runtu, ndundi&#8230; bahabwa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ico kigo kiri muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, catanguye gukora mu kwezi kwa Nyakanga 2020 kikaba gifasha abana b\u2019impfuvyi hamwe n\u2019abana ba ntahonikora bo mu mihingo yose y\u2019Uburundi. Ubu gifasha abana ba batwa biga mu mashure y\u2019intango baza gufungura sasita hamwe n\u2019abandi bana baba mu ndaro. Urwaruka 33 nirwo rufashwa nico kigo&nbsp;: 10 bahiga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6251,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[247],"coauthors":[189],"class_list":["post-6250","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6250","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6250"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6250\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6257,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6250\/revisions\/6257"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6251"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6250"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6250"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6250"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6250"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}