{"id":6230,"date":"2021-03-25T15:47:24","date_gmt":"2021-03-25T14:47:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6230"},"modified":"2023-08-16T17:18:45","modified_gmt":"2023-08-16T15:18:45","slug":"burundi-ubukene-abigisha-indero-ruyigi-gitega-karusi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ubukene-abigisha-indero-ruyigi-gitega-karusi\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, ku mashure atari make haracibonekeza ubukene bw\u2019abigisha"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Umwaka w\u2019ishure wa 2020-2021 uri mu gice cawo ca mbere. Abanyeshure co kimwe n\u2019abigisha bari ku kivi. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo, intara zitari zike mu Burundi ziravugwamwo ikibazo c\u2019ubuke bw\u2019abigisha, ubwinshi bw\u2019abanyeshure n\u2019ibindi. Uruganda Jimbere rwarishikiye mu ntara ya Gitega, Ruyigi na Karusi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu bisanzwe, ngo umwigisha agenewe kwigisha amasaha 18 ku ndwi. Ariko hari aho usanga abigisha barenza amasaha 24 ku ndwi. Kandi ngo kugira umwigisha yumve ko ariko arigisha yongera akurikirana abanyeshure neza, ngo nuko aba ari mw\u2019ishure ritarenza abana 50. Mugabo ku mashure menshi umwigisha 1 arashobora kuba afise umugwi urimwo abanyeshure bashika 100. Ivyo vyose bituruka ku buke bw\u2019ibirasi n\u2019abigisha ku mashure. Mu ntara ya Gitega, ubukene bw\u2019abigisha butuma bikora ku bahejeje amashure batagira akazi. Tite Sinzo, umuyobozi w\u2019indero ajejwe abakozi mu ntara ya Gitega amenyesha ko, gushika mu mpera z\u2019umwaka w\u2019ishure wa 2019-2020, bari bafise amashure shingiro 339 yigamwo abanyeshure 231.463. Abigisha bamaho (Enseignants \u00e0 temps plein) bigisha muri ayo mashure bangana na 4524, abakutsakivi (vacateurs) 44, hamwe n\u2019abakorerabushake (b\u00e9n\u00e9voles) 426 baba barasahiriza kugira abanyeshure bo muri iyo ntara ntibarare umwaka w\u2019ishure.Sinzo amenyesha kandi ko muri iyo ntara bafise amashure y\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro angana na 126 yigamwo abanyeshure 18.634. Abigisha bamaho bahigisha ni 1.106, abakutsakivi 174 hamwe n\u2019abakorerabushake 195. Uyo muyobozi ajejwe abakozi akishimira ko muri uwu mwaka w\u2019ishure wa 2020-2021, baheruka kuronka abigisha bashasha 32 bo mu mashure shingiro, hamwe n\u2019abandi 51 bo mu mashure y\u2019inyuma y\u2019ihure shingiro.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu ntara ya Ruyigi ho vyifashe gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku mitumba yose yo mu ntara ya Ruyigi hari amashure. Abigisha, Reta irabatanga nk\u2019uko biri no mu zindi ntara n\u2019ubwo bataba ari benshi cane. Mugabo ngo kubera umurindi w\u2019abana batangura ku mashure ari munini, abigisha bararengerwa bakaba bake. Afatiye kuri roporo ya kozwe mu ntango z\u2019umwaka w\u2019ishure wa 2020-2021, D\u00e9nis Irabembereza umuyobozi w\u2019indero ajejwe abakozi mu ntara ya Ruyigi avuga ko muri iyo ntara, hari amashure shingiro 246. Abanyeshure bayarimwo banganana 120.048 bagizwe n\u2019abakobwa 59.992. Abarezi bahigisha ni 2581, ariko harimwo abakenyezi 2201.Uwo muyobozi ajejwe abakozi mu buyobozi bw\u2019indero mu ntara ya Ruyigi anamenyesha kandi ko mu mashure y\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro bafise amashure 48. Muriyo, abigisha ni 403 bagizwe n\u2019abakenyezi 63. Abanyeshure bahiga ni 7649 harimwo abakobwa 3847. D\u00e9nis Irabembereza rero amenyesha ko muri uwu mwaka w\u2019ishure wa 2020-2021 baronkejwe abigisha bashasha 41 mu gihe abigisha bashasha bari bakenewe muri iyo ntara bangana na 332.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>N\u2019i Karusi, abigisha ntibakwiye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta muntu n\u2019umwe akurikirana amakuru y\u2019indero atazi intara ya Karusi. Iyi, imaze imyaka 3 yikurikiranya mu kuba iya mbere mu bibazo vya Reta vyose ku rwego rw\u2019igihugu. Kandi iri mu ntara zirimwo abanyeshure bake mu Burundi. Ariko, co kimwe n\u2019ahandi, intara ya Karusi na yo ngo ntiyikwije ku bigisha. G\u00e9rard Ninziza, umuyobozi ajejwe abakozi mu buyobozi bw\u2019indero mu ntara ya Karusi, amenyesha ko, ku birasi 1790 biri mu mashure shingiro 191 higamwo abanyeshure 130 617. Abigisha bigisha muri ivyo birasi bakaba bangana na 1781.Ku birasi 190 biri mu mashure 42 y\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro, harimwo abanyeshure 7261 bigishwa n\u2019abigisa 363. G\u00e9rard Ninziza akamenyesha ko, ku bigisha bose hamwe barenga 250 bari bakeneye muri iyo ntara, muri uyu mwaka w\u2019ishure wa 2020-2021 baronse abigisaha bashasha 39 gusa.Abo bayobozi b\u2019indero bajejwe abakozi mu ntara, bamenyesha ko, ikibazo c\u2019igwirirana ry\u2019abana bavuka mu ngo, ari co gituma ibitigiri vy\u2019abana bandikwa ku mashure ku mwaka ku mwaka biba umurengera. Ivyo rero bigatuma n\u2019abigisha baguma bakeha.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umwaka w\u2019ishure wa 2020-2021 uri mu gice cawo ca mbere. Abanyeshure co kimwe n\u2019abigisha bari ku kivi. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo, intara zitari zike mu Burundi ziravugwamwo ikibazo c\u2019ubuke bw\u2019abigisha, ubwinshi bw\u2019abanyeshure n\u2019ibindi. Uruganda Jimbere rwarishikiye mu ntara ya Gitega, Ruyigi na Karusi. Mu bisanzwe, ngo umwigisha agenewe kwigisha amasaha 18 ku ndwi. Ariko hari [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6231,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[39,165,82,135],"coauthors":[189],"class_list":["post-6230","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-gitega","tag-karusi","tag-ruyigi","tag-unicef"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6230","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6230"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6230\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6232,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6230\/revisions\/6232"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6231"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6230"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6230"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6230"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6230"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}