{"id":6240,"date":"2021-03-28T13:28:00","date_gmt":"2021-03-28T11:28:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6240"},"modified":"2023-08-16T17:18:56","modified_gmt":"2023-08-16T15:18:56","slug":"ibitigiri-vyabanyeshure-bumurengera-mu-birasi-ingaruka-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibitigiri-vyabanyeshure-bumurengera-mu-birasi-ingaruka-burundi\/","title":{"rendered":"Ibitigiri vy\u2019abanyeshure b\u2019umurengera mu birasi hari ico bitwaye ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ibitigiri vy\u2019abanyeshure biri hejuru mu mashure bituma abana biga bicaranyeko ku ntebe, kandi ntibakurikire neza umwigisha. Hari abana usanga bisinziririye mu gihe c\u2019ivyigwa, abandi bagasiba mw\u2019ishure umwigisha ntabimenye ngo abakurikiranire hafi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntara ya Gitega, abana barahimirizwa kwiga nk\u2019uko biri n\u2019ahandi hose. Kandi akamo baterwa barakitabira kuko bibonekera mu birasi bahuriramwo baje kwiga. Ibitigiri vyabo usanga ari umurengera. Kwicara, ahenshi bahurira ku ntebe 1 batari musi y\u2019abana 3. Ivyo bigatuma abigisha basanzwe atari n\u2019abenshi mu mashure bibagora gukurikirana neza abo bana kugira bose bashikirwe n\u2019akanovera k\u2019inyigisho zitangwa.Kw\u2019ishure shingiro Musinzira II riri mu buyobozi bw\u2019indero bwa komine Gitega, hari abanyeshure 914. Manirambona Protais umwigisha mwunganizi w\u2019umuyobozi kuri iryo shure, amenyesha ko bahanzwe n\u2019ikibazo c\u2019ubwinshi bwa banyeshure biga mu wa mbere mu wa kabiri hamwe no mu w\u2019indwi bataronka intebe bicarako. Muri ivyo birasi, abanyeshure bicara ku ntebe 1 ari 4 canke barenga. Uwo mwigisha mwunganizi avuga ko n\u2019abigisha bibagora gukurikirana abanyeshure babo. Agira ati: \u00abUgira gutya mu gihe uba uriko urigisha, ukabona abana biyicariye musi y\u2019intebe, abariko baragwana baryana inzara, abisinziririye, &#8230; tutirengagije n\u2019abasiba ntitubimenye kuko ata kibanza umunyeshure agira yicaramwo, babitanguranwa bivanye n\u2019abatanze abandi gushika.\u00bb<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"MDfNHY54TD\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ubukene-abigisha-indero-ruyigi-gitega-karusi\/\">Mu Burundi, ku mashure atari make haracibonekeza ubukene bw\u2019abigisha<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; clip: rect(1px, 1px, 1px, 1px);\" title=\"\u00ab\u00a0Mu Burundi, ku mashure atari make haracibonekeza ubukene bw\u2019abigisha\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ubukene-abigisha-indero-ruyigi-gitega-karusi\/embed\/#?secret=nkXNVilZHj#?secret=MDfNHY54TD\" data-secret=\"MDfNHY54TD\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Mu Ruyigi hari aho ibirasi birengerwa&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibitigiri vy\u2019abanyeshure batangura amashure mu Ruyigi biri hejuru. Utwigoro Reta y\u2019Uburundi ikora two kwubaka amashure, gutanga abigisha hamwe n\u2019ibikenewe kugira abanyeshure bige mu buryo butuma baronka inyigisho z\u2019akanovera har\u2019aho turengerwa. Ivyo vyose rero ngo vyoba bituruka ku rugero rw\u2019umurindi wo kuvyara rwibonekeza mu miryango rwoba ari runini. Bishikirizwa na D\u00e9nis Irabembereza umuyobozi w\u2019indero ajejwe abakozi muri iyo ntara.Hari aho ibirasi birengerwa. Kw\u2019ishure shingiro rya Kabuyenge riri muri komine Gisuru, barahevye bagira Kabuyenge I na Kabuyenge II. Muri uwu mwaka w\u2019ishure wa 2020-2021, ngo bagiye kwikebuka basanga mu mwaka wa mbere gusa, bafise abanyeshure barenga 400. Umuyobozi kw\u2019iryo shure akamenyesha ko umwigisha ashobora gukurikirana abanyeshure barenga 100. Mbere ngo barahevye babashira mu migwi na yo irarengerwa kugeza n\u2019aho bariko bariyumvira ko bokwigisha igitondo n\u2019ikigoroba. Amenyesha kandi ko ubwinshi bw\u2019abanyeshure bujana n\u2019ubukene bw\u2019intebe kuko n\u2019izo baba bafise usanga ziguma zivunagurika.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>I Karusi ho &#8230; ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi w\u2019indero ajejwe abakozi mu ntara ya Karusi G\u00e9rard Ninziza, avuga ko muri rusangi bafise ikibazo c\u2019intebe. Ariko ngo baguma bagirana inama n\u2019abavyeyi baraba uko bokwiyungunganya bagakoresha izo baba bafise zononekaye. Patrice Nahimana umuyobozi w\u2019ishure shingiro Kigoma, avuga ko bahanzwe n\u2019ubukene bw\u2019intebe. Kuva mu mwaka wa 2008 iryo shure ryugururwa, ngo intebe ryatanguranye n\u2019ubu ni zo rigifise. Zirononekara, zikanyagabuka, ubuyobozi bw\u2019ishure akaba aribwo buguma buzisanuza. N\u2019ubwo iryo shure rifise ibirasi 6 gusa ririmwo abanyeshure 496, abo na bo bakaba bicara ari 3 ku ntebe. Uwo muyobozi avuga ko bafise n\u2019ikibazo c\u2019aho abanyeshure barangiza umwaka wa gatandatu babandaniriza kuko gushika ubu, abaheza uwo mwaka wa gatandatu baca barungikwa ku yandi mashure. Agasaba rero ko abobishobora bomufasha kuhubaka ibirasi bishika mu mwaka w\u2019icenda.Muri rusangi, ikibazo c\u2019igwirirana ry\u2019abanyeshure ku mashure ni co gituma ubukene bw\u2019intebe bwibonekeza, ibirasi bigakeha, abigisha bakarengerwa eka mbere n\u2019abana ntibategere neza ivyigwa kuko baguma basamara mw\u2019ishure, bagasiba, &#8230;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibitigiri vy\u2019abanyeshure biri hejuru mu mashure bituma abana biga bicaranyeko ku ntebe, kandi ntibakurikire neza umwigisha. Hari abana usanga bisinziririye mu gihe c\u2019ivyigwa, abandi bagasiba mw\u2019ishure umwigisha ntabimenye ngo abakurikiranire hafi. Mu ntara ya Gitega, abana barahimirizwa kwiga nk\u2019uko biri n\u2019ahandi hose. Kandi akamo baterwa barakitabira kuko bibonekera mu birasi bahuriramwo baje kwiga. Ibitigiri vyabo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6241,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[39,165,82],"coauthors":[189],"class_list":["post-6240","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-gitega","tag-karusi","tag-ruyigi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6240","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6240"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6240\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6243,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6240\/revisions\/6243"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6241"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6240"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6240"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6240"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6240"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}