{"id":6226,"date":"2021-03-23T11:48:09","date_gmt":"2021-03-23T10:48:09","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=6226"},"modified":"2021-03-23T11:56:27","modified_gmt":"2021-03-23T10:56:27","slug":"isuku-mu-banyeshure-umuco-ukwiye-gutsimbatara-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/isuku-mu-banyeshure-umuco-ukwiye-gutsimbatara-burundi\/","title":{"rendered":"Isuku mu banyeshure : umuco ukwiye gutsimbatara"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe hari indwara nyishi zituruka kw\u2019isuku rike, abanyeshure bo ku mashure yo mu Burundi, barahimirizwa gukora isuku aho biga no mu bibanza vy\u2019ubwiherero. Eka baranahimirizwa gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabune kenshi gashoboka mu ntumbero yo kwikingira ikiza Covid19.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku mashure atari make usanga ikibazo c\u2019isuku ahanini gihagaze ku tuzu twa surwumwe. Aho udasanze ari duke tudashobora gukwira abana, usanga twaruzuye. Umunuko uva muri two ariwo ukwakira ukihegera. ikindi kibazo kenshi usanga gihagaze ku bukene bw\u2019amazi canecane ku mashure ari mu mitumba, aho usanga ata mabomba ahari. Ariko naho ahenshi ivyo bibazo bihibonekeza, amashure aritunganya, akamenya ingene ahangana n\u2019ikibazo c\u2019isuku. I Gitega, kw\u2019ishure shingiro Musinzira II, hari ikibazo c\u2019utuzu twa surwumwe. Abahungu bafise akazu ka surwumwe karimwo udutoboro tw\u2019umwanda mukuru 2 hamwe n\u2019akaringoti k&rsquo;umwanda muto 1. N\u2019abakobwa ni uko nyene. Abanyeshure bamwebamwe bihagarika inyuma yatwo canke mu bitoke bihari. Ico ni ikibazo gikomeye. Ariko n\u2019ubwo bimeze ukwo, abana barahimirizwa kwama bariko barasukura ico kibanza c\u2019ubwiherero mu kuhakoropa, batibagiye no gukoropa mu birasi bigamwo. No kuri Lyc\u00e9e Notre Dame de la Sagesse i Gitega, abana co kimwe n\u2019ishure baragerageza kwama bitwararika isuku mu mashure n\u2019ahandi hose ikenewe. Iyo amazi acitse, ngo hari umuduga w\u2019ishure ucuza kuvoma amazi akoreshwa mu guteka imfungurwa z\u2019abanyeshure, mbere no mu mwanya atari uw\u2019ivyigwa, iyo ata mazi ahari abana ngo baraja kuyivomera mu mwonga uhegereye. Gutyo bakama bashira mu ngiro umuco wo gukora isuku badashize inyuma gukaraba kenshi iminwe bakoresheje isabune n\u2019amazi meza.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/03\/Se-laver-les-mains-2-683x1024.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-6228\" width=\"312\" height=\"468\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/03\/Se-laver-les-mains-2-683x1024.jpg 683w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/03\/Se-laver-les-mains-2-200x300.jpg 200w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/03\/Se-laver-les-mains-2-768x1151.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/03\/Se-laver-les-mains-2-1025x1536.jpg 1025w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2021\/03\/Se-laver-les-mains-2.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 312px) 100vw, 312px\" \/><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p><strong>Baragerageza kwirinda Covid19 ku mashure<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubwo bitoroshe kubera ubwinshi bw\u2019abanyeshure, ariko abanyeshure n\u2019abigisha baragerageza kwitwararika gukaraba amazi meza n\u2019isabune ku mwanya ku mwanya. Kwicara basize imetero hagati y\u2019umwana n\u2019uwundi canke gukina badakoranako n\u2019ivyo bibagora kubera usanga ari benshi mu birasi. Kw\u2019ishure shingiro Rutimbura riri mu Ruyigi, abana barakaraba imbere yuko binjira mw\u2019ishure. Isabune ni ishure ryitunganya rikayigura hama abanyeshure bakaza barakaraba. Umuyobozi n\u2019abigisha baragerageza kuguma bahimiriza abaregwa babo kudafata minenerwe uwo muco wo kwama bariko barisukura.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019abanyeshure b\u2019i Karusi, isuku ry\u2019aho biga no kwitwararika amabwirizwa y\u2019isuku mu ntumbero yo kwikingira indwara zituruka kw\u2019isuku rike na Covid19 biri mu vyo bitwararika. Kukabankako amashirahamwe nka Unicef Burundi, Worldvision, Croix-Rouge na ActionAid baratanze ku mashure yo mu Burundi ibikoresho bigizwe n\u2019indobo n\u2019ingunguru zo kubikamwo amazi abana bazana, bakoresha mu bikorwa vy\u2019isuku. Kw\u2019ishure shingiro Kigoma riri i Karusi, nta mwana n\u2019umwe yokwinjira mw\u2019ishure adakaravye. Eka nta n\u2019uwokora ku wundi mu gihe atakaravye iminwe n\u2019amazi meza n\u2019isabuni. Kandi isabuni ikoreshwa igurwa n\u2019ubuyobozi bw\u2019ishure. Rero haba ku mashure canke mu ngo, abanyeshure bahamagarirwa kubandanya bitwararika ikibazo c\u2019isuku, kuko umunyeshure yiga neza mu gihe afise amagara meza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe hari indwara nyishi zituruka kw\u2019isuku rike, abanyeshure bo ku mashure yo mu Burundi, barahimirizwa gukora isuku aho biga no mu bibanza vy\u2019ubwiherero. Eka baranahimirizwa gukaraba n\u2019amazi meza n\u2019isabune kenshi gashoboka mu ntumbero yo kwikingira ikiza Covid19. Ku mashure atari make usanga ikibazo c\u2019isuku ahanini gihagaze ku tuzu twa surwumwe. Aho udasanze ari duke [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":6227,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[39,165,82,135],"coauthors":[189],"class_list":["post-6226","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-gitega","tag-karusi","tag-ruyigi","tag-unicef"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6226","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=6226"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6226\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6229,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/6226\/revisions\/6229"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/6227"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=6226"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=6226"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=6226"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=6226"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}